Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 32

Ni ibiki vyemewe gukorwa kw’Isabato?

Ni ibiki vyemewe gukorwa kw’Isabato?

MATAYO 12:9-14 MARIKO 3:1-6 LUKA 6:6-11

  • AKIZA UMUNTU ARWAYE UKUBOKO KW’ISABATO

Ku yindi Sabato, Yezu araja kw’isinagogi, bikaba bishoboka ko ari i Galilaya. Ahasanga umugabo yanyunyutse ukuboko kw’ukuryo. (Luka 6:6) Abanyabwenge b’ivyanditse n’Abafarizayo bariko barihweza Yezu bitonze. Uti kubera iki? Intumbero bafise iraja ahabona igihe babaza bati: “Mbega biremewe gukiza kw’isabato?”​—Matayo 12:10.

Abakuru b’idini ry’Abayuda bavuga ko vyemewe gukiza kw’Isabato igihe gusa ubuzima buri mu kaga. Nk’akarorero, bavuga yuko kw’Isabato bitemewe kwunga igufa canke gutenga aho umuntu yahinyagaye, ngo kubera ko ubuzima butaba bugeramiwe. Abanyabwenge b’ivyanditse n’Abafarizayo rero ntibabajije ico kibazo kubera bababaye uwo muntu asinzikaye. Bariko barondera aho bokura Yezu.

Yamara rero, Yezu arazi ko ivyiyumviro vyabo vyononekaye. Arabona ko barenza urugero kandi baca kubiri n’Ivyanditswe mu kuntu batahura itegeko ribuza gukora kw’Isabato. (Kuvayo 20:8-10) Si bwo bwa mbere banebagura ibikorwa vyiza akora. Ubu rero Yezu agira akore ikintu gituma haba impari zikomeye. Abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uze hagati.”​—Mariko 3:3.

Yezu arahindukira akabwira abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise intama imwe, maze yagwa mu cobo kw’isabato ntayifate ngo ayikureyo?” (Matayo 12:11) Kubera yuko intama ari umutahe, ntiboyirekera mu cobo ngo irareyo gushika bukeye. Yohava ipfa bakaba bahomvye. Uretse n’ivyo, Ivyanditswe bigira biti: “Umugororotsi aritaho ubuzima bw’igitungwa ciwe.”​—Imigani 12:10.

Afatiye kuri ico kigereranyo cumvikana, Yezu agira ati: “Ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.” (Matayo 12:12) Na Yezu rero nta kibi yoba akoze akijije uwo muntu kw’Isabato. Abo bakuru b’idini ntibashobora guhakana ico ciyumviro cumvikana kandi kigaragaza impuhwe. Ntibasubira gukurako umunwa.

Yezu areraguza irya n’ino ashavuye, atuntujwe n’ivyiyumviro vyabo vyononekaye. Abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” (Matayo 12:13) Nya mugabo araramvura nya kuboko kugaca gukira. Ivyo biratuma ahimbarwa cane. None abarwanya Yezu bobo bavyakira gute?

Aho guhimbarwa n’uko uwo muntu akize, abo Bafarizayo barasohoka buno nyene bagatangura kuja inama yo kwica Yezu “bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi.” (Mariko 3:6) Mu banywanyi b’uwo mugambwe harimwo n’Abasadukayo. Mu bisanzwe, Abasadukayo n’Abafarizayo ntibacana uwaka, ariko ubu barunga urunani kugira barwanye Yezu.