Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 47

Azura akana k’akigeme

Azura akana k’akigeme

Yayiro arabona ko Yezu akijije wa mugore yari arwaye indwara yo kuva amaraso. Nta nkeka rero ko Yezu ashoboye no gukiza umukobwa wiwe, naho yibaza ko “ubu umukobwa [wiwe] ategerezwa kuba amaze gupfa.” (Matayo 9:18) None vyoba bigishoboka ko amufasha?

Yezu akiriko aravugana na wa mugore yakiza, hari abagabo baza bavuye kwa Yayiro maze bakamubwira bati: “Umukobwa wawe yapfuye!” Bongerako bati: “Uracagorera iki umwigisha?”​—Mariko 5:35.

Mbega inkuru ivuna umutima! Uwo mugabo yahora yubahwa cane mu kibano, ariko ubu yabuze ayo acira n’ayo amira. Umwigeme w’ikinege yari afise yapfuye. Yamara rero, Yezu arumva iyo nkuru maze agahindukira, akaremesha Yayiro ati: “Ntutinye, izere gusa.”​—Mariko 5:36.

Yezu araheza akajana na Yayiro i muhira. Bashitse, bakirwa n’uruyogoyogo rwinshi. Abari ng’aho bariko bararira, baboroga bongera bikubitagura kubera umubabaro. Yezu arinjira maze akavuga amajambo atangaje ati: “Uwo mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.” (Mariko 5:39) Abantu bavyumvise bamutwengera mw’ijigo. Barazi ko uwo mukobwa yacikanye. Yamara rero, akoresheje ububasha yahawe n’Imana, Yezu agira yerekane ko bishoboka yuko umuntu azuka nka kurya nyene ashobora gukangurwa mw’itiro rinini.

Yezu aca asohora abantu bose uretse Petero, Yakobo, Yohani n’abavyeyi b’uwo mukobwa. Araheza akajana n’abo batanu aho nya mukobwa aryamye. Aramufata ukuboko, akavuga ati: “‘Talita kumi,’ bikaba bisobanura ngo: ‘Mwigeme, ndabikubwiye: Haguruka!’” (Mariko 5:41) Ubwo nyene aca ahaguruka agatangura gutambuka. Ibaze na we umunezero Yayiro n’umugore wiwe bagira babonye ico kintu! Mu kubamara amazinda ko uwo mwigeme ari muzima, Yezu ategeka ko bamuha utwo afungura.

Imbere y’aho, Yezu yarabuza abo akijije kugenda baravuga ivyo yabakoreye, kandi n’ubu ni ko abigenza. Ariko rero, kubera ko abo bavyeyi hamwe n’abandi barengewe n’umunezero, barakwiragiza iyo nkuru “muri ako karere kose.” (Matayo 9:26) None weho ntiwari kubiyagira abandi iyaba ari wewe wiboneye uwawe azutse mu bapfuye? Uyo ni umuntu agira kabiri Yezu azuye.