Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 60

Berekwa ubuninahazwa bwa Kristu

Berekwa ubuninahazwa bwa Kristu

MATAYO 16:28–17:13 MARIKO 9:1-13 LUKA 9:27-36

  • YEZU AHINDUKA UKUNDI

  • INTUMWA ZUMVA IJWI RY’IMANA

Igihe Yezu ariko arigisha abantu mu ntara ya Sezariya ya Filipo nko ku bilometero 25 uvuye ku Musozi Herumoni, aravuga amajambo atangaza cane intumwa ziwe. Agira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona Umwana w’umuntu aza mu bwami bwiwe.”​—Matayo 16:28.

Abigishwa bategerezwa kuba bibaza ico Yezu ashatse kuvuga. Haciye nk’indwi imwe, Yezu ahitana batatu mu ntumwa ziwe ari bo Petero, Yakobo na Yohani, bakaduga ku musozi muremure. Bisa n’uko ari mw’ijoro kuko abo bagabo batatu bariko barahunyiza. Mu gihe Yezu ariko arasenga, ahinduka ukundi imbere yabo. Intumwa ziwe zibona mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe na zo zikayangana nk’umuco uca ibibatsi.

Haca haboneka abantu babiri, ari bo “Musa na Eliya.” Batangura kuvugana na Yezu ibijanye n’“ukugenda kwiwe yabwirizwa gushitsa i Yeruzalemu.” (Luka 9:30, 31) Biboneka ko ukwo kugenda gusobanura urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe yaheruka kubwira abigishwa biwe. (Matayo 16:21) Ico kiyago kirerekana ko urupfu rw’agashinyaguro rurindiriye Yezu atari ikintu akwiye guhunga nk’uko Petero yari yabimuhimirije.

Ubu rero ko ibitirotiro vyaheze, izo ntumwa zitatu zirihweza zikongera zikumviriza zitamariwe. Naho ivyo ari ibintu berekwa nko mu ndoto, biboneka nk’ibintu biriko biraba vy’ukuri ku buryo Petero atangura kubigiramwo uruhara. Avuga ati: “Rabi, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya.” (Mariko 9:5) Ubwo Petero ntiyoba ashaka gushinga ayo mahema kugira ngo iryo yerekwa ribandanye kandi gatoyi?

Petero akiriko aravuga, igicu gikayangana kirabatwikira maze hakumvikana ijwi rivuye muri nya gicu rigira riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.” Nya ntumwa ngo zumve iryo jwi ry’Imana, zigwa zubamye zatekewe n’ubwoba, mugabo Yezu arabaremesha ati: “Haguruke, kandi ntimutinye.” (Matayo 17:5-7) Nya ntumwa zihagurutse, nta wundi muntu zibona atari Yezu. Iyerekwa ryamaze kurangira. Nuko buraca, maze bariko baramanuka wa musozi, Yezu abategeka ati: “Ntihagire uwo mubwira ivy’iryo yerekwa gushika Umwana w’umuntu azuwe mu bapfuye.”​—Matayo 17:9.

Iryo yerekwa ririmwo Eliya rituma intumwa zigira ikibazo. Zibaza Yezu ziti: “Ni kubera iki none abanditsi bavuga yuko Eliya ategerezwa kubanza kuza?” Yezu abishura ko “Eliya yamaze kuza ntibamumenya.” (Matayo 17:10-12) Yezu ashaka kuvuga Yohani Umubatizi, kuko yaranguye uruhara rusa n’urwa Eliya. Eliya yateguriye inzira Elisha, Yohani na we ayitegurira Kristu.

Ese ukuntu iryo yerekwa rikomeza Yezu n’intumwa ziwe! Iyo ni imponjo y’ubuninahazwa Kristu azoba afise mu Bwami bwiwe. Ni nk’aho rero abigishwa babonye “Umwana w’umuntu aza mu bwami bwiwe,” nk’uko Yezu yari yabisezeranye. (Matayo 16:28) Igihe bari ku musozi “[ba]riboneye ugukayangana kwiwe.” Abafarizayo bari basavye Yezu ikimenyetso cerekana ko ari we yobaye Umwami yagenywe n’Imana, ariko nta co yabahaye. Ariko rero, abigishwa Yezu yitoreye barerekwa ubuninahazwa bwiwe, ivyo bikaba vyemeza ivyavuzwe mu buhanuzi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Ni co gituma Petero yahavuye yandika ati: “Turafise ijambo ry’ubuhanuzi ryagizwe ntakekeranywa kuruta.”​—2 Petero 1:16-19.