Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 83

Ni bande Imana itumira ku nzimano?

Ni bande Imana itumira ku nzimano?

LUKA 14:7-24

  • ICIGWA CO KWICISHA BUGUFI

  • ABATUMIWE BARONDERA IVYITWAZO

Yezu ahejeje gukiza wa mugabo arwaye urusina, akaba akiri kwa wa Mufarizayo. Aritegereza ingene abandi batumire bahitamwo ibibanza vy’imbere, maze agafatira kuri ico kintu kugira atange icigwa co kwicisha bugufi.

Yezu avuga ati: “Iyo utumiwe n’umuntu ku nzimano y’ubugeni, ntiwicare mu kibanza kiboneka kuruta ibindi. Kumbure muri ico gihe ashobora kuba yatumiye umuntu akurusha icubahiro, hanyuma uwabatumiye mwempi akaza akakubwira ati: ‘Bisa uyu muntu muri ico kibanza.’ Maze uzoca ugenda n’ibimaramare n’akantu kwicara mu kibanza co hanyuma y’ibindi.”​—Luka 14:8, 9.

Arabandanya ati: “Iyo utumiwe, genda wicare mu kibanza co hanyuma y’ibindi, kugira ngo uwagutumiye niyaza akubwire ati: ‘Mugenzi, duga haruguru.’ Maze uzogira iteka imbere y’abashitsi bagenzawe bose.” Ukwo si ukugaragaza urupfasoni gusa. Asigura ati: “Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.” (Luka 14:10, 11) Yezu ariko ahimiriza abamwumviriza gutsimbataza ukwicisha bugufi.

Yezu aca aha wa Mufarizayo yamutumira ikindi cigwa kijanye n’ingene yotanga inzimano mu buryo Imana ishima. Amubwira ati: “Iyo uteretse imfungurwa zo ku mutaga canke imfungurwa zo ku mugoroba, ntuhamagare abagenzi bawe canke bene wanyu canke incuti zawe canke ababanyi batunze. Kumbure hogira igihe na bo nyene bagutumira, kukaba ari ukukwishura. Mugabo iyo uteretse inzimano, nutumire aboro, abacitse ibihimba vy’umubiri, abacumbagira, impumyi; uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe co kukwishura.”​—Luka 14:12-14.

Ni ibisanzwe gutumira abagenzi, incuti canke ababanyi, kandi Yezu ntashaka kuvuga ko ari bibi. Ahubwo ashaka kwerekana ko guha ibifungurwa ababikenye, nk’aboro, abamugaye canke impumyi bishobora kuvamwo ivyiza vyinshi. Yezu asigurira uwo yamutumiye ati: “Uzokwishurwa mw’izuka ry’abagororotsi.” Hari uwundi mushitsi aca avuga ati: “Hahiriwe uwurya umukate mu bwami bw’Imana.” (Luka 14:15) Uwo muntu aratahura ko koba ari agateka kadasanzwe. Ariko rero, si bose babibona gutyo, nk’uko Yezu abandanya avyerekana muri aka karorero.

Agira ati: “Umuntu umwe yari yateretse imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba, atumira benshi. Hanyuma atuma umushumba wiwe . . . ngo abwire abatumire ati: ‘Nimuze, kuko ibintu ubu biteguye.’ Mugabo batangura kuzana ivyitwazo bose cokimwe. Uwa mbere amubwira ati: ‘Naguze itongo nkaba nkeneye kuja kuriraba; ndagusavye untunge.’ Uwundi avuga ati: ‘Naguze inka cumi none ngiye kuzisuzuma; ndagusavye untunge.’ Uwundi na we avuga ati: ‘Mperutse kuzana umugore, ni co gituma ntashobora kuza.’”​—Luka 14:16-20.

Ivyo ni ivyitwazo bidafashe! Mu bisanzwe, umuntu asuzuma itongo canke ibitungwa imbere yo kubigura. Amaze kubigura rero ntibiba bicihutirwa ko abisuzuma. Uwo mugabo agira gatatu ntariko yitegurira kwubaka urwiwe. Yaramaze kurushinga, bikaba rero bidakwiye kumubuza kwitaba ubutumire buhambaye.

Shebuja w’uwo mushumba yumvise ivyo vyitwazo, amubwira ashavuye ati: “Genda ningoga mu mayira yagutse no mu tuyira two mu gisagara, uzane hano aboro n’abacitse ibihimba vy’umubiri n’impumyi n’abacumbagira.” Nya mushumba arabigira, ariko ibibanza bigasigara. Shebuja aca amubwira ati: “Genda mu mayira no mu bibanza bizitiye, ubagobere binjire, kugira ngo inzu yanje yuzure. Kuko, ndabibabwiye: Nta n’umwe muri abo bantu bari batumiwe ari buhonje ku mfungurwa zanje zo ku mugoroba.”​—Luka 14:21-24.

Ivyo Yezu ahejeje kuvuga birerekana neza ukuntu Yehova Imana yasavye Yezu Kristu ngo atumire abantu kugira bazoshobore kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru. Abayuda, na canecane indongozi z’idini, ni bo batanguye gutumirwa. Muri rusangi, baranse ubutumire Yezu yabahaye mu kiringo cose yaranguye igikorwa ciwe. Ariko si bo bonyene bohawe ubwo butumire. Yezu arerekana neza ko muri kazoza ubundi butumire bwohawe Abayuda batobato hamwe n’abinjiye idini ry’Abayuda. Mu nyuma, ubutumire bugira gatatu ari na bwo bwa nyuma, bwohawe abantu Abayuda biyumvira ko badashimwa n’Imana.​—Ivyakozwe 10:28-48.

Ego cane, amajambo ya Yezu aremeza ivyo wa mushitsi mugenziwe avuga, ati: “Hahiriwe uwurya umukate mu bwami bw’Imana.”