Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 33

Ashitsa ubuhanuzi bwa Yesaya

Ashitsa ubuhanuzi bwa Yesaya

MATAYO 12:15-21 MARIKO 3:7-12

  • AMASINZI AHUNDARA KURI YEZU

  • ASHITSA UBUHANUZI BWA YESAYA

Yezu amaze kwumva ko Abafarizayo n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi bashaka kumwica, aca yigira ku Kiyaga c’i Galilaya ari kumwe n’abigishwa biwe. Amasinzi y’abantu araza kuri we avuye i Galilaya, mu bisagara vya Tiro na Sidoni biri ku nkengera y’ikiyaga, mu buseruko bw’Uruzi Yorodani, i Yeruzalemu no muri Idumeya epfo mu bumanuko. Yezu arakiza benshi muri bo. Ivyo bituma abafise indwara zikomeye bamuhundarako. Aho kurindira ngo Yezu abakoreko, baguma bagundana ngo bamukoreko.​—Mariko 3:9, 10.

Abantu ni benshi ku buryo Yezu asaba abigishwa biwe kumuronderera ubwato butoyi kugira yigirwe mu kiyaga maze bareke kumuhundarako. Ivyo bituma kandi ashobora kubigisha ari mu bwato canke akungururiza ahandi kuri iyo nkengera kugira afashe n’abandi bantu.

Umwigishwa Matayo avuga yuko ico gikorwa ca Yezu gishitsa “ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi.” (Matayo 12:17) None ni ubuhanuzi ubuhe Yezu arangura?

Ni ubuhanuzi bugira buti: “Ehe umusavyi wanje natoye, umukundwa wanje, uwo umutima wanje washimye! Nzoshira impwemu yanje kuri we, kandi azotomorera amahanga ubutungane ico ari co. Ntazotongana canke ngo avuze urwamo, eka nta n’uwuzokwumva ijwi ryiwe mu mayira yagutse. Ntazojanjagura irenga rimenetse, kandi ntazozimya urutambi ruyenga, kugeza ashikanye ubutungane ku ntsinzi. Egome, izina ryiwe ni ryo amahanga azokwizigira.”​—Matayo 12:18-21; Yesaya 42:1-4.

Yezu ni we musavyi akundwa n’Imana, uwo yashimye. Yezu aratomora ubutungane nyakuri ico ari co, na bwo bukaba buriko burapfukiranywa n’imigenzo y’idini ry’ikinyoma. Kubera yuko Abafarizayo basigura amategeko y’Imana uko bishakiye, ntibatabara n’umuntu arwaye kw’Isabato! Yezu araremurura abantu iyo migenzo ibacinyiza mu kwerekana ubutungane bw’Imana ico ari co no mu kubereka ko impwemu y’Imana iri kuri we. Ivyo bituma abakuru b’idini barondera kumwica. Ese ukuntu bibabaje!

None amajambo ngo “ntazotongana canke ngo avuze urwamo, eka nta n’uwuzokwumva ijwi ryiwe mu mayira yagutse” asigura iki? Igihe Yezu akijije abantu, ntabemerera ‘kumumenyekanisha,’ eka mbere n’amadayimoni ntayemerera kugira ico kintu. (Mariko 3:12) Ntashaka ko abantu bamenya ivyiwe biciye ku rukurukuru rwo mw’ibarabara canke ku bihuha.

Vyongeye, Yezu ashikiriza ubutumwa buhumuriza abantu bameze nk’irenga rivunitse, ryamenetse kandi ryahonyanzwe. Bameze nk’urutambi ruyenga, hasigaye gato rukadegera. Yezu ntajanjagura irenga rimenetse canke ngo ahohoshe akabeya k’urutambi kagira kazime. Ahubwo riho, abigiranye urukundo n’ikibabarwe, araremesha abo bantu baciye bugufi. Emwe, Yezu ni we amahanga akwiye kwizigira!