Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 86

Umwana w’icangazi agaruka

Umwana w’icangazi agaruka

LUKA 15:11-32

  • UMUGANI W’UMWANA W’ICANGAZI

Yezu ashobora kuba yatanze akarorero k’intama n’igiceri vyatakaye akiri i Pereya mu buseruko bw’Uruzi Yorodani. Icigwa tuhakura n’uko dukwiye kunezerwa igihe umucumuzi yigaye agarutse ku Mana. Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe baranebaguye Yezu kubera yiyegereza abantu b’abacumuzi. None boba bakura icigwa kuri ubwo burorero bubiri? Boba batahura ingene Data wo mw’ijuru amererwa igihe abacumuzi bigaye? Ubu na ho Yezu yiganira abo bantu inkuru ikora ku mutima ishimika kuri ico cigwa gihambaye.

Ni inkuru y’umuvyeyi yari afise abahungu babiri, umuhererezi akaba ari we avugwa cane. Abafarizayo, abanyabwenge b’ivyanditswe n’abandi bariko barumviriza Yezu barakwiye gukura icigwa kuri uwo muhungu w’umuhererezi. Ariko rero, nta wokwirengagiza ivyo Yezu avuga ku muvyeyi wabo hamwe n’umuhungu w’imfura, kuko inyifato bagira na yo nyene irimwo icigwa. Ubu rero numere nk’uwubona abo bantu batatu igihe Yezu yigana iyo nkuru.

Agira ati: “Umugabo umwe yari afise abahungu babiri. Umutoyi muri bo abwira se wiwe ati: ‘Da, mpa umugabane w’ibintu binyegukira.’ Maze abagaburira uburyo bwo kubaho afise.” (Luka 15:11, 12) Urabona ko uwo muhungu mutoyi atariko asaba intoranwa kubera ko se wiwe yapfuye. Aracariho. Uwo muhungu ashaka umugabane wiwe ubu nyene kugira ashobore kwigenga yongere awukoze ico ashaka. None ashaka kuwukoza iki?

Yezu asigura ati: “Mu nyuma, haciye imisi itari myinshi, wa muhungu mutoyi akoraniriza hamwe ibintu vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure, asesagurirayo ibintu vyiwe mu kubaho mu buhumbu.” (Luka 15:13) Aho kuguma atekaniwe iwabo ari kumwe n’umuvyeyi yitaho ibibondo vyiwe, uwo muhungu aromoka akaja mu mahanga. Asesagurirayo intoranwa yiwe yose mu buhumbu. Mu nyuma aragira ingorane nk’uko Yezu abandanya avyigana.

Agira ati: “Abimaze vyose, ikigoyi gikaze kiratera muri ico gihugu, atangura gukena. Yarahevye mbere aja kwihoma kuri umwe mu bantu bo muri ico gihugu, na we amurungika mu matongo yiwe kuragira ingurube. Kandi yari asigaye yipfuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zarya, hakabura n’umwe amuha na dukeyi.”​—Luka 15:14-16.

Amategeko y’Imana yavuga ko ingurube zihumanye, ariko rero uwo muhungu yari asigaye ari umwungere wazo. Inzara iramukubita gushika n’aho yipfuza gufungura ivyokurya bigenewe izo ngurube aragira. Muri ayo marushwa n’umwiheburo, uwo muhungu ‘aragarura akenge.’ None aca akora iki? Yibwira ati: “Ni abacangero bangahe ba dawe bisenena umukate, nanje ndiko ndicirwa ng’aha na kigoyi! Ngira mpaguruke mfate urugendo nje kwa dawe ndamubwire nti: ‘Da, naracumuye ku Mana no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe. Nungire nk’umwe mu bacangero bawe.’” Nuko arahaguruka akaja kwa se.​—Luka 15:17-20.

None se aza kumwakira gute? Yoba aza kumuryagagura n’ishavu kubera yavuye i muhira akomoka? Yoba aza kumuraba irarirari, ntamwereke igishika? Iyaba ari wewe wari kuvyifatamwo gute? Bite hoho iyaba ari umwana wawe?

WA MUHUNGU YONGERA KUBONEKA

Yezu arasigura ukuntu se w’uwo muhungu yiyumva n’ukuntu avyifatamwo, ati: “[Wa muhungu] akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe.” (Luka 15:20) Naho se wiwe yumvise ko yari abayeho mu buhumbu, ntareka kumuha ikaze. Indongozi z’Abayuda zirihaya ngo zirazi Yehova kandi ngo ni we zisenga. None iyo nkuru yoba ibafasha gutahura ingene Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru abona abacumuzi bigaye? Vyongeye, boba baja gutahura ko na Yezu amaze igihe agaragaza uwo mutima nyene wo guha ikaze abacumuzi?

Uwo muvyeyi aramenya ko uwo muhungu yigaya aravye ukuntu atuntuye n’ingene yijiriwe. Ariko rero, kubona se wiwe yibwiriza kumuramutsa bituma uwo muhungu yoroherwa no kwatura ivyaha yakoze. Yezu yigana ati: “Nya muhungu amubwira ati: ‘Da, naracumuye ku Mana no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe.’”​—Luka 15:21.

Se ategeka abashumba biwe ati: “Nyarutsa muzane ikanzu, nziza kuruta izindi zose, muyimwambike, mumushire n’impeta ku kuboko, n’inkweto ku birenge. Kandi nimuzane ca kimasa cadoheshejwe, mukibage, turye, turyoherwe, kuko uyu muhungu wanje yari yarapfuye none yongeye kuba muzima; yari yaratakaye none yabonetse.” Nuko batangura “kuryoherwa.”​—Luka 15:22-24.

Muri uwo mwanya, umuhungu w’imfura yari mu murima. Ku vyerekeye uwo muhungu, Yezu avuga ati: “Ariko araza akegereza inzu, yumva igiteramo c’umuziki n’intambo. Aca ahamagara umwe mu basuku, amubaza ivyo ari vyo. Amubwira ati: ‘Mwene wanyu yaje, kandi so wawe yabaze ca kimasa cadoheshejwe, kuko yongeye kumubona agarutse, afise amagara meza.’ Mugabo araraka, yanka kwinjira. Maze se wiwe arasohoka atangura kumwinginga. Yishura se wiwe ati: ‘Raba imyaka myinshi cane iheze ngushumbira, kandi sinigeze na rimwe ndenga ibwirizwa ryawe, yamara jewe ntiwigeze na rimwe umpa n’akagazi k’impene ngo ndyoherwe hamwe n’abagenzi banje. Mugabo uyo muhungu wawe yamariye mu bamaraya uburyo ufise bwo kubaho, yabaye agishika uca umubagira ca kimasa cadoheshejwe.’”​—Luka 15:25-30.

Ni bande babaye nk’uwo muhungu w’imfura mu kunebagura Yezu kubera agirira impuhwe abantu batobato n’abacumuzi akongera akabitwararika? Ni abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo. Yezu yabaciriye uwo mugani kubera bamunebagura ngo aha ikaze abacumuzi. Ariko ntiwumve, uwo wese anebagura ikigongwe Imana itanga arakwiye kuhakura icigwa.

Yezu asozera ico kigereranyo avuga ukuntu uwo muvyeyi yinginga umuhungu wiwe w’imfura ati: “Mwananje, wewe wamanye nanje, kandi ivyanje vyose ni rwawe; mugabo ntitwari kubura kuryoherwa no kunezerwa, kuko uyo mwene wanyu yari yarapfuye none yabaye muzima, kandi yari yaratakaye none yabonetse.”​—Luka 15:31, 32.

Yezu ntavuga ico uwo muhungu w’imfura akora mu nyuma. Ariko rero, Yezu amaze gupfa hama akazuka, “isinzi rinini ry’abaherezi [ryaratanguye] kugamburuka ukwizera.” (Ivyakozwe 6:7) Bamwe muri bo bashobora kuba barumvise Yezu igihe yigana iyo nkuru y’umwana w’icangazi ikora ku mutima. Emwe, vyarashobotse ko na bo nyene bikubita agashi, barigaya maze baragaruka ku Mana.

Kuva kuri uwo musi, abigishwa ba Yezu bari bakwiye gufata nkama ivyigwa nyamukuru biri muri ico kigereranyo ciza igitangaza. Kimwe muri ivyo vyigwa ni uko ari vyiza kuguma mu ruhongore rutekanye rw’abasavyi b’Imana, aho tubungabungwa n’Umuvyeyi wacu yuzuye urukundo, hako twangara dukurikira ibihendamaso vyo mu “gihugu ca kure.”

Ikindi cigwa tuhakura ni uko nka hamwe vyoshika tukava mu nzira ya Yehova, dukwiye kugaruka ku Muvyeyi wacu twicishije bugufi kugira ngo asubire kudutonesha.

Ikindi cigwa na co tukibonera kw’itandukaniro riri hagati y’uwo muvyeyi be n’umuhungu wiwe w’imfura: umuvyeyi yari afise igishika n’umutima w’ikigongwe ariko uwo muhungu yarangwa n’inzika n’ukubura igishika. Emwe, abasavyi b’Imana bakwiye kugira umutima w’ikigongwe kandi bagaha ikaze uwari yarataye umurongo hama akigaya vy’ukuri maze akagaruka mu ruhongore rw’Umuvyeyi wacu. Nimuze duhimbarwe kubona mwene wacu ‘yari yarapfuye yasubiye kuba muzima’ no kubona ‘uwari yaratakaye yasubiye kuboneka.’