Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 87

Nukoreshe ubwenge mu gutegekanya kazoza

Nukoreshe ubwenge mu gutegekanya kazoza

LUKA 16:1-13

  • AKARORERO K’UMUBWIRIZA ATAGOROROTSE

  • ‘NURONDERE ABAGENZI’ UKORESHEJE UBUTUNZI BWAWE

Yezu ahejeje kwigana inkuru y’umwana w’icangazi. Iyo nkuru itegerezwa kuba yeretse neza abatozakori, abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’Abafarizayo bariko baramwumviriza ko Imana yiteguriye kubabarira abacumuzi bigaye. (Luka 15:1-7, 11) Ubu na ho Yezu ahindukirira abigishwa biwe. Abiganira iyindi nkuru, ubu ho ikaba yerekeye umutunzi yumvise ko uwujejwe ivyo mu rugo rwiwe ari we mubwiriza, ariko akora nabi.

Yezu avuga ko uwo mubwiriza yagirizwa gusesagura ubutunzi bwa shebuja. Shebuja rero afata ingingo yo kumwirukana. Nuko nya mubwiriza yibwira ati: “Ndabigenze nte, ko databuja agira anyake ububwiriza? Nta nguvu mfise zo kwimba, kandi gusega vyontera isoni.” Mu kwitegurira ibiri imbere, agira ati: “Ndazi ico ngiye kugira, kugira ngo ninakurwa mu bubwiriza, abantu bazonyakire mu mazu iwabo.” Nuko buno nyene ahamagara abafitiye umwenda shebuja, ababaza ati: “Burya databuja umufitiye ibingana iki?”​—Luka 16:3-5.

Uwa mbere yishura ati: “Ingero ijana za bati z’amavuta y’umwelayo.” Izo zingana n’amalitiro 2.200 y’amavuta. Ategerezwa kuba yari afise igitara kinini c’ibiti vy’imyelayo canke akaba yari umudandaza w’amavuta. Nya mubwiriza amubarira ati: “Tora icete c’amasezerano cawe, wicare, wandike mirongo itanu [amalitiro 1.100] ningoga.”​—Luka 16:6.

Nya mubwiriza abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Yishura ati: “Ingero ijana za koro z’ingano.” Izo zingana n’ibisimbo 625. Nya mubwiriza amubarira ati: “Tora icete c’amasezerano cawe, wandike mirongo umunani.” Gutyo rero, amukuriyeko ingero 20.​—Luka 16:7.

Uwo mubwiriza aracajejwe ubutunzi bwa shebuja: arashobora rero kugabanya ideni abandi bafitiye shebuja. Mu kugabanya iryo deni, uwo mubwiriza ariko yironderera abagenzi bashobora kuzomwakira niyamara kwirukanwa mu kazi.

Shebuja arateba akamenya ivyabaye. Naho bituma ahomba, arajorerwa maze agakeza nya mubwiriza “naho atari agororotse” kubera “yakoranye ubukerebutsi ngirakamaro.” Yezu yongerako ati: “Kuko abana b’iki gihe ari inkerebutsi mu buryo ngirakamaro kw’iyaruka ryabo bwite kuruta abana b’umuco.”​—Luka 16:8.

Yezu ntariko arenza uruho rw’amazi ku makosa y’uwo mubwiriza, eka kandi ntariko aremesha abantu gukoresha amayeri mu rudandaza. None ashaka kuvuga iki? Ahanura abigishwa biwe ati: “Mwironderere abagenzi biciye ku butunzi butagororotse, kugira ngo nibwahera, bazobakire mu ngo zidahera.” (Luka 16:9) Emwe, turahakura icigwa co kubona kure no gukoresha ubwenge. Abasavyi b’Imana, ari na bo “bana b’umuco,” bakwiye gukoresha neza ubutunzi bwabo kugira bitegekanirize kazoza k’ibihe bidahera.

Yehova n’Umwana wiwe ni bo bonyene bashobora kwakira umuntu mu Bwami bwo mw’ijuru canke mw’Iparadizo yo kw’isi izoba iganzwa n’ubwo Bwami. Dukwiye kwihatira kubagira abagenzi mu gukoresha ubutunzi bwacu mu gushigikira igikorwa c’Ubwami. Tuzoshobora rero kwiberaho ibihe bidahera n’igihe inzahabu, ifeza n’ayandi matunga vyoba bitakiriho.

Yezu kandi avuga ko aberekana ko ari abizigirwa mu gukoresha neza amatunga ayo ari yo yose bafise bazoba n’abizigirwa mu kwitwararika ibintu bihambaye. Agira ati: “Nuko rero, nimba mutabaye abizigirwa mu bijanye n’ubutunzi butagororotse, ni nde azobazeza ubw’ukuri [nk’ibiteza imbere Ubwami]?”​—Luka 16:11.

Yezu ariko yereka abigishwa biwe yuko bazobazwa vyinshi nimba bashaka kwakirwa “mu ngo zidahera.” Umuntu ntashobora kuba umusavyi w’Imana w’ukuri ngo yongere abe umushumba w’ubutunzi butagororotse. Yezu asozera ati: “Nta mukozi wo mu nzu ashobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe agakunda uwundi, canke azokwumira kuri umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora kuba abashumba b’Imana n’ab’Ubutunzi.”​—Luka 16:9, 13.