Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inzira, ukuri n’ubuzima

Inzira, ukuri n’ubuzima

Nta nkeka ko uhimbarwa no kwumva inkuru nziza. Hariho rero inkuru nziza cane ikwerekeye hamwe n’abawe.

Iyo nkuru nziza iri muri Bibiliya, kikaba ari igitabu kimaze imyaka candikishijwe na Yehova, Umuremyi w’ibiriho vyose. Muri iki gitabu, tuzoshimika ku bitabu bine vyo muri Bibiliya birimwo inkuru nziza cane itwerekeye twese. Ivyo bitabu vyitirirwa amazina y’abagabo Imana yakoresheje mu kuvyandika, bakaba ari Matayo, Mariko, Luka na Yohani.

Ivyo bitabu bine benshi bakunze kuvyita ngo Injili zine. Uko ari bine birimwo injili canke inkuru nziza yerekeye Yezu, bikerekana ko ari we Imana ikoresha kugira abantu baronke ubukiriro. Birerekana kandi ko azoronsa ivyiza biramba abamwizera bose kuko ari we Mwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.​—Mariko 10:17, 30; 13:13.

KUBERA IKI INJILI ZINE?

Ushobora kuba umaze kwibaza igituma Imana yandikishije inkuru zine zerekeye ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe.

Ni vyiza kubona dufise inkuru zine zigana ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze. Tubitangire akarorero: Dufate ko hari abantu bane bahagaze iruhande y’umwigisha karuhariwe. Umugabo ahagaze imbere y’uwo mwigisha ni umutozakori. Uwuri iburyo bwiwe ni umuganga. Uwuri ibubamfu bwiwe na we ni umurovyi akaba n’umugenzi ashika w’uwo mwigisha. Uwugira kane ari we wa nyuma, ahagaze inyuma yiwe yihweza ibiriko biraba, akaba akiri muto ugereranije n’abo bandi. Bose ni abantu b’imvugakuri, kandi umwe wese afise ikintu kimushimisha gitandukanye n’ic’uwundi. Baramutse banditse inkuru zerekeye ivyo uyo mwigisha avuga n’ivyo akora, birashoboka ko abo bantu bane boshimika ku bintu bitandukanye. Umuntu arimbuye izo nkuru zine, akibuka ko bene kuzandika biyumvira mu buryo butandukanye kandi bakagira intumbero zitandukanye, arashobora gutahura neza ivyo uwo mwigisha yavuze n’ivyo yakoze. Ivyo birerekana igituma ari vyiza kubona dufise inkuru zine zerekeye ubuzima bwa Yezu wa Mwigisha ahambaye.

Tukiri kuri ako karorero, wa mutozakori yipfuza canecane kwandikira abantu b’Abayuda. Ku bw’ivyo, inyigisho zimwezimwe n’amakuru amwamwe aca abikurikiranya mu buryo bworohera Abayuda gutahura. Wa muganga na we ashimika ku bijanye no gukiza abarwaye n’abamugaye. Ku bw’ivyo, arakuramwo ibintu bimwebimwe wa mutozakori yanditse, aramutse abishizemwo na ho akabivuga mu bundi buryo. Wa mugenzi somambike we, ashimika ku kuntu uwo mwigisha yiyumva hamwe n’ukuntu yimereye. Wa musore na we yandika ibintu muri make ariko mu buryo burashe. Ariko rero, izo nkuru zose ni iz’ukuri. Ivyo birerekana ingene kuba dufise izo nkuru zine zerekeye ubuzima bwa Yezu bituma turushiriza gutahura neza ivyo yakoze, inyigisho ziwe hamwe n’ukuntu yari ameze.

Abantu boshobora kuvuga ngo ‘Injili ya Matayo’ canke ‘Injili ya Yohani.’ Ntiboba bihenze kubera ko imwe yose muri izo njili irimwo “inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu.” (Mariko 1:1) Ariko rero, muri rusangi twoshobora kuvuga ko ivyo bitabu bine birimwo injili imwe, ari yo nkuru nziza yerekeye Yezu.

Abantu benshi batohoza Ijambo ry’Imana baragereranije ibivugwa mu gitabu ca Matayo, ica Mariko, ica Luka n’ica Yohani. Nko mu mwaka wa 170 inyuma ya Kristu, umwanditsi w’Umusiriya yitwa Tasiyano yaragerageje kubigira. Yaremeje ko ivyo bitabu bine bivuga ukuri be n’uko vyavuye ku Mana, yongera aratunganya igitabu yise Diatessaron kirimwo inkuru yerekeye ubuzima bwa Yezu n’igikorwa ciwe ifatiye ku bivugwa muri ivyo bitabu bine.

Igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima kibigenza gutyo nyene, uretse ko coco kirimwo amakuru arushirije kuba ay’ukuri kandi akwiye. Ivyo bitumwa n’uko ubu dutahura neza ukuntu ibintu vyinshi Yezu yavuze vyarangutse hamwe n’uburorero yatanze. Ivyo yavuze n’ivyo yakoze hamwe n’ukuntu vyagiye birakurikirana bica bitomoka neza. Ivyatowe n’abacukuzi na vyo nyene vyaratanze umuco ku bintu bimwebimwe no ku ntumbero abanditsi bari bafise. Ego ni ko, nta wokwemeza neza ukuntu izo nkuru zakurikiranye. Ariko igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima gishikiriza ibintu mu buryo butegereka kandi bwumvikana.

INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Iki gitabu nugisome kigusosere, ariko ugumize ku muzirikanyi ubutumwa nyamukuru burimwo bukwerekeye hamwe n’abawe. Wibuke ko Yezu Kristu ubwiwe yabwiye intumwa Toma ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yohani 14:6.

Igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima kizogufasha gutahura ingene Yezu ari “inzira” vy’ukuri. Biciye kuri we ni ho honyene dushobora kwiyegereza Yehova Imana mw’isengesho. Vyongeye, Yezu ni we nzira idufasha gusubiza hamwe n’Imana. (Yohani 16:​23; Abaroma 5:8) Gutyo rero, biciye kuri Yezu ni ho honyene dushobora kugiranira n’Imana ubucuti bwiza.

Yezu ni “ukuri.” Yamye avuga ukuri kandi akakugendera. Ni nk’aho Yezu ari we yagaragaje ukuri ico ari co. Yarashikije ibintu vyinshi vyari vyaravuzwe, bikaba vyabaye “‘ego’ biciye kuri we.” (2 Abakorinto 1:​20; Yohani 1:​14) Ivyo bintu biradufasha gutahura uruhara nyamukuru afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana.​—Ivyahishuwe 19:10.

Yezu Kristu kandi ni “ubuzima.” Incungu yatanze mu guheba ubuzima bwiwe butunganye yatumye dushobora kuronka “ubuzima nyakuri,” ni ukuvuga “ubuzima budahera.” (1 Timoteyo 6:12, 19; Abanyefeso 1:7; 1 Yohani 1:7) Azokwerekana kandi ko ari “ubuzima” ku bantu amamiliyoni bapfuye. Bazozuka bahabwe icizigiro co kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera.​—Yohani 5:28, 29.

Twese turakeneye gutahura no guha agaciro uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana. Ese wohimbarwa no kwiga vyinshi vyerekeye Yezu we “nzira n’ukuri n’ubuzima.”