Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 63

Yezu aha intumwa izindi mpanuro zihambaye

Yezu aha intumwa izindi mpanuro zihambaye

MATAYO 18:6-20 MARIKO 9:38-50 LUKA 9:49, 50

  • IMPANURO KU BIJANYE NO GUTSITAZA ABANDI

  • IGIHE UMUVUKANYI ACUMUYE

Yezu ahejeje kwerekana agatima abayoboke biwe bakwiye kugira. Bakwiye kumera nk’abana, bakifata ruto nk’abantu badahambaye. Abigishwa bakwiye ‘kwakira abo bana batoyi mw’izina ryiwe, gutyo bakaba bakiriye na Yezu.’​—Matayo 18:5.

Intumwa zari zamye ziraharira ku bijanye n’umukuru uwo ari we hagati yabo. Zishobora rero kuba zibona ko Yezu avuze ayo majambo kugira azikosore. Intumwa Yohani aca avuga ikindi kintu cari gihejeje kuba, ati: “Twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza, kubera atari kumwe natwe.”​—Luka 9:49.

Yohani yoba abona ko intumwa zonyene ari zo zifise uburenganzira bwo gukiza abandi no kwirukana amadayimoni? Nimba ari uko biri, bishoboka gute ngo uwo Muyuda ashobore kwirukana amadayimoni? Yohani abona ko uwo mugabo atari akwiye gukora ibitangaro kubera ko atifatanya na Yezu n’intumwa ziwe.

Yohani aratangara yumvise Yezu avuze ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko ata n’umwe azokora igikorwa c’ububasha mw’izina ryanje ngo ace ashobora kuntuka ningoga; kuko uwutaturwanya adushigikiye. Kuko uwo wese abaha igikombe c’amazi yo kunywa kubera ko muri aba Kristu, ni ukuri ndabibabwiye, ntazogenda abuze impembo yiwe.”​—Mariko 9:39-41.

Ico gihe ntivyari bikenewe ko uwo mugabo akurikira Kristu kugira yerekane ko amushigikiye. Ishengero rya gikirisu ntiryari bwashingwe. Ku bw’ivyo, kuba uwo mugabo atariko arakurikira Yezu ntibisobanura ko amurwanya canke ko ashigikiye idini ry’ikinyoma. Biboneka ko uwo mugabo yizera izina rya Yezu, kandi ivyo Yezu avuga birerekana ko azoronka impembo yiwe.

Ku rundi ruhande, vyobaye bigoye hamwe uwo mugabo yotsitazwa n’ivyo intumwa zivuga hamwe n’ivyo zikora. Yezu avuga ati: “Uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi bemera, yopfuma ashirwa mw’izosi urusyo nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, agatererwa vy’ukuri mu kiyaga.” (Mariko 9:42) Yezu aca avuga ko abayoboke biwe bakwiye guheba mbere n’ikintu c’agaciro nk’ikiganza, ikirenge canke ijisho hamwe coba kibatsitaza. Umuntu yopfuma yinjira mu Bwami bw’Imana adafise ico kintu c’agaciro hako akigumana mugabo akaja muri Gehinomu (Umwonga wa Hinomu). Intumwa zishobora kuba zari zimaze kubona uwo mwonga batuririramwo umwavu iruhande y’i Yeruzalemu, zikaba rero zishobora gutahura ko ugereranya ukurandurwa buhere.

Yezu agabisha kandi ati: “Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru.” None abo “batoyi” Se wiwe abaha agaciro kangana iki? Yezu atanga akarorero k’umuntu afise intama 100 mugabo agatakaza imwe muri zo. Uwo muntu arasiga izo ntama 99 akagenda kurondera iyo imwe yatakaye, kandi ayitoye iramutera umunezero kuruta zimwe 99. Yezu yongerako ati: “Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.”​—Matayo 18:10, 14.

Kumbure yibutse ukuntu intumwa ziwe zamye ziharira ku wobaye mukuru, Yezu abahimiriza ati: “Mugire umunyu muri mwebwe kandi mugumane amahoro hagati yanyu.” (Mariko 9:50) Umunyu uraryosha ibifungurwa. Imvugo irunze umunyu iratuma abandi bahimbarwa n’ivyo tuvuga kandi irashobora gutuma tugiranira amahoro, ivyo tukaba tutobishikako twishinze impari.​—Abakolosayi 4:6.

Birashika hakaduka ingorane zikomeye, kandi Yezu arerekana ingene twozitorera umuti. Avuga ati: “Nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu.” Vyogenda gute none atumvirije? Yezu ahanura ati: “Nuhitane wundi umwe canke babiri, kugira ikintu cose gishingwe bivuye ku ntahe ishinzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu.” Iyo ngorane itavuye mu nzira, boca babimenyesha “ishengero,” ni ukuvuga abakurambere bashoboye gufata ingingo. None vyogenda gute uwo mucumuzi atabumvirije? Yezu avuga ati: “Kuri wewe nabe nk’umunyamahanga n’umutozakori,” abo bakaba ari abantu Abayuda batifatanya na bo.​—Matayo 18:15-17.

Abakurambere b’ishengero barakwiye kwisunga Ijambo ry’Imana. Basanze umucumuzi yagirwa n’icaha kandi akaba akeneye gukosorwa, urubanza baciye ruzoba ari rwo rwaciwe mw’ijuru, mu yandi majambo, ivyo baboshe “bizoba ari ivyaboshwe mw’ijuru.” Ariko basanze ata kimwagira, ivyo babohoye bizoba ari “ivyabohowe mw’ijuru.” Iyo mpanuro yofashije cane ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa. Mu gihe co kwicarira mwene ivyo bibazo bihambaye, Yezu avuga ati: “Aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, mba ndahari hagati yabo.”​—Matayo 18:18-20.