Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Bagumye biyegereje Yehova mu bihe bigoye

Bagumye biyegereje Yehova mu bihe bigoye

 Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, abantu benshi b’i Buraya barishwe. Ariko rero hari ikintu ciza cahabaye, na co akaba ari uko Ivyabona vya Yehova n’abandi barekuwe bavuye mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi. Naho vyari ukwo, ntivyaborohera kubaho. Nk’uko vyari vyifashe ku bandi, abasavyi ba Yehova ntibari bafise ibifungurwa bikwiye, ivyambarwa, aho baba canke ibindi bintu vya nkenerwa. Mushiki wacu Karin Hartung yavuze ati: «Kubera ko ata mazu akwiye yo kubamwo bari bafise, umwe wese wasanga abana mu nzu imwe n’incuti ziwe canke agapangisha ivyumba vyo mu nzu yiwe.» Mushiki wacu Gertrud akaba yamaze imyaka indwi n’igice mu makambi y’itunatuniro, yamaze igihe aba mu kazu bashiramwo ibikoresho kandi akaryama ku ntebe. a

 Ishirahamwe rya Yehova ryakoze iki kugira ryiyemeze neza ko abavukanyi bo mu karere kasinzikajwe n’intambara baronka ivyo bakeneye kugira babandanye kubaho? Kandi ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira kuri abo bavukanyi babayeho mu bihe bigoye inyuma y’aho intambara ya kabiri irangiriye?

Kwitwararika ivyo abavukanyi bakenera

 Ishirahamwe rya Yehova ryarihutiye guha imfashanyo abasavyi b’Imana b’i Buraya. Nathan Knorr na Milton Henschel bo ku cicaro gikuru baratembereye ivyo Vyabona kugira bamenye ivyo bakeneye. Mu kwezi kwa Munyonyo na Kigarama 1945, baragiye mu Bwongereza, Ubuswise, Ubufaransa, Ububiligi, Ubuholande, Danemarke, Suwede, Finlande na Norveje. Umuvukanyi Knorr yavuze ati: «Ni ubwa mbere twiboneye ingene intambara yononye ibintu vyinshi.»

Nathan Knorr ariko avugana n’Ivyabona vya Yehova b’i Helsinki muri Finlande, ku wa 21 Kigarama 1945

 Umuvukanyi Knorr ntiyari yemerewe kwinjira mu Budagi ico gihe. Ariko, Erich Frost, uwari ahagarikiye ibiro vy’ishami vyo mu Budagi, vyarakunze ko ava mu Budagi kugira aje guhura n’umuvukanyi Knorr b. Erich yavuze ati: «Umuvukanyi Knorr yaraduhaye impanuro ngirakamaro kandi aratwemerera imfashanyo z’ibifungurwa n’impuzu. Bidatevye, imfashanyo zigizwe n’ifarini, amavuta, indya zikozwe mu ntete bita avoine n’ibindi bifungurwa bitandukanye zarashitse mu Budagi. Abavukanyi bo bindi bihugu na bo nyene bararungitse amakarato maninimanini y’impuzu, harimwo amakoti, impuzu zo musi hamwe n’ibirato.» Abavukanyi na bashiki bacu barakengurutse cane izo mfashanyo ku buryo bakorora amosozi. Vyongeye, raporo imwe ivuga iti:«Ivyabona vya Yehova ntibatanze izo mfashanyo rimwe gusa, ahubwo bagumye bazirungika mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice.» c

Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariko baratunganya ibijanye n’imfashanyo z’impuzu kugira zirungikwe i Buraya

Baguma bashira umutima ku bucuti bafitaniye na Yehova

 Uko abavukanyi babandanya kuronka ivyo bakeneye, ni ko barushiriza kugumiza umutima ku bucuti bafitaniye na Yehova. None ni igiki cabafashije?

Jürgen Rundel (imbere i bubamfu) mu 1954 ari kumwe n’abavukanyi bo mw’ishengero ry’i Spittal an der Drau muri Otrishe

 Bagumye biyigisha, bitaba amakoraniro bongera bamamaza. (Abanyefeso 5:15, 16) Mu gihe c’intambara, ntivyari vyoroshe ko abavukanyi baronka ibitabu bishingiye kuri Bibiliya no kuguma biyigisha, kwitaba amakoraniro hamwe no kwamamaza. Ariko intambara imaze guhera, barasubiye kugira amakoraniro no kwamamaza nk’uko vyahora. Uwitwa Jürgen Rundel, aba muri Otrishe avuga ati: «Agatabu Informateur d be n’umuhagarikizi w’umuzunguruko wacu baraturemesheje kubandanya dukora ibintu vyodufasha kuguma twiyegereje Yehova.» Yongerako ati: «Twagumiza umutima ku bucuti dufitaniye na Yehova, Yezu, kwiyigisha no kwamamaza. Nta bintu bidusamaza vyari bihari. Nk’akarorero, nta televiziyo twari dufise.»

 Mushiki wacu Ulrike Krolop avuga ati: «Ndibuka ingene naryohewe igihe niyigisha mu buryo bwimbitse iciyumviro kimwe co muri Bibiliya. Umugabo wanje yarambereye akarorero keza. Igihe cose twaba turonse Umunara w’Inderetsi mushasha, yaca ahagarika ivyo yaba ariko arakora vyose agaca awiyigisha.» Karin, twavuze mu ntango, na we avuga ati: «Mu gihe c’intambara twarabonye ingene vyoroshe ko umuntu atakaza ivyo atunze. Ariko naho ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyari bike, twararonka ivyo dukeneye kugira tugumane ukwizera gukomeye. Yehova yarahezagiye abasavyi biwe b’intahemuka.»

Ulrike Krolop

 Barasubiye kwamamaza. (Matayo 28:19, 20) Mu gihe c’intambara, Ivyabona vya Yehova ntibashobora kwamamaza no kwigisha mu mwidegemvyo. Umuvukanyi yitwa Friedhelm yibuka ko inyuma y’intambara «bose baciye basubira kwamamaza.» Ulrike na we avuga ati: «Umuvukanyi wa mbere yabwiye inkuru nziza umuryango w’umugabo wanje yaje acambaye impuzu zo mw’ikambi y’itunatuniro. Vyaragaragara ko yaciye aja kwamamaza ubwo nyene akiva muri iryo kambi.» Jürgen avuga ati: «Intambara imaze kurangira, abavukanyi nka bose bari bafise umwete mwinshi. Abavukanyi na bashiki bacu benshi bakiri bato baciye batangura umurimo w’igihe cose.»

 Ulrike avuga ati: «Vyari bigoye cane kuba mu burere bwatewemwo amabombe.» Abantu benshi baba mu mazu yabomaguritse. None Ivyabona baronka gute abantu babwira inkuru nziza? Ulrike, umuryango wiwe ukaba wamenye ukuri inyuma y’intambara avuga ati: «Twarondera ahari umuco w’itara canke umwotsi usohokana mu miringoti iri ku mazu.»

 Bararemeshanya. (1 Abatesalonika 5:11) Mu kiringo c’intambara, Ivyabona vya Yehova benshi bafatwa bunyamaswa. Ariko inyuma y’intambara, aho kugumiza umutima ku bintu bibabaje vyabashikiye, baguma baremeshanya. Mu vy’ukuri ukwizera kwabo «kugejejwe» kwatumye bagira umunezero mwinshi. (Yakobo 1:2, 3) Uwitwa Johannes, ubu akaba aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: «Umuhagarikizi w’umuzunguruko wacu yigeze kuba mw’ikambi ry’itunatuniro yaratubwiye ibintu biremesha vyabashikiye vyerekana ingene Yehova yafashije abavukanyi na bashiki bacu. Izo nkuru zarakomeje cane ukwizera kwacu.»

 Umuvukanyi Johannes avuga ko igihe intambara yarangira, abavukanyi bagumye bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova mu kuguma bibuka «ingene yabafashije mw’ikambi be n’ukuntu yishuye amasengesho yabo.» Nk’uko twari twabivuze, Ivyabona barekuwe bagumye bitwararika ubucuti bafitaniye na Yehova mu gusoma Bibiliya badahorereza, bitaba amakoraniro bongera bamamaza. Elisabeth, akaba yitavye ihwaniro ryabereye i Nuremberg mu 1946 aribuka ko abavukanyi n’abadada baheruka kurekurwa «bari bonze kandi ata tuguvu bafise.» Avuga ati: «Naho ari ukwo, igihe baba bariko baratwiganira ivyabashikiye, “[bararurumba] impwemu.”»​—Abaroma 12:11.

Karin Hartung

 Baguma biyegereje abakirisu bagenzi babo. (Abaroma 1:11, 12) Mu gihe c’intambara, Ivyabona vya Yehova ntibashobora kumara umwanya munini bari kumwe na bagenzi babo kubera uruhamo rukaze. Karin avuga ati: «Ntibatembereranira kenshi kubera batashaka gushira mu kaga abavukanyi n’abadada.» Ariko ivyo vyarahindutse intambara imaze kurangira. Friedhelm avuga ati: «Abavukanyi bakorera ibintu vyose hamwe. Amakoraniro no kwamamaza ni vyo bashira imbere mu buzima bwabo.»

 Umukurambere wo mu Budagi yitwa Dietrich avuga ati: «Inyuma gatoyi y’aho intambara irangiriye, Ivyabona vya Yehova bakeyi cane ni bo bari bafise umuduga. Rero, twagenda n’amaguru ku makoraniro turi mu migwi. Kuba twama turi kumwe muri ubwo buryo, vyatumye twiyumvanamwo cane. Wamengo turi nk’umuryango.»

Ivyigwa tuhigira muri iki gihe

 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova benshi barihanganira ingorane ziterwa n’ivyago vy’ivyaduka, indwara, intambara, uruhamo hamwe n’ubukene. (2 Timoteyo 3:1) Naho ari ukwo, ntidukwiye guhagarika umutima cane. Uti kubera iki? Ivyashikiye abavukanyi na bashiki bacu bo mu Budagi mu gihe c’Abanazi biratwigisha ko Imana yacu izobandanya idushigikira mu bihe bitoroshe bidushikira muri iyi misi ya nyuma. Twese twipfuza kwigana intumwa Pawulo, uwanditse ati: «Turashobora rero kugira umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki?”»​—Abaheburayo 13:6.

a Nusome inkuru y’ubuzima ya mushiki wacu Poetzinger, ivuga ngo «Narashize Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere inyuma y’intambara yo mu Budagi.» (Mu gifaransa)

b Nusome inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Frost, ivuga ngo «Kwizera Imana vyatumye turokoka ku ntwaro y’agacinyizo.» (Mu gifaransa)

c Wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu igikorwa co gutabara cagenze intambara ya kabiri y’isi yose imaze kurangira, nusome ikiganiro kivuga ngo «Batanze ivyiza kuruta ibindi bari bafise,» hamwe n’inzitiro ziri ku rupapuro rwa 211, 218 n’urwa 219 mu gitabu Ubwami bw’Imana buraganza!

d Ubu mu mashengero basigaye bakoresha Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.