Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 88

Ivya wa mutunzi na Lazaro bihinduka

Ivya wa mutunzi na Lazaro bihinduka

LUKA 16:14-31

  • INKURU YA WA MUTUNZI NA LAZARO

Yezu amaze igihe aha abigishwa biwe impanuro nziza ku bijanye no gukoresha ubutunzi. Ariko abigishwa biwe si bo bonyene bariko baramwumviriza. N’Abafarizayo ni ho bari, kandi barakwiye gushira ku mutima impanuro Yezu atanga. Uti kubera iki? Kubera yuko ari “inkunzi z’amahera.” Barumva ivyo Yezu avuga, bagaca ‘batangura kumushinyagurira.’​—Luka 15:2; 16:13, 14.

Ariko ivyo ntibitera ubwoba Yezu. Ababwira ati: “Mwebwe muriyita abagororotsi imbere y’abantu, mugabo Imana irazi imitima yanyu; kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana.”​—Luka 16:15.

Abafarizayo bamaze igihe kirekire “[ba]shirwa hejuru mu bantu,” ariko harageze ko ibintu bihinduka mu buryo bukomeye. Abahora bashirwa hejuru kubera bafise ubutunzi, ububasha mu vya politike no mu vy’idini bagiye gushirwa hasi. Abantu batobato bazi ko bakeneye kugiranira ubucuti bwiza n’Imana bagiye gushirwa hejuru. Yezu aratomora ko hariko haraba ihinduka rikomeye.

Agira ati: “Itegeko n’Abahanuzi vyabayeho gushika kuri Yohani. Guhera ico gihe, ubwami bw’Imana buramenyeshwa bwa nkuru nziza, kandi abantu b’uburyo bwose barabandana ngo babushikire. Vy’ukuri, icoroshe ni uko ijuru n’isi bivaho hako hagira akavunji k’urudome na kamwe ko mw’Itegeko kagenda katarangutse.” (Luka 3:18; 16:16, 17) None ayo majambo ya Yezu yerekana gute ko ibintu biriko birahinduka?

Indongozi z’idini ry’Abayuda zirishima ngo zirubahiriza amategeko Imana yatanze biciye kuri Musa. Ibuka ko igihe Yezu yakiza umugabo w’impumyi i Yeruzalemu, Abafarizayo birase ngo: “Twebwe turi abigishwa ba Musa. Twebwe tuzi ko Imana yavuganye na Musa.” (Yohani 9:13, 28, 29) Imwe mu ntumbero y’amategeko yatanzwe biciye kuri Musa kwari ugushikana abantu bicisha bugufi kuri Mesiya, ari we Yezu. Yohani Umubatizi yavuze ko Yezu ari Umwagazi w’intama w’Imana. (Yohani 1:29-34) Kuva Yohani atanguye igikorwa ciwe, Abayuda bicisha bugufi, canecane abakene, baramaze kwumva ivyerekeye “ubwami bw’Imana.” Emwe, abantu bose bakeneye gutwarwa n’Ubwami bw’Imana no kwironkera ivyiza bizanwa n’ubwo Bwami bararonse akaryo ko kwumva “inkuru nziza.”

Amategeko Imana yahaye Musa ntiyabaye impfagusa: yarashikanye Abisirayeli kuri Mesiya. Vyongeye, ivyo kuyubahiriza bigiye kurangira. Nk’akarorero, ayo mategeko yaremera kwahukana bitumwe n’impamvu zitandukanye, ariko ubu Yezu avuga ko “umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo.” (Luka 16:18) Ese ukuntu ayo majambo ashavuza Abafarizayo, narirya bakunda kwishingira amategeko ku kantu kose!

Ubu na ho Yezu yigana inkuru yerekana ingene ibintu biriko birahinduka mu buryo bukomeye. Iyo nkuru yerekeye abantu babiri, kandi umwe wese muri bo ivyiwe birahinduka mu buryo butangaje. Uko wihweza iyo nkuru, uribuka ko mu bariko barumviriza Yezu harimwo Abafarizayo b’inkunzi z’amahera kandi bashimagizwa n’abantu.

Yezu avuga ati: “Umuntu umwe yari umutunzi, akambara impuzu z’ibara ry’umuyugubwe n’iz’ilino, ku musi ku musi akama aryohererwa ibintu vy’agatangaza. Mugabo umusezi umwe yitwa Lazaro yahora ashirwa kw’irembo ryiwe, yuzuye ibisebe, akipfuza guhazwa n’ibikoroka biva ku meza ya nya mutunzi. Emwe, n’imbwa zaraza zikarigata ibisebe vyiwe.”​—Luka 16:19-21.

Abafarizayo ni inkunzi z’amahera. Biratomoye rero ko ari bo Yezu agereranya n’uwo “mutunzi.” Abo bakuru b’idini ry’Abayuda kandi barakunda kwambara impuzu nzizanziza kandi zizimvye. Kandi uretse ubutunzi bashobora kuba bafise, bisa n’uko ari abatunzi kuko bafise uduteka twinshi n’uturyo two gushika ku bintu kanaka. Emwe, kubagereranya n’umuntu yambaye inyambarabami birerekana ikibanza c’iteka barimwo, izo mpuzu z’ilino zera na zo zikagereranya ukuntu bibona ubugororotsi.​—Daniyeli 5:7.

None abo bakuru b’idini b’abatunzi kandi birata babona gute abakene canke abantu batobato? Barabasuzugura cane bakabita ngo ni ‛am ha·’aʹrets, ni ukuvuga abantu bo hasi batazi amategeko y’Imana mbere badakwiye no kuyigishwa. (Yohani 7:49) Ivyo birerekana ukuntu wa ‘musezi yitwa Lazaro’ yari amerewe, kuko yipfuza no gutora udusigazwa ‘dukoroka tuva ku meza ya nya mutunzi.’ Nka kurya Lazaro yari yuzuye ibisebe, abantu batobato barasuzugurwa, nk’aho boba badashimwa n’Imana.

Ivyo bintu biteye agahinda biramaze igihe. Ariko rero, Yezu arazi yuko ivy’abo bantu bagereranywa na wa mutunzi hamwe n’abagereranywa na Lazaro hageze ko bihinduka mu buryo bukomeye.

IBINTU BIHINDUKA

Yezu abandanya asigura iryo hinduka ritangaje. Agira ati: “Mu nyuma wa musezi yarapfuye, ajanwa n’abamarayika mu gikiriza ca Aburahamu. Na nya mutunzi nyene arapfa, arahambwa. Hanyuma ari mu kuzimu araramura amaso, ari mu mibabaro, maze abona Aburahamu kure na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.”​—Luka 16:22, 23.

Abumviriza Yezu barazi ko Aburahamu amaze igihe kirekire yarapfuye, akaba ari mu mva. Ivyanditswe biratomora ko ata n’umwe mu bari mu mva, ushizemwo na Aburahamu, ashobora kubona canke kuvuga. (Umusiguzi 9:5, 10) None abo bakuru b’idini biyumvira ko uwo mugani wa Yezu usobanura iki? Mbega ashaka kuvuga iki ku bijanye n’abo bantu batobato hamwe n’abo bakuru b’idini bakunda amahera?

Yezu ahejeje kwerekana ko ibintu bigiye guhinduka mu kuvuga ko ‘Itegeko n’Abahanuzi vyabayeho gushika kuri Yohani, mugabo ko kuva ico gihe inkuru nziza y’ubwami bw’Imana yariko iramenyeshwa.’ Ku bw’ivyo, igikorwa co kwigisha ca Yohani na Yezu Kristu kiratuma Lazaro n’uwo mutunzi bapfa mu buryo bw’ikigereranyo. Ivyo bisobanura ko ukuntu ivyabo vyari vyifashe guhinduka, n’ikibanza bari bafise kigahinduka imbere y’Imana.

Mu yandi majambo, abantu baciye bugufi ari bo ba nyarucari bari bamaze igihe kirekire batagaburirwa ijambo ry’Imana. Ariko ubu bariko barafashwa kandi bariko barakira neza ubutumwa bw’Ubwami bwabanje gushikirizwa na Yohani Umubatizi mu nyuma na ho bugashikirizwa na Yezu. Bahora batoragura udusigazwa ‘dukoroka tuva ku meza’ y’ikigereranyo y’abakuru b’idini ry’Abayuda. Ubu basigaye bagaburirwa ukuri guhambaye kwo mw’Ijambo ry’Imana, na canecane ibintu vy’igitangaza Yezu ariko arasigura. Ni nk’aho basigaye ari abatoni imbere ya Yehova Imana.

Ku rundi ruhande, abakuru b’idini b’abatunzi kandi bafise ububasha baranse kwemera ubutumwa bw’Ubwami Yohani yatangaje, ari na bwo Yezu amaze igihe yamamaza mu gihugu cose. (Matayo 3:1, 2; 4:17) Kukaba nkako, ubwo butumwa burabababaza, bukabasesereza kuko bwerekana ko Imana yimirije kubacira rubi. (Matayo 3:7-12) Hamwe Yezu n’abigishwa biwe boreka gutangaza ubwo butumwa bw’Imana, abo bakuru b’idini boba baronse agahengwe. Bameze nka wa mutunzi avugwa muri iyo nkuru ya Yezu, umwe atakamba ati: “Data Aburahamu, ngirira imbabazi urungike Lazaro akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ahoze ururimi rwanje, kubera ko ndi mu mubabaro mwinshi muri uyu muriro uyingana.”​—Luka 16:24.

Ariko ivyo ntibikunda. Benshi mu bakuru b’idini ntibazohinduka. Baranse “[kw]umviriza Musa n’Abahanuzi,” ivyo banditse bikaba vyari kubafasha kwemera ko Yezu ari we Mesiya akaba n’Umwami yagenywe n’Imana. (Luka 16:29, 31; Abagalatiya 3:24) Eka mbere ntibemera kwicisha bugufi ngo bakure icigwa kuri abo bantu batobato bemeye Yezu ubu bakaba basigaye batoneshwa n’Imana. Ku ruhande rwabo, abigishwa ba Yezu ntibarota bajoborora ubutumwa bamamaza kugira gusa bashimishe abo bakuru b’idini canke babahe agahengwe. Muri iyo nkuru, Yezu aratomora ico ciyumviro akoresheje amajambo “Data Aburahamu” abwira wa mutunzi.

Agira ati: “Mwananje, ibuka yuko waronse ivyiza vyawe vyose mu buzima bwawe, mugabo Lazaro na we akaronka ibibi. Yamara ubu ariko arahorezwa ng’aha mugabo nawe uri mu mubabaro mwinshi. Kandi uretse n’ivyo vyose, imanga nini yarashinzwe hagati yacu namwe, ku buryo abashaka kuva hano ngo baze iyo muri batabishobora, eka mbere nta n’aboshobora kuva hiyo ngo baze aha turi.”​—Luka 16:25, 26.

Ese ukuntu bibereye kandi vyumvikana kubona habaye iryo hinduka ry’agatangaza! Ni ukuvuga ko ibintu bihindutse hagati y’abakuru b’idini birata hamwe n’abantu baciye bugufi bemera ingǒgo ya Yezu maze ubu bakaba bariko bararuhurirwa bongera bagaburirwa ijambo ry’Imana. (Matayo 11:28-30) Iryo hinduka rizorushiriza kuja ahabona mu mezi makeyi ari imbere, igihe isezerano rishasha rizosubirira rya sezerano rishingiye ku vyagezwe. (Yeremiya 31:31-33; Abakolosayi 2:14; Abaheburayo 8:7-13) Imana niyarungika impwemu nyeranda kuri Pentekoti yo mu 33, bizotomoka neza ko abigishwa ba Yezu ari bo itonesha aho gutonesha Abafarizayo n’abo basangiye idini.