Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 84

Kuba umwigishwa ni ibanga rikomeye

Kuba umwigishwa ni ibanga rikomeye

LUKA 14:25-35

  • ICO BISABA KUBA UMWIGISHWA

Yezu yigishije ivyigwa bihambaye igihe yariko arafungura mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo. Uko abandanya urugendo agana i Yeruzalemu, amasinzi y’abantu aguma amukurikira. Uti kubera iki? Boba bipfuza vy’ukuri kuba abayoboke biwe naho vyobasaba iki?

Igihe bari ku nzira, Yezu arababwira ikintu gishobora kubabaza bamwe muri bo. Agira ati: “Nimba umuntu aje kuri jewe mugabo ntiyanke se na nyina n’umugore wiwe n’abana biwe na bene wabo na bashikiwe, emwe, mbere n’ubuzima bwiwe bwite, ntashobora kuba umwigishwa wanje.” (Luka 14:26) None ashaka kuvuga iki?

Yezu ntashaka kuvuga ko abemera kuba abayoboke biwe bakwiye kwanka incuti zabo. Ahubwo ashaka kuvuga ko bakwiye kubakunda buhoro ugereranije n’uko bamukunda, ntibamere nka wa mugabo wo muri ca kigereranyo c’inzimano yanka kwitaba ubutumire buhambaye kubera gusa aherutse kurongora. (Luka 14:20) Sekuruza wabo ari we Yakobo bivugwa yuko ‘yanka’ Leya mugabo agakunda Rasheli, bikaba bisobanura ko yakunda Rasheli kuruta Leya.​—Itanguriro 29:31.

Urabona ko Yezu avuga ko umwigishwa akwiye kwanka “n’ubuzima bwiwe bwite.” Ivyo bisobanura ko umwigishwa w’ukuri ategerezwa gukunda Yezu kuruta uko akunda ubuzima bwiwe, akemera no kubuheba igihe bikenewe. Biragaragara ko kuba umwigishwa wa Kristu ari ibanga riremereye. Umuntu ntakwiye gupfa kuryemera atabanje kuzirikana.

Kuba umwigishwa birashobora gutuma umuntu ashikirwa n’ingorane be n’uruhamo, kuko Yezu avuga ati: “Uwo wese atikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire ntashobora kuba umwigishwa wanje.” (Luka 14:27) Ego cane, umwigishwa w’ukuri wa Yezu ategerezwa kwemera gusigwa iceyi nk’uko vyashikiye Yezu. Mbere Yezu yaravuze ko abansi biwe bazomwica.

Amasinzi afatanije urugendo na Yezu rero akwiye kurimbura yitonze ico bisaba kuba umwigishwa wa Kristu. Yezu aratanga akarorero kugira ashimike kuri ico kintu. Avuga ati: “Nk’akarorero, ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza? Ahandiho, yoshobora gusasa umushinge wawo mugabo ntashobore kurangiza nya munara.” (Luka 14:28, 29) Ku bw’ivyo, abo bantu bariko bajana na Yezu i Yeruzalemu bakwiye kuraba neza ko biyemeje kwikorera iryo banga imbere yo kuba abigishwa biwe. Aratanga akandi karorero gashimika kuri ico ciyumviro.

Agira ati: “Ni umwami nyabaki, agiye guhura n’uwundi mwami mu ntambara, atabanza kwicara akaja inama akaraba ko akoresheje abasirikare ibihumbi cumi, ashoboye guhangana n’uwuje kumurwanya afise ibihumbi mirongo ibiri? Nimba vy’ukuri atabishoboye, igihe rero uwo wundi akiri kure cane, aratuma umugwi w’abamuserukira, akamusaba amahoro.” Mu gutomora iciyumviro ciwe, Yezu avuga ati: “Ni ko bimeze rero, uwo wese muri mwebwe adasezeye ivyo atunze vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.”​—Luka 14:31-33.

Birumvikana ko ayo majambo Yezu atayabwira gusa ayo masinzi ariko aramukurikira. Abantu bose biga ivyerekeye Kristu bategerezwa gukora ivyo bintu. Ivyo bisobanura ko bategerezwa kwemera guheba ivyo batunze vyose, eka mbere n’ubuzima bwabo, nimba bashaka kuba abigishwa biwe. Ico ni ikintu bakwiye kuzirikanako mbere bakagishira no mw’isengesho.

Ubu na ho Yezu agaruka ku kintu yavuze muri ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi, igihe yavuga ko abigishwa biwe ari “umunyu w’isi.” (Matayo 5:13) Kumbure yashatse kuvuga ko abigishwa biwe bashobora gufasha abantu kuzigama ubucuti bafitaniye n’Imana no kubakingira kwononekara mu nyifato runtu, nka kurya nyene umunyu uzigama ibintu. Kubera ko igikorwa ciwe kiriko kirarangira, avuga ati: “Umunyu ni mwiza. Mugabo nimba n’umunyu utakaje ubukomezi bwawo, uzorungwa iki?” (Luka 14:34) Abariko baramwumviriza barazi ko umunyu w’ico gihe wasanga ari mubi, urimwo ibicafu ukaba rero ata kamaro kanini wari ufise.

Yezu rero ashaka kwerekana ko n’abamaze igihe kirekire ari abigishwa biwe badakwiye kudebukirwa. Hamwe bodebukirwa, nta co boba bakimaze nka kurya kw’umunyu watakaje akanovera. Abantu bobatwengera mw’ijigo. Ikigeretseko, Imana ntiyoba ikibashima, mbere bosiga iceyi izina ryayo. Yezu arerekana ko bihambaye kwirinda izo ngaruka zibabaje, ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize.”​—Luka 14:35.