Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 77

Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi

Yezu atanga impanuro ku vyerekeye ubutunzi

LUKA 12:1-34

  • IKIGERERANYO C’UMUTUNZI

  • YEZU AVUGA IBIJANYE N’IBIKONA N’AMASHURWE

  • ABAGIZE “UBUSHO BUTO” BAZOTORANA UBWAMI

Igihe Yezu ariko arafungura mu nzu kwa wa Mufarizayo, abantu isinzi barakoranira hanze bamurindiriye. Ikintu nk’ico cari kimaze kumushikira i Galilaya. (Mariko 1:33; 2:2; 3:9) Ng’aho i Yudaya abantu benshi baripfuza kumubona no kumwumviriza, bakaba batandukanye na ba Bafarizayo bariko basangira inzimano na Yezu.

Amajambo Yezu aherako arahambaye cane ku bigishwa biwe. Agira ati: “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo, ari bwo bwiyorobetsi.” Yezu yari amaze gutanga iyo mpanuro, ariko ivyo abona mu gihe co gufungura biramwereka ko iyo mpanuro ikenewe cane. (Luka 12:1; Mariko 8:15) Abafarizayo baragerageza kunyegeza ububisha bwabo mu kwerekana ko bayobokera Imana, ariko rero barateye akaga ku buryo ivyabo bibereye kuja ahabona. Yezu asigura ati: “Nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazohishurwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana.”​—Luka 12:2.

Birashoboka ko benshi mu bantu bakikuje Yezu ari Abanyayudaya batamwumvise igihe yariko arigisha i Galilaya. Ni co gituma asubiramwo ivyiyumviro nyamukuru yari amaze gushikiriza. Ahimiriza abamwumviriza bose ati: “Ntimutinye abica umubiri, inyuma y’ivyo ntibashobore kugira ikindi kintu na kimwe.” (Luka 12:4) Nk’uko yari amaze kubigira, aributsa abayoboke biwe ko bakwiye kwizigira ko Imana izobaronsa ivya nkenerwa. Barakeneye kandi kwemera Umwana w’umuntu bakanatahura ko Imana ishoboye kubafasha.​—Matayo 10:19, 20, 26-33; 12:31, 32.

Umugabo umwe muri iryo sinzi araserura akamubakiye ati: “Mwigisha, bwira mwene wacu tugabure intoranwa.” (Luka 12:13) Amategeko y’Imana avuga ko umuhungu w’imfura aronka imigabane ibiri y’intoranwa, ico kibazo rero kikaba kitari gikwiye gutera impari. (Gusubira mu vyagezwe 21:17) Bisa n’uko uwo mugabo agomba ibirenze ivyo yemererwa n’amategeko. Yezu arakoresha ubwenge akanka kugira aho ahengamiye. Amubaza ati: “Wa muntu we, ni nde yanshinze kubabera umucamanza canke umugabuzi?”​—Luka 12:14.

Yezu aca ahanura abamwumviriza bose ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Naho umuntu yoba afise ibitayega, arapfa bigasigara birarya abandi. Yezu arashimika kuri ico ciyumviro mu gukoresha ikigereranyo c’intibagirwa, kikaba cerekana akamaro ko kugira izina ryiza ku Mana.

Agira ati: “Itongo ry’umuntu umwe w’umutunzi ryarimbutse neza. Aca atangura rero kwiyumvira muri we ati: ‘Nkore iki none, ubu ntafise aho ndi bwegeranirize ivyimburwa vyanje?’ Nuko avuga ati: ‘Ndabigenza ntya: Ndasambura ibigega vyanje nubake binini kuruta, abe ari ho negeraniriza intete zanje zose be n’ibintu vyiza vyanje vyose; hanyuma nzobwira umutima wanje nti: “Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe.”’ Mugabo Imana imubwira iti: ‘Wa kijuju we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe. None ibintu warunze bizoba ivya nde?’ Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi, mugabo atari umutunzi ku Mana.”​—Luka 12:16-21.

Abigishwa ba Yezu n’abandi bose bariko baramwumviriza barashobora kugwa mu mutego wo kurondera canke kwirundaniriza ubutunzi. Canke na ho imyitwarariko y’ubuzima yoshobora kubabuza gukorera Yehova. Yezu rero arasubiramwo impanuro nziza haciye umwaka n’igice atanze muri ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi.

Agira ati: “Mureke kuganyira ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke imibiri yanyu ku vyo muzokwambara. . . . Nimwitegereze neza ibikona: ntibibiba imbuto canke ngo bishwabure, kandi ntibigira inzu y’ubushinguro canke ikigega, yamara Imana irabigaburira. None mwebwe murusha agaciro inyoni ukungana iki? . . . Nimwitegereze neza ingene amashurwe y’amalisi akura; ntiyirirwa aracumukura canke ngo ajishe; mugabo ndabibabwiye: Na Salomo ari Salomo mu buninahazwa bwiwe bwose ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo. . . . Nuko nimureke kurondera ivyo mworya n’ivyo mwonywa, kandi mureke kwamiza umutima mu kirere mwiganyira; . . . So arazi ko ivyo bintu mubikenera. . . . Mubandanye kurondera ubwami bwiwe, ivyo bintu na vyo muzovyongerwa.”​—Luka 12:22-31; Matayo 6:25-33.

Ni bande borondeye Ubwami bw’Imana? Yezu ahishura ko abantu bakeyi, ni kuvuga “ubusho buto” bugizwe n’abantu b’abizigirwa ari bo boburondeye. Mu nyuma biramenyekana ko igitigiri cabo ari 144.000. None babikiwe impembo nyabaki? Yezu abasezeranira ati: “So ya[ra]shimye kubaha ubwami.” Abo ntiborajwe ishinga no kwirundaniriza ubutunzi mw’isi, kuko abasuma bashobora kubwiba. Ahubwo, imitima yabo bayishira ku “butunzi butigera buhera [bwo] mw’ijuru,” aho bazofatanya na Kristu kuganza.​—Luka 12:32-34.