Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 68

Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”

Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”

YOHANI 8:12-36

  • UMWANA W’IMANA NI NDE?

  • NI MU BURYO KI ABAYUDA ARI ABASHUMBA?

Ni ku musi ugira indwi, ari na wo wa nyuma mu misi igize Umusi mukuru w’amahema. Yezu ariko arigisha mu gice c’urusengero bita “ishikaniro.” (Yohani 8:20; Luka 21:1) Biboneka ko haherereye mu Kigo c’abagore, akaba ari ho abantu bashira amashikanwa yabo.

Mu kiringo c’uwo musi mukuru, ico gice c’urusengero kiba kibona cane mw’ijoro. Ng’aho hari ibitereko vy’amatara bine bininibinini, kimwe cose kikaba gifise ibikono bine vyuzuye amavuta. Umuco uva kuri ayo matara ni mwinshi ku buryo ubonesha no mu micungararo y’aho hantu. Ivyo Yezu avuga bishobora kuba vyibutsa ico kintu abamwumviriza. Agira ati: “Ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogenda agendeye mu mwiza, mugabo azogira umuco w’ubuzima.”​—Yohani 8:12.

Abafarizayo bariyamiriza ivyo Yezu avuze, bakagira bati: “Wewe urishingira intahe; intahe yawe si iy’ukuri.” Yezu yishura ati: “Naho nishingira intahe koko, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja. Mugabo mwebwe ntimuzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja.” Yongerako ati: “Mw’Itegeko ryanyu bwite handitswe ngo: ‘Intahe y’abantu babiri iba ari iy’ukuri.’ Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe.”​—Yohani 8:13-18.

Abafarizayo barahakana ico ciyumviro, bakamubaza bati: “So ari hehe?” Yezu abishura adakikiriza ati: “Yaba jewe canke Dawe, nta n’umwe muzi. Iyo muba munzi koko, na Dawe muba mumuzi.” (Yohani 8:19) Naho Abafarizayo bashaka ko Yezu afatwa, nta n’umwe amukorako.

Yezu arasubiramwo ikintu yari yamaze kuvuga ati: “Ndiko ndagenda, kandi muzondondera, yamara muzopfira mu gicumuro canyu. Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza.” Kubera yuko Abayuda badatahura na gato amajambo ya Yezu, batangura kwibaza bati: “None azokwiyica? Kubera ko avuga ngo: ‘Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza.’” Ntibatahura ico Yezu ashatse kuvuga, kuko batazi iyo yavuye. Yezu asigura ati: “Mwebwe muri abo mu turere two hasi; jewe ndi uwo mu turere two hejuru. Mwebwe muri abo muri iyi si; jewe sindi uwo muri iyi si”​—Yohani 8:21-23.

Yezu ariko avuga ibijanye n’ubuzima yari afise akiri mw’ijuru be n’uko ari we Mesiya yari yarasezeranywe, ni ukuvuga Kristu, ari na we izo ndongozi z’idini zari zikwiye kwemera. Ariko rero, n’akagaye kenshi bamubaza bati: “Wewe uri nde?”​—Yohani 8:25.

Aravye ukuntu bamwiyamiriza bakongera bakamurwanya, Yezu abishura ati: “Mbega hoho ndiko mbavugishiriza iki?” Yamara rero, arabwira abo Bayuda ivyerekeye Se, akabasigurira igituma bari bakwiye kwumviriza Umwana, ati: “Uwandungitse ni uw’ukuri, kandi ivyo namwumvanye nyene ni vyo ndiko mvuga mw’isi.”​—Yohani 8:25, 26.

Yezu aca yerekana ko yizigira Se wiwe, ico kikaba ari ikintu abo Bayuda batagira. Avuga ati: “Nimwa mara kuduza Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya yuko ndi we, be n’uko ata kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu. Kandi uwandungitse ari kumwe nanje; ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara.”​—Yohani 8:28, 29.

Ariko rero, Abayuda bamwebamwe barizera Yezu, ari co gituma ababwira ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—Yohani 8:31, 32.

Ico ciyumviro co kuronka umwidegemvyo gisa n’igitangaza bamwebamwe. Basubizayo bati: “Turi uruvyaro rwa Aburahamu kandi ntaho twigeze tuba abashumba b’umuntu n’umwe. Uvuga gute none ngo: ‘Muzoba abidegemvya’?” Abayuda barazi ko bigeze kumara igihe baganzwa n’ayandi mahanga, ariko ntibashaka kwitwa abashumba. Yamara rero, Yezu ababwira ko bakiri abashumba, ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwukora igicumuro wese aba ari umushumba w’igicumuro.”​—Yohani 8:33, 34.

Abo Bayuda barishira mu kaga kubera banka kwemera ko ari abashumba b’igicumuro. Yezu asigura ati: “Umushumba ntaguma mu rugo ibihe vyose; umwana agumaho ibihe vyose.” (Yohani 8:35) Umushumba nta burenganzira afise bwo gutorana kandi umwanya uwo ari wo wose barashobora kumwirukana. Umwana wo mu rugo ni we agumaho “ibihe vyose,” ni ukuvuga ubuzima bwiwe bwose.

Ku bw’ivyo, ukuri kwerekeye Umwana w’Imana ni kwo gukura abantu mu buja bw’igicumuro gikwega urupfu. Yezu avuga ati: “Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko.”​—Yohani 8:36.