Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 39

Iyaruka ry’intabarirwa riragowe

Iyaruka ry’intabarirwa riragowe

MATAYO 11:16-30 LUKA 7:31-35

  • YEZU YAGIRIZA IBISAGARA BIMWEBIMWE

  • AHUMURIZA ABANTU AKONGERA AKABARUHURIRA

Yezu arubaha cane Yohani Umubatizi. Ariko none abandi bantu bamubona gute? Yezu avuga ati: “Iri yaruka . . . rimeze nk’abana batoyi bicaye mu tuguriro basemerera babwira abo bakinana bati: ‘Twabavugirije umwironge, ntimwatamba; twaboroze, ntimwikubitagura ku gikiriza kubera intuntu.’”​—Matayo 11:16, 17.

Yezu ashaka kuvuga iki none? Aratomora iciyumviro ati: “Yohani yaje atarya, atanywa, yamara abantu bavuga ngo: ‘Arimwo idayimoni’; Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugabo abantu bavuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi.’” (Matayo 11:18, 19) Yohani yabayeho nk’Umunaziri, mbere akirinda n’umuvinyu, yamara abantu bakavuga ngo arimwo dayimoni. (Guharūra 6:2, 3; Luka 1:15) Yezu wewe abaho nk’abandi bose. Arigerera mu gufungura no mu kunywa, ariko bamwagiriza ngo ararenza urugero. Ewe kuntu abantu bagoye gushimisha!

Iryo yaruka Yezu arigereranya n’abana batoyi bari mu tuguriro banka gutamba mu gushigikira abandi bana bariko bavuza umwironge canke bakanka kuboroga mu gihe abandi bariko baracura intimba. Yezu avuga ati: “Ariko ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:16, 19) Ego cane, “ibikorwa,” ni ukuvuga ikimenyamenya Yezu na Yohani batanze, birerekana ko ivyo babagiriza ari ibinyoma.

Yezu ahejeje kuvuga ko abo bantu ari intabarirwa, aca akarira ibisagara vya Korazini, Betsayida na Kaperinawumu, ari na vyo yakoreyemwo ibitangaro. Avuga yuko iyo akorera ivyo bitangaro mu bisagara vya Tiro na Sidoni vy’i Fenisiya, ivyo bisagara biba vyarigaye. Aradoma urutoke no ku gisagara ca Kaperinawumu, ico amaze igihe aranguriramwo igikorwa ciwe. No ng’aho nyene, abantu benshi ntibamwakiriye. Ku vyerekeye ico gisagara, Yezu avuga ati: “Ku Musi w’Urubanza ivy’igihugu ca Sodomu bizoba ibigendeka kuruta ivyawe.”​—Matayo 11:24.

Yezu aca ashemeza Se wiwe kubera yuko ukwo kuri kw’agaciro aguhisha “inkerebutsi n’incabwenge” mugabo akaguhishurira abantu batobato, bameze nk’abana. (Matayo 11:25) Abantu mwene abo abaha ubutumire bweza umutima bugira buti: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.”​—Matayo 11:28-30.

None Yezu aruhurira abantu gute? Abakuru b’amadini barakandamiza abantu mu gutuma baba abaja b’imigenzo, nka ya mategeko y’amananiza ajanye n’Isabato. Yezu wewe arabaruhurira mu kubigisha ukuri kwerekeye Imana kutandujwe n’iyo migenzo. Arerekana kandi icohumuriza abantu baruhijwe n’intwaro za politike hamwe n’abaremerewe kubera ivyaha. Egome, Yezu arabereka ingene bashobora kubabarirwa ivyaha vyabo n’ingene bosubiza hamwe n’Imana.

Abo bose bemera ingǒgo ya Yezu itavuna barashobora kwiyegurira Imana maze bagakorera Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yuzuye impuhwe n’ikigongwe. Ivyo si amananiza kubera yuko amategeko y’Imana atari umuzigo.​—1 Yohani 5:3.