Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 93

Umwana w’umuntu azohishurwa

Umwana w’umuntu azohishurwa

LUKA 17:20-37

  • UBWAMI BURI HAGATI YABO

  • BIZOGENDA GUTE YEZU NIYAHISHURWA?

Yezu aracari i Samariya canke i Galilaya. Abafarizayo bamubaza ibijanye n’ukuza kw’Ubwami bw’Imana, bakaba biyumvira ko buzozanana urwamo rwinshi n’ibirori bikomeye. Ariko rero ababwira ati: “Ubwami bw’Imana ntibuzoza bwibonekeza bimwe bitangaje, eka mbere ntibazoba bavuga ngo: ‘Raba hano!’, canke, ‘Hariya!’ Kuko ehe ubwami bw’Imana buri hagati yanyu.”​—Luka 17:20, 21.

Hari abokwiyumvira ko Yezu ashaka kuvuga ko Ubwami bw’Imana buganza buri mu mitima y’abasavyi bayo. Ariko rero si ko biri, kuko Ubwami bw’Imana budashobora kuba buri mu mitima y’abo Bafarizayo bariko baganira na Yezu. Ahubwo buri hagati yabo kubera yuko Yezu Umwami wabwo yagenywe n’Imana ari hagati muri bo.​—Matayo 21:5.

Kumbure Abafarizayo bamaze kuhava, Yezu araronsa abigishwa biwe ayandi makuru ajanye n’ukuza kw’ubwo Bwami. Ku bijanye n’igihe azoba amaze kwimikwa, abanza kubaburira ati: “Imisi izoza aho muzokwipfuza kubona umwe mu misi y’Umwana w’umuntu, mugabo ntimuzowubona.” (Luka 17:22) Yezu ashaka kwerekana ko Umwana w’umuntu azotangura kuganza muri kazoza. Bamwe mu bigishwa biwe bashobora kuba bashashaye kubona ubwo Bwami, ariko mu gihe ico kiringo kitaragera, bategerezwa kurindira gushika igihe Imana yashinze kigeze.

Yezu arabandanya ati: “Bazobabwira bati: ‘Raba hariya!’, canke, ‘Hano!’ Ntimuze mugende canke ngo mubiruke inyuma. Kuko, nk’uko nyene umuravyo iyo urabije ukayanganira mu gice kimwe munsi y’ijuru ugashika mu kindi gice munsi y’ijuru, ni ko n’Umwana w’umuntu azoba.” (Luka 17:23, 24) None ni igiki cokingiye abigishwa ba Yezu kugira ntibakurikire ba mesiya batari bo? Yezu avuga ko ukuza kwa Mesiya w’ukuri kuzomera nk’umuravyo uravya ukaboneka mu karere kanini. Ikimenyamenya c’uko yatanguye kuganza cokwibonekeje neza ku bantu bose bacitegereza.

Yezu aca abigereranya n’ibintu vyabaye kera kugira yerekane inyifato abantu bobaye bafise muri ico gihe. Agira ati: “Nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa, ni ko bizoba no mu misi y’Umwana w’umuntu . . . Muri ubwo buryo nyene, nk’uko vyabaye mu misi ya Loti: bararya, baranywa, baragura, baragurisha, baratera, barubaka. Mugabo ku musi Loti yaviriye i Sodomu, haraguye imvura y’umuriro n’amazuku bivuye mw’ijuru, bibatikiza bose. Ni ko bizoba ku musi Umwana w’umuntu azobwirizwa guhishurwa.”​—Luka 17:26-30.

Yezu ntariko avuga ko abantu bo mu gihe ca Nowa no mu gihe ca Loti batikijwe kubera bakora imirimo isanzwe nk’ukurya, kunywa, kugura, kugurisha, kurima no kwubaka. Nowa na Loti hamwe n’imiryango yabo na bo nyene barakora ivyo bikorwa. Ariko abandi babikora batitaho na gato ivyo Imana igomba hamwe n’ibihe bari barimwo. Yezu rero ariko ahanura abigishwa biwe kwitwararika ivyo Imana igomba no kubikora bivuye inyuma. Ariko arabereka ingene borokoka Imana niyazana agatikizo muri kazoza.

Abigishwa bokeneye kwirinda gusamazwa n’ibintu “biri inyuma,” ni ukuvuga ibintu vyo mw’isi ibakikuje. Yezu avuga ati: “Kuri uwo musi uwuzoba ari hejuru ku nzu mugabo ibintu vyiwe bikaba biri mu nzu ntaze amanuke kubitora, kandi uwuzoba ari mw’itongo na we nyene ntaze agaruke ku biri inyuma. Mwibuke muka Loti.” (Luka 17:31, 32) Yahavuye ahinduka inkingi y’umunyu.

Mu kubandanya adondora ingene ibintu vyobaye vyifashe igihe Umwana w’umuntu azoba amaze kwimikwa, abwira abigishwa biwe ati: “Muri iryo joro abagabo babiri bazoba bari mu gitanda kimwe; umwe azojanwa, mugabo uwundi arekwe.” (Luka 17:34) Ivyo bisobanura ko bamwe bazorokoka, ariko abandi bakahasiga ubuzima.

Abigishwa bamubaza bati: “Hehe ga Mukama?” Yezu abishura ati: “Aho umuvyimba uri ni ho inkona zizokoranira.” (Luka 17:37) Ego cane, bamwe bobaye bameze nk’inkona zibona kure. Abo bigishwa bokoraniye kuri Kristu nyawe, ni ukuvuga Umwana w’umuntu. Ico gihe Yezu yoronkeje abigishwa biwe ukuri kurokora ubuzima ku bw’abantu bose bamwizera.