Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Iradiyo WBBR, mu 1924

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Gusamiriza inkuru nziza

Gusamiriza inkuru nziza

 Ku wa mungu ku mugoroba, itariki 24 Ruhuhuma 1924 ni ho iradiyo y’abatohoji ba Bibiliya a yitwa WBBR yatangura gukora. None yakora gute? Ni bande bayumviriza? Vyongeye, ni gute Ivyabona vya Yehova babandanya kwikora ku buhinga bwa none kugira bamenyeshe «inkuru nziza y’Ubwami . . . mw’isi yose»?​—Matayo 24:14.

Uwuri mu buhinga bw’ivyuma

‘Twaratanguye ivyo birori’

 Ibirori bijanye no kwugurura icese iyo radiyo vyatanguye isaha zibiri n’igice z’ijoro, maze bimara amasaha abiri. Ivyo birori vyabereye muri stidiyo yari iherutse kwubakwa i Staten Island muri New York. Umuvukanyi Ralph Leffler yari ajejwe kuraba ko amajwi asohoka neza yavuze ko muri stidiyo «abantu bose bari baryohewe ariko bakaba bari bahagaritse umutima.» Yaribaza ati: «Mbega yemwe baraza kutwumva?» Yongerako ati: «Narayakije, turatangura ivyo birori twizigiye ko ibintu vyose biza kugenda neza.»

 Umuvukanyi Victor Schmidt, uwari ahagarikiye ibikorwa vy’iyo radiyo ni we yatanguje ivyo birori vy’intibagirwa. Yatanguye ivyo birori mu guha ikaze abatohoji ba Bibiliya bari bafise ubuhanga mu bijanye no gucuraranga no kuririmba. Ubwa mbere, umuvukanyi yaracuraranze umuziki akoresheje Piyano. Mu nyuma, umudada yitwa Cora Wellman yararirimvye ururirimbo rufise umutwe uvuga ngo «Mirongo icenda n’icenda» rushingiye kuri ca kigereranyo Yezu yatanga c’intama yatakaye. (Luka 15:4-7) Mu birori vyakurikiye, umuvukanyi Frederick W. Franz yararirimvye ururirimbo rufise umutwe uvuga ngo «Ukwigaya», rukaba rwari rushingiye ku nkuru y’umwana w’icangazi.​—Luka 15:11-25.

Ibirori vyo gutanguza iradiyo WBBR

 Joseph F. Rutherford, akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa c’abatohoji ba Bibiliya ico gihe, yatanze insiguro yo kwugurura icese iyo radiyo «ku bw’inyungu z’Ubwami bwa Mesiya.» Yavuze ati: «Kuba Umukama yararetse iyi radiyo igatangura gukora, ni icerekana ko yipfuza ko ikoreshwa mu kwigisha abantu ingene ubuhanuzi buriko buraranguka.»

«Nta jambo na rimwe ryaducika»

 Abenshi mu bari mu buraruko bushira ubuseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika barakurikiranye iyo radiyo igihe yatangura gusamirana. Hari uwariko arakurikirana iyo radio ari i Morrisville muri Vermont, akaba ari ku birometero birenga 320 uvuye ahariko harabera ibirori. Yavuze ati: «Ndahimbawe no kubamenyesha yuko nabakurikiranye. . . . Rutherford twamwumvise neza. . . . Nta jambo na rimwe ryaducika.» Mbere n’uwatwumviriza ari i Monticello muri Florida yarashoboye gukurikirana ivyo birori. Iyo radiyo nshasha yarabaye kirumara, kandi abantu benshi baranditse amakete yo gushima.

Joseph Rutherford ariko aravugira kuri mikoro muri stidiyo ya WBBR. Victor Schmidt ni we yatanguje ivyo birori

 Iyo radiyo yaramaze imyaka 33 isamiriza ubutumwa bw’Ubwami, b canecane mu burere bwo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko haciye igihe, iradiyo WBBR yaratanguye gukorana n’ayandi maradiyo, ivyo bica bituma abantu amamiliyoni bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Kanada n’ahandi bayumviriza. Nkako, Igitabu c’umwaka co mu 1975 kivuga giti: «Mu 1933 ni wo mwaka iyo radiyo yumvirijwe n’abantu benshi cane kuko hari imirongo y’amaradiyo 408 yariko irakoreshwa mu gusamiriza ubwo butumwa mu migabane itandatu y’isi, kandi insiguro 23.783 zishingiye kuri Bibiliya zarasamirijwe . . . Muri iyo misi, ibiganiro vya Watch Tower vyarasamirizwa ku maradiyo atandukanye. Aho umuntu yaba ari hose, yarashobora kwumviriza iyo radiyo iriko irasamiriza amajambo y’ukuri aninahaza Imana.»

Kwamamaza inzu ku nzu vyavuyemwo ivyiza vyinshi kuruta iradiyo

 Igihe abatohoji ba Bibiliya batangura gukoresha WBBR, hari n’imiburiburi abamamaji b’Ubwami 1.064 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo radiyo yarafashije uwo mugwi muto w’abamamaji kubwira inkuru nziza abantu benshi. Ariko mu 1957, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hari abamamaji b’Ubwami bagera 187.762 hamwe n’abagera ku 653.273 kw’isi yose. Vyongeye, ukumenyerezwa abavukanyi na bashiki bacu b’umwete baronkera ku makoraniro y’ishengero kwarabafasha kugira ubuhanga bwo kwamamaza inzu ku nzu hamwe no mu yindi mice yo kwamamaza.

 Ivyo bintu vyiza vyariko biraba vyaratumye abavukanyi bahagarikiye igikorwa mw’ishirahamwe bafata ingingo yo gusubira gusuzuma bitonze nimba gusamiriza ibiganiro kw’iradiyo vyoba ari vyiza gusumba kwamamaza inzu ku nzu. Vyavuyemwo iki? Hafashwe ingingo yo kugurisha WBBR, ikaba ari yo radiyo ishirahamwe rya Watchtower ryagaba. Iyo radiyo yagurishijwe ku wa 15 Ndamukiza 1957. Buca iyo radiyo igurishwa, mu kiganiro kidasanzwe ca nyuma cashikirijwe kuri iyo radiyo, hari uwabajije Nathan H. Knorr igituma iyo radiyo yagurishijwe. Yishuye ko Ivyabona vya Yehova bariko barongerekana bivuye ku gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Yavuze ati: «Ibiganiro vya WBBR vyarafashije abantu benshi, ariko ahantu batumviriza iyo radiyo ni ho Ivyabona vya Yehova bariko barongerekana kuruta aho bumviriza iyo radiyo.» Abavukanyi barabonye ko kwamamaza inzu ku nzu bishobora gufasha abantu benshi kumenya inkuru nziza kuruta kuyicisha kw’iradiyo. Ariko ivyo gusamiriza ibiganiro ntivyagarukiye aho. Haciye igihe, twarasubiye gusamiriza ibiganiro, ariko mu bundi buryo.

Gusamiriza ibiganiro muri iki gihe

 Itariki 6 Gitugutu 2014, hari ikintu gihimbaye cabaye mw’ishirahamwe rya Yehova. Ico gihe ni ho televiziyo ikorana na internet yitwa Televiziyo ya JW yatangura gukora. Ivyabona vya Yehova hamwe n’abandi barakurikirana ibiganiro vya buri kwezi vy’ivyo televiziyo baciye kuri internet, kuri ka ga programa ka JW Library, bakoresheje ivyuma vyabo vyerekana amasanamu canke ivyuma bikorana na satelite. c Ariko mu mihingo imwimwe yo kw’isi, abasavyi ba Yehova baracakoresha iradiyo canke televiziyo mu kwamamaza. None babigenza gute?

Ikiganiro ca mbere co kuri Televiziyo ya JW casohotse muri Gitugutu 2024

 Mu myaka ya vuba, ishirahamwe rya Yehova ryarakoresheje amaradiyo n’amateleviziyo y’abatari Ivyabona mu gusamiriza amakoraniro tugira buri ndwi be n’amahwaniro mu turere tutagiramwo internet imeze neza. Ivyo biganiro vyarakurikiranywe n’abantu benshi batari Ivyabona hamwe n’abandi benshi bipfuza kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Nk’akarorero, hagati y’umwaka wa 2021 na 2022, abakuru b’amaradiyo barabwiye ishami ryo muri Afrika yo mu Buseruko yuko abantu benshi batari Ivyabona vya Yehova bakunda cane amakoraniro yacu. Bamwe mu bakurikirana ivyo biganiro muri Kenya, Sudani y’Epfo na Tanzaniya barasavye ko bokwigishwa Bibiliya.

 Naho ari ukwo, uburyo nyamukuru Ivyabona vya Yehova bakoresha mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami kw’isi yose ni ukwamamaza inzu ku nzu, kwamamaza bakoresheje ka kantu k’amapine hamwe n’umuhora wa jw.org. Uwo muhora urafasha abavyipfuza gusoma Bibiliya bitagoranye n’ibindi bitabu bishingiye kuri yo mu ndimi zirenga 1.080 ata co barinze kuriha. Barashobora no kuronka inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya kandi bakamenya ahabera amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Bivuye ku kuba bakora ivyo bashoboye vyose babikunze, ubu biroroshe ko abantu bamenya inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kuruta uko vyahora. Tuvugishije ukuri, iriko iramamazwa «mw’isi yose» nk’uko Bibiliya yari yarabivuze.​—Matayo 24:14.

a Mu 1931, abatohoji ba Bibiliya ni ho batanguye kwitwa Ivyabona vya Yehova.

b Haciye igihe, Ivyabona vya Yehova baratanguye gusamiriza ibiganiro no mu bindi bihugu, harimwo Ostraliya na Kanada.