Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kugira wigane Yezu . . .

Kugira wigane Yezu . . .

NUGIRE IMPUHWE

Kubera yuko Yezu yari atunganye, vyinshi mu bintu bitubabaza kandi bikaturaza ishinga ntivyamushikira. Yamara rero yaritaho abantu cane. Yarigorera abandi, agakora n’ibirenze ivyo baba bamwitezeko. Ego cane, impuhwe zaramugobera gufasha abandi. Zirikana ku burorero dusanga mu kigabane ca 32, 37, 57, 99.

NUBE UMUNTU YEGEREKA

Abantu bose, abato n’abakuze, ntibatinya kwegera Yezu kubera atigira agahambaye. Kubera yuko babona ko Yezu abitwararika, barumva bisanze bari kumwe na we. Ivyo tubisanga mu kigabane ca 25, 27, 95.

NIWAME USENGA

Yezu yarakunda gusenga Se wiwe bivuye ku mutima, ari wenyene canke ari kumwe n’abandi. Yarasenga mu bihe bitandukanye, atari igihe co gufungura gusa. Yarasenga Se wiwe kugira amushimire, amushemeze no kugira amusabe ubuyobozi imbere yo gufata ingingo zikomeye. Raba uturorero tumwetumwe mu kigabane ca 24, 34, 91, 122, 123.

NIWIRINDE UBWIKUNZI

Rimwe na rimwe, n’igihe Yezu yaba akeneye kuruhuka canke gusama akayaga, yarabiheba kugira afashe abandi. Ntiyashira imbere inyungu ziwe. No muri uwo muce nyene, yaradusigiye akarorero twokwigana. Ako karorero turagasanga mu kigabane ca 19, 41, 52.

NUBABARIRE ABANDI

Yezu ntiyigishije gusa ko bikenewe kubabarira abandi. Yarabigaragaje mu kuntu yafata abigishwa biwe n’abandi bantu. Zirikana ku burorero dusanga mu kigabane ca 26, 40, 64, 85, 131.

NUKORANE UMWETE

Vyari vyaravuzwe ko Abayuda benshi batokwemeye Mesiya be n’uko abansi biwe bomwishe. Yezu rero yari gushobora gukora yiziganya mu gufasha abantu. Aho kubigenza gutyo, yarateje imbere ugusenga kw’ukuri yivuye inyuma. Yarahaye akarorero keza abayoboke biwe bose bakorera mu turere abantu batakira inkuru nziza canke mbere bayirwanya. Raba ikigabane ca 16, 72, 103.

NIWICISHE BUGUFI

Yezu yararuta kure n’iyo abantu badatunganye: yarabarusha ubumenyi akabarusha n’ubwenge. Kubera yuko yari atunganye, yari afise ubushobozi n’ubwenge birengeye ivy’abantu bose bamukikuje. Ariko rero, yarakorera abandi yicishije bugufi. Ivyigwa bijanye n’ukwicisha bugufi turabisanga mu kigabane ca 10, 62, 66, 94, 116.

NIWIHANGANE

Yezu yamye nantaryo yihanganira intumwa ziwe n’abandi igihe bananiwe kwigana akarorero kiwe canke gukora ivyo yababwiye. Yarasubiyemwo yihanganye ivyigwa bari bakeneye kugira barushirize kwiyegereza Yehova. Raba ukuntu Yezu yagaragaje ukwihangana mu kigabane ca 74, 98, 118, 135.