Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ASTER PARKER | INKURU Y’UBUZIMA

Nashaka kubaho nihebeye Yehova

Nashaka kubaho nihebeye Yehova

 Ndakenguruka kuba abavyeyi banje nkunda baranyigishije ukuri kuva nkiri uruhinja. Baranyigisha gukunda Yehova bakoresheje amafoto n’inkuru biri mu gitabu citwa Kuva kw’Iparadizo yatakaye gushika kw’Iparadizo yasubijweho. Narakunda kubwira abana baba iruhande yacu ivyo naba nize, mbere na sokuru aje kuturamutsa narabimubwira. Abavyeyi banje barumira ku rutonde rwacu rujanye n’ivyo gusenga kandi ivyo vyarafashije umuryango wacu kumenya ingene tuvyifatamwo igihe twimukira i Addis-Abeba muri Etiyopiya tuvuye i Asmara muri Eritreya.

 Namye nkunda ukuri kuva nkiri muto. Naripfuza kwiyegurira Yehova maze nkabatizwa. Igihe nari mfise imyaka 13, narahimbawe nshitse ku mugambi nari nishingiye ndabatizwa. Mfise imyaka 14, umuvukanyi Helge Linck a yarambajije nimba nari maze kwiyumvira ivyo gukora ubutsimvyi. Ndacibuka neza ikiganiro twagiraniye. Naho dawe na mawe bari abatsimvyi b’igihe gito (ubu bakaba bitwa abatsimvyi bafasha), sinarinzi ico bisaba kuba umutsimvyi asanzwe. Ikibazo umuvukanyi Linck yambajije catumye ntangura kugira icipfuzo co gukora vyinshi mu murimo wa Yehova.

Nkiri muto ndi kumwe na musaza wanje Josiah

Baradufashije kwitegurira uruhamo

 Mu 1974, haradutse ibibazo vya politike muri Etiyopiya bituma bamwe bapfungwa, abandi baricwa, haraba kandi uruhagarara. Muri ico gihe, ntitwashobora kwamamaza inzu ku nzu kandi twagirira amakoraniro mu migwi mitomito. Abavyeyi bacu baratanguye kudutegura ku bw’uruhamo rwari rwimirije kudushikira. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zaradufashije gutahura ico bisobanura kutagira aho duhengamiye. Twarize ko Yehova yodufashije kumenya ivyo twovuga bishitse bakatubaza ibibazo kandi ko rimwe na rimwe vyoba vyiza twinumiye.​—Matayo 10:19; 27:12, 14.

AFP PHOTO

Mu gihe c’imigumuko mu 1974

 Maze kurangiza amashure, naratanguye gukorera mw’ikompanyi y’indege yo muri Etiyopiya. Umusi umwe mu gatondo nje ku kazi, abo dukorana barankeje kubera ko nari natowe ngo mpagarikire idefile y’umusi mukuru w’igihugu. Ubwo nyene naciye mbwira umuhagarikizi wanje ko ntazogira uruhara muri ivyo birori kubera ntaja muri politike.

 Bukeye, ndiko ndakorera ku kibuga c’indege, narabonye hirya yanje abagabo bafise inkoho ku bitugu vyabo bariko bagenda berekeza aho bagurira amatike. Niyumviriye ko baje gufata umuntu yoba agomba guhunga igihugu. Ahubwo nyabuna, bariko barondera jewe. Naribajije ico banshakako. Nari natanguye umusi neza ariko ibintu bihinduka bukwi na bukwi.

Nararonse imfashanyo ndi mw’ibohero

 Abo basoda barantwaye ku biro vyabo, bamara amasaha atari make bariko baransambisha. Bambajije ngo: «Ivyabona vya Yehova bahembwa na nde? Woba ukorana n’umugwi uharanira ubwigenge wo muri Eritreya? Wewe canke So hari uwoba akorera intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika?» Naho vyari ibintu bitesha umutwe, Yehova yaramfashije gutekana.​—Abafilipi 4:6, 7.

 Ba basoda bahejeje kunsambisha, barantwaye mu nzu yari yahinduwe agasho maze banshira mu cumba gito (kingana n’imetero kwadarato 28) cari cuzuyemwo abakobwa 15 bari bapfunzwe kubera imvo za politike.

Igihe nakorera mw’ikompanyi y’indege

 Muri iryo joro, igihe nari ndyamye hasi ncambaye impuzu z’akazi, naragize ubwoba niyumviriye ingene abavyeyi banje n’abo tuvukana bahagaritse umutima. Bari bamenye ko banshize mu gasho ariko ntibari bazi iyo nari mpfungiwe. Narasenze Yehova afashe umuryango wanje kumenya aho nari mpfungiwe.

 Bukeye mvyutse, narabonye umusore yari aducunze twari tuzinanye. Yarambonye aratangara, aca avuga ati: «Aster, uriko ukora iki ng’aha?» Naramwinginze aje muhira kubwira abavyeyi banje aho ndi. Mu nyuma kuri uwo musi, abavyeyi banje barandungikiye ibifungurwa n’impuzu. Wa musore yari yababwiye aho ndi. Yehova yarishuye isengesho ryanje. Ivyo vyaranyeretse ko ntari jenyene.

 Sinari nemerewe gutunga Bibiliya canke ibindi bitabu, kandi n’umuryango wanje canke abagenzi ntibari bemerewe kuza kundaba. Naho vyari ukwo, Yehova yarandonkeje indemesho abicishije ku bo twari dupfungiwe hamwe. Narababwira inkuru nziza imisi yose, kandi ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana kwarabakora ku mutima. Bakunda kumbwira bati: «Twebwe turi aha kubera turwanira intwaro z’abantu, ariko weho uri aha kubera urwanira intwaro y’Imana. Ntuhemuke, naho bogutera ubwoba ko bakwica.»

 Rimwe na rimwe abarinzi b’ibohero barabaza ibibazo abari bapfunzwe bakongera bakabakubita. Umusi umwe nk’isaha zitanu z’ijoro, baraje kuntora. Dushitse mu cumba basambishirizamwo abantu, baranyagirije ibintu vyinshi. Bavuze ko ntashigikira ubutegetsi. Kandi igihe nanka gusubiramwo amajambo y’umugambwe, hari abarinzi b’ibohero babiri bankubise kandi kenshi baransambisha muri ubwo buryo. Buri gihe, narasenga Yehova cane, kandi narabona ko anshigikira.

 Haheze amezi atatu, umwe mu barinzi b’ibohero yaraje ambwira ko narekuwe. Naho natangaye,vyaranryoheye cane. Ariko, narababaye kubera ko nahimbarwa no kubwira icizigiro c’Ubwami abakobwa bari muri iryo bohero.

 Haheze amezi make ndekuwe, abasoda baraje gufata abana bose bo muhira ariko ico gihe sinari muhira. Barafashe abakobwa babiri tuvukana hamwe na musazanje. Ico gihe nabonye ko vyoba vyiza mpunze nkava mu gihugu. Naho vyambabaje gusubira gusiga umuryango, mawe yarandemesheje kugira umutima rugabo no kwizigira Yehova. Haciye igihe gito, narafashe indege nja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuri uwo mugoroba nyene, abasoda baraje i muhira kumfata irya kabiri. Bambuze muhira, baciye banyarukira ku kibuga c’indege. Ariko bahashitse indege imaze guhaguruka.

 Maze gushika i Maryland, nakiriwe na Haywood na Joan Ward, bakaba bari abamisiyonari bigishije Bibiliya abavyeyi banje. Haheze amezi atanu, narashitse ku mugambi wanje wo gukora ubutsimvyi. Abo bamisiyonari bari bafise umukobwa yitwa Cyndi, akaba ari we twakorana ubutsimvyi, kandi twararyoherwa no gukorana mu ndimiro.

Ndi kumwe n’uwo twakorana ubutsimvyi, Cyndi Ward

Naritanze cane kuri Beteli

Igihe jewe n’umugabo wanje twakorera kuri Beteli y’i Wallkill muri New York

 Mu ci ryo mu 1979, naratembereye kuri Beteli i New York maze tumenyana na Wesley Parker. Narakunze kamere ziwe n’imigambi yari afise yo gukorera Yehova. Mu 1981, twarubakanye nca nimukira i Wallkill muri New York, kugira nkorere muri Beteli ndi kumwe na Wesley. Nakorera mu rwego rw’isuku no mw’imesuriro, mu nyuma nkorera mu mugwi w’ivya MEPS mu rwego rw’ama orodinateri. Gukorera kuri Beteli, vyarampaye akaryo ko kwitanga mu gikorwa ca Yehova hamwe no kumenya abavukanyi n’abadada bahavuye baba abagenzi gushika no muri iki gihe.

 Ariko muhira iwacu muri Etiyopiya, umuryango wanje wari mu ruhamo rukaze kandi ivyo vyarambabaza cane. Abo tuvukana batatu bari bakiri mw’ibohero. b Buri musi, mawe yarabategurira imfungurwa akongera akazibashira kubera ko mw’ibohero ata mfungurwa batanga.

 Muri ico gihe kitoroshe, Yehova yarambereye ubuhungiro kandi n’abagize umuryango wa Beteli barampojeje bongera baranshigikira. (Mariko 10:29, 30) Umusi umwe, umuvukanyi John Booth yambwiye ati: «Biraduhimbara cane kuba uriko urakorera aha kuri Beteli. Ntivyari gushoboka iyaba Yehova atariko araguhezagira.» c Ayo majambo meza yaranyeretse ko Yehova yari yarahezagiye ingingo nafashe yo kuva muri Etiyopiya kandi ko yokwitwararitse umuryango wanje.

Dukorera Yehova uko tugize umuryango

 Muri Nzero 1989, twaramenye ko nibungenze. Mu ntango, vyaradutangaje cane. Ariko haheze imisi mike, akoba twari dufise kahindutse umunezero. Twaguma twibaza ukuntu tuzorera umwana wacu, aho tuzoba n’ukuntu tuzokwibeshaho nitwava kuri Beteli.

 Ku wa 15 Ndamukiza 1989, twarapakiye ivyo twari dufise vyose mu modoka duca dufata urugendo tuja i Oregon, aho twari twateguye kubandaniriza ubutsimvyi. Ariko rero, haheze igihe gito dushitse, hari abagenzi batubwiye batabigiranye imvo mbi ko bitotworohera kuba abatsimvyi. Ni ivy’ukuri ko ata buryo bwinshi twari dufise kandi umwana wacu yari mu kuvuka. Twari gukora iki none? Bidatevye, twaragendewe n’umuhagarikizi w’umuzunguruko Guy Pierce n’umugore wiwe Penny. d Baraturemesheje kwumira ku mugambi wacu. Rero twaciye dutangura ubutsimvyi kandi turizigira ko Yehova yodufashije. (Malaki 3:10) Tumaze kuvyara umuhungu wacu mukuru Lemuel, n’inyuma y’aho umuhungu wacu wa kabiri Jadon avukiye, twari tugikora ubutsimvyi.

 Gukorana ubutsimvyi n’abahungu bacu cari ikintu duha agaciro cane. Umurimo w’ubutsimvyi waraduhaye uturyo twinshi two gusigurira ababanyi bacu, eka mbere n’abahungu bacu ukuri kwo muri Bibiliya. (Gusubira mu vyagezwe 11:19) Yamara, inyuma y’aho umuhungu wacu agira gatatu Japheth avukiye, vyabaye ngombwa ko tumara ikiringo duhagaritse ubutsimvyi.​—Mika 6:8.

Twarigishije abahungu bacu gukorera Yehova

 Twarabonye ko ibanga rihambaye twari dufise kwari ugufasha umwe wese mu bahungu bacu kubona ko Yehova abaho koko, no kubafasha gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova. Kugira tubishikeko, twaragerageje gutuma bakunda cane ugusenga kwo mu muryango. Bakiri bato, twarasomera hamwe ibitabu Nimwumvirize wa Mwigisha Ahambaye hamwe n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Twaranakina ibivugwa mu nkuru zimwezimwe. Kubera ko ari je jenyene nari umugore, rero igihe twakina inkuru ya Yezebeli, naciye mba Yezebeli. Nicaye ku ntebe, abahungu bacu baca bamera nk’aho bampenuye nkagwa hasi, bagaca bakina nk’aho babaye imbwa. Uretse ugusenga kwo mu muryango, Wesley yarigisha Bibiliya umwe wese muri abo bahungu.

 Twarakunda abahungu bacu, twarabitaho, kandi twarasenga kugira turushirize kwunga ubumwe. Bakuze tubigisha ibikorwa. Baroza ivyombo, bakagira isuku mu vyumba vyabo kandi bakamesura impuzu zabo. Barize no guteka.

 Si abahungu bacu bonyene bagize ivyo biga, na twebwe twarize. Hari igihe vyashika tugatwarwa n’ishavu maze tukabwira abahungu bacu amajambo ababaza canke tukayabwirana. Muri ivyo bihe, twaricisha bugufi tugasaba ikigongwe.

 Kenshi, twaratumira muhira abavukanyi n’abadada bo mu yandi mashengero, kandi twaragendera Abanyabeteli, abamisiyonari, abahagarikizi b’imizunguruko n’abandi baja kwitanga ahari inkenero. (Abaroma 12:13) Igihe twaba twakiriye abashitsi, ntitwaca turungika abana mu kindi cumba gukinirayo. Bagumana natwe bakumviriza ibiyago n’ivyabonywe. Kenshi abana bacu baribuka vyinshi mu biyago twagiranira gusumba uko jewe na Wesley twavyibuka.

 Jewe na Wesley twarakora uko dushoboye kugira dukorere Yehova duhimbawe. Nk’akarorero, twarategura imbere y’igihe tukaziganya amahera maze tugafata akanya ko kuruhuka mu kugira ingendo mu bihugu bitandukanye. Kuri buri rugendo twagira, twaratembera ku biro vy’ishami, tukitaba amakoraniro tukongera tukaja mu busuku. Ivyo vyatumye dukunda cane ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi yose twongera turarushiriza kwunga ubumwe uko tugize umuryango.

Mu 2013, ndi kumwe n’umuryango wanje igihe twagendera Icicaro gikuru i Brooklyn muri New York

Tuguma twitanga cane mu gikorwa

 Twarabonye ko hari abantu benshi mu karere twabamwo bavuga igisupanyoli, ariko bakaba bataronka abama baza kubabwira inkuru nziza. Rero igihe abahungu bacu bari bakiri bato, twarabajije umuvukanyi Pierce ico yiyumvira ku bijanye no kwimukira mw’ishengero rikoresha ururimi rw’igisupanyoli. Yishuye amwenyura ati: «Uri umurovyi, uja aho amafi ari.» Iyo ndemesho yatumye twimukira mw’ishengero rikoresha ururimi rw’igisupanyoli i Woodburn, muri Oregon. Twarahimbawe no kuba bamwe mu bo twigishije Bibiliya barateye imbere gushika kw’ibatisimu kandi twarabonye ukuntu umugwi mutoyi wakoresha ururimi rw’igisupanyoli wateye imbere uraba ishengero.

 Vyarashitse Wesley arashomera bica biba ngombwa ko twimukira muri Kaliforniya kubera ari ho yari yaronse akazi. Haheze imyaka ibiri, jewe, Lemuel na Jadon twaratanguye ubutsimvyi. Mu 2007, narahimbawe no kwitaba Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi ndi kumwe n’abahungu banje. Gatoyi inyuma yo kuva muri iryo shure, twarabonye ko mu cibare cacu hari abantu benshi bavuga icarabu. Rero inyuma y’imyaka 13 twari tumaze twamamaza mu cibare gikoresha igisupanyoli, umuryango wacu warafashe ingingo yo kwifatanya n’ishengero rikoresha ururimi rw’icarabu. Twarahimbarwa no kubwira ukuri abimukira bavuga icarabu bo muri ako karere be no kuja mu bindi bihugu mu masekeza adasanzwe yo kwamamaza inkuru nziza. Turabandanya gukora ubutsimvyi mu cibare gikoresha icarabu i San Diego, muri Kaliforniya.

 Wesley ni umunega mwiza akaba kandi yitwararika umuryango neza. Arubaha cane ishirahamwe rya Yehova. Ntiyigeze avuga nabi Beteli canke intunganyo z’ishengero. Ahubwo yama avuga ibintu biremesha. Arasenga turi kumwe, akansengera, kandi igihe twaba turi mu bihe bitesha umutwe, amasengesho yiwe yarampumuriza kandi akamfasha kuguma ntekanye.

 Ntereje amaso inyuma, ndabona ukuntu twahimbawe no gukorera Yehova mu murimo w’igihe cose, kurera abana bacu be no kwitanga mu mashengero afise inkenero. Twariboneye ko Yehova ahezagira abamushira mu kibanza ca mbere kandi nta na kimwe twigeze tubura. (Zaburi 37:25) Ndemera ntakeka ko kuba narahisemwo kwihebera Yehova ari ingingo nziza kuruta izindi nafashe.​—Zaburi 84:10.

Kuva i bubamfu, ndi kumwe na Japheth, Lemuel, Jadon, hamwe na Wesley

a Umuvukanyi Linck yarakoreye ku biro vy’ishami vyo muri Kenya, vyahagarikira igikorwa co kwamamaza muri Etiyopiya.

b Abo tuvukana barekuwe bamaze imyaka ine mu gasho.

c Umuvukanyi Booth yari mu bagize Inama Nyobozi gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1996.

d Umuvukanyi Pierce yahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 2014.