Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IRMA BENTIVOGLI | INKURU Y’UBUZIMA

Gukorera umwe atanga «ingabire nziza yose»

Gukorera umwe atanga «ingabire nziza yose»

 Inyuma y’aho batangarije ko mu karere turimwo indege zigiye kuhatera amabombe, mawe yaciye aterura musazanje aca aramfata adutwara mu murima kugira twinyegeze musi y’ibiti. Ico gihe nari mfise imyaka itandatu.

 Ivyo bitero bimaze kurangira, je na mawe twaciye tuja kuraba mugenziwe. Igihe twamenya ko yari yahitanywe n’ivyo bibombe, twarababaye cane. Haheze imisi, indege zarasubiye gutera amabombe. Ico gihe, dawe yaranteruye anshira imbere yiwe kw’ikinga maze aca ararinyonga yihuta cane kugira tuve muri ako gasagara.

 Intambara ya kabiri y’isi yose yarononye ibintu vyinshi mu Butaliyano kandi sinzokwigera nibagira ivyabaye ico gihe. Ariko icamfashije mu buzima ni uko kuva nkiri muto, namye nkikujwe n’abantu bazi Yehova kandi bamukunda cane.

Ingabire y’ukuri

 Mu rushana rwo mu 1936, amezi make imbere y’uko mvuka, dawe yakorana n’umugabo umwe yitwa Vincenzo Artusi mw’ibarabara ry’indarayi. Vincenzo ntiyari bwabatizwe ngo abe Icabona ariko yarakunda cane ukuri kwo muri Bibiliya. Igihe baba bariko barakura ibibarafu vyitwa neje muri iryo barabara ry’indarayi, Vincenzo yarabwira dawe ivyo yariko ariga.

 Dawe yaciye abona ko ivyo Vincenzo yariko aramubwira ari ukuri. We n’abandi bakeyi bo mu gisagara twabamwo citwa Faenza, baripfuje kumenya vyinshi. Muri ico gihe, intwaro yatwara yarahama Ivyabona vya Yehova kandi ntibari bemerewe kugira amakoraniro ku mugaragaro, n’uwufatanywe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya yarashobora gupfungwa. Ivyabona vya Yehova bamwebamwe bari mu gasho. Rero dawe n’abagenzi biwe barahurira mu mazu ari ukwa yonyene mu gihugu hagati kugira basome Bibiliya bongere bigire hamwe ibitabu baba bafise. Ikindi kandi, dawe yaradukoranya uko tugize umuryango kugira twigire hamwe Bibiliya rimwe mu ndwi ku mugoroba.

Ingabire y’abambereye uburorero bwiza

 Mu 1943, Ivyabona vya Yehova benshi bari bapfunzwe bahorwa ivyo bemera bararekuwe. Muri bo harimwo umudada atari yubake urwiwe yitwa Maria Pizzato. Igihe ari ku rugendo yerekeza aho yaba mu buraruko bw’Ubutaliyano, Maria yaraye iwacu ijoro rimwe. Yari yaragize uruhara rudasanzwe mu gufasha Ivyabona vya Yehova kuronka ibitabu no kuguma bahanahana amakuru n’ibiro vy’ishami yo mu Buswise, bikaba ari vyo vyahagarikira igikorwa mu Butaliyano ico gihe. Naho Maria yaboneka nk’uwudafise udutege, yari akomeye kandi afise umutima rugabo. Intambara imaze kurangira, yaraza rimwerimwe i Faenza, kandi tumubonye twararyoherwa cane.

 Uwundi mudada nama nibuka ni Albina Cuminetti. Igihe nari umuyabaga, inyubakwa uwo mudada w’umupfakazi kandi yitereye mu myaka yabamwo ni yo twagirira amakoraniro. Yari umutsimvyi mu Butaliyano (uwo kera bita umu colporteur) kuva mu ntango y’umwaka wa 1920. Albina yarambwiye inkuru nyinshi zishimishije cane zijanye n’ingene igikorwa cari cifashe muri iyo myaka.

 Albina yari afise ibitabu vyinshi yari yarabitse hamwe n’ibindi bintu vyo muri kahise. Umusi umwe, narabonye agakwashu kariko umusaraba uriko urugori abatohoji ba Bibiliya (ukwo ni ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe) bahora bambara. Kubera ko narinzi yuko umusaraba wakoreshwa n’abapagani, vyarantangaje cane nca nditwengera. Albina yaciye ambwira ikintu ntazokwigera nibagira. Yabaye nk’uwunsubiriramwo amajambo yo muri Zakariya 4:10, ambwira ati: «Ntugaye ibikorwa bitobito bikorwa mu misi y’intango.»

Igihe nari mfise imyaka 14

 Ayo majambo yaranyigishije icigwa gikomeye. Naho abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango batatahura neza ukuri, nari nkwiye kububaha. Vyongeye, kubera ko atari ibitabu vyose vyaboneka mu gitaliyano, haraca igihe kirekire kugira abavukanyi bamenye ivyahindutse. Naho ari ukwo, Yehova yarashima akigoro bagira kandi nanje nari nkwiye kumwigana.

 Naho Albina yandusha imyaka myinshi, narakunda kuyaga na we. Albina, Maria hamwe n’abandi badada b’abanyamwete bakorera Yehova badahemuka naho bahura n’ingorane nyinshi, barambereye akarorero keza. Ndakenguruka cane kuba nararonse uturyo two kumarana umwanya na bo.

Ingabire yo gukorera kuri Beteli

 Mu ci ryo mu mwaka wa 1955, naragiye i Roma kwitaba iteraniro ryataziriwe ngo «Ubwami butahukana intsinzi.» Ico gihe, naratembereye Beteli ndi kumwe n’abandi bari bitavye iryo teraniro bavuye mu bihugu bitandukanye. Nibwiye nti: «Noryoherwa cane nkoreye ng’aha.»

 Ku wa 18 Kigarama 1955 narabatijwe. Nari nkiri ku ntebe y’ishure, ariko nari nariyemeje kuja mu murimo w’igihe cose. Mu 1956, kw’iteraniro ryabereye mu gisagara c’i Genoa, narumvise itangazo ry’uko hari hakenewe abitanga kuri Beteli. Ariko rero, uwuserukira ishami yavuze ko abadada batari bakenewe kuri Beteli.

 Mu nyuma, narayaze n’umuhagarikizi w’umuzunguruko yitwa Piero Gatti, a ndamubwira imigambi nari mfise. Uwo mwamamaji w’igishika n’umwete yanyishuye ati: «Noguhanura gukora ubutsimvyi budasanzwe.»

 Haheze igihe, nararonse ikete rivuye kuri Beteli. Nari nzi neza ko narungitswe kuba umutsimvyi, ariko si ko vyagenze. Bwari ubutumire bwo kuja gukorera kuri Beteli.

Ndi kumwe na Ilaria Castiglioni (ahagaze), tukaba twakorana mu buhinduzi kuri Beteli mu 1959

 Nashitse kuri Beteli muri Nzero mu 1958. Ico gihe, umuryango wa Beteli wari ugizwe n’abantu batarenga 12. Nashinzwe gufasha abahinduzi babiri bakorera kw’ishami. Hari vyinshi vyo gukora kandi sinari bwigere nkora igikorwa c’ubuhinduzi. Ariko mfashijwe na Yehova, naratanguye gukunda ico gikorwa.

 Ata n’imyaka ibiri ihaciye, igikorwa c’ubuhinduzi caratunganijwe bushasha maze ndungikwa gukora ubutsimvyi. Naratangaye cane kubera ko ico gihe nari namaze kumenyera kuri Beteli. Ariko mu nyuma, nahavuye mbona ko ico gikorwa gishasha nashinzwe nk’iyindi ngabire Yehova yampaye

Ingabire yo gukorana n’abamamaji b’abanyamwete

 Ku wa 1 Nyakanga 1959, naratanguye gukorera ubutsimvyi budasanzwe mu gisagara c’i Cremona. Umutsimvyi twakorana yitwa Doris Meyer yari yaje ava muri Danemarke. Yansumvya imyaka mikeyi gusa, ariko yari umutsimvyi azi utuntu n’utundi kandi naramwigiyeko vyinshi. Doris yari umuntu yibwiriza, arinda kandi yumirako. Twempi twari dukeneye izo kamere kugira twamamaze muri ako karere, kubera ari twe twenyene twari Ivyabona mu gisagara cose.

Narigiye vyinshi kuri Doris (i bubamfu) na Brunilde (i buryo), abo twakoranye ubutsimvyi i Cremona

 Doris yashitse i Cremona imbere yanje kandi yari yarakotesheje inzu kugira bazoze barayigiriramwo amakoraniro. Abapatiri b’aho bamaze kumenya igikorwa dukora, barashavuye cane kandi baciye baza barigisha abantu kutatwumviriza.

 Umusi umwe, baraturengukije mu gipolisi. Ntibadupfunze ariko baciye babwira Doris ko kubera yuko ari umunyamahanga akwiye kuva i Cremona. Amaherezo, yarasubiye muri Danemarke kandi yagumye akorera Yehova adahemuka.

 Haheze igihe gito, uwundi mudada atarubaka urwiwe yitwa Brunilde Marchi yararungitswe gukorera i Cremona. Brunilde yari umudada yitonda, yimereye neza kandi yakunda kwamamaza. Twararonse abantu benshi twigisha Bibiliya kandi bamwe muri bo barateye imbere.

 Ndakengurukira Yehova kuba yarampaye akaryo ko kuba mu bantu batanguye kwamamaza i Cremona. Ubu hari amashengero atanu muri ico gisagara.

Ikintu ciza ntari niteze

 Maze hafi imyaka ibiri i Cremona, kuri Beteli baranterefonye. Ico gihe hari ibikorwa vyinshi mu buhinduzi bijanye no gutegura iteraniro ryari kumara imisi itandatu ryataziriwe ngo «Abasenga bunze ubumwe», rikaba ryari kuba muri Mukakaro 1961. Rero, baransavye kugaruka kuri Beteli. Naranezerewe cane. Naciye nsubira kuri Beteli ku wa 1 Ruhuhuma 1961.

 Twakora amasaha menshi ariko kari agateka kumara umusi turiko turahindura amayagwa ashingiye kuri Bibiliya. Ayo mezi yaheze n’ingoga. Twagiye tubona iteraniro rigeze.

 Kuri iryo teraniro, baratangaje ko Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki, igiye gushirwa mu gitaliyano. Nibwiye nti: «Ibikorwa bigiye kwongerekana.» Kandi sinari nibeshe kuko abavukanyi bambwiye ko nari ngiye kumara ikindi kiringo ng’aho kuri Beteli kandi gushika n’ubu ni ho nkiri, hakaba haheze imyaka irenga 60.

Mu rwego rw’ubuhinduzi mu 1965

Iyindi ngabire y’agaciro Yehova yampaye

 Iyindi ngabire maze imyaka itari mike mpa agaciro ni ukuba ntigeze nubaka urwanje. Sinshatse kuvuga ko ntigeze niyumvira kwubaka urwanje. Mu vy’ukuri, kuba ntari bwubake urwanje hari igihe vyantera amaganya. Narabwira Yehova uko niyumva. Aranzi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Naramusaba ngo amfashe gutahura ingingo nziza nofata.

 Naratanguye guha agaciro ivyanditswe nka Matayo 19:11, 12 na 1 Abakorinto 7:8, 38 kandi ndashimira Yehova kuba yaramfashije kubona ibintu mu buryo bwiza akongera akampa amahoro yo mu mutima. Sinigera nicuza ku ngingo nafashe kandi ndashima kuba narashoboye gukorera Yehova uko nshoboye kwose ntubatse urwanje.

 Uko imyaka yagiye irarengana, nariboneye ingene ibikorwa vy’ubuhinduzi vyagiye biraryohorwa uko ishirahamwe rya Yehova ryabandanya gutera mu bijanye no gukoresha ubuhinga bwa none hamwe n’«amatunga y’amahanga.» (Yesaya 60:5) Ayo mahinduka yaza araba, yatumye abavukanyi bo hirya no hino kw’isi barushiriza kwunga ubumwe. Nk’akarorero, mu 1985 integuro z’Umunara w’Inderetsi zo mu gitaliyano no mu congereza zaratanguye kuza zirasohokera rimwe. Ubu, ibiganiro n’amavidewo biraboneka mu ndimi nyinshi kuri jw.org kandi vyinshi muri vyo bisohokera rimwe n’icongereza. Mu vy’ukuri, Yehova ariko aratuma abasavyi biwe bunga ubumwe bakongera bakaronka imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe kibereye.

 Yehova yarankoreye ibintu vyinshi. Yaratumye mba umutsimvyi adasanzwe yongera aramfasha kuzana abantu kuri we. Yaratumye nshika ku co namye nipfuza na co akaba ari gukorera kuri Beteli, aho naronse abagenzi bo mu myaka itandukanye kandi bo mu mico kama itandukanye. Vyongeye, kubona mawe yarabatijwe afise imyaka 68 vyambereye umuhezagiro udasanzwe. Ndashashaye gusubira kumubona hamwe n’abandi bo mu muryango wanje igihe abari mu mva bazozuka.​—Yohani 5:28, 29.

 Ndashashaye kubona ivyo Yehova azokorera abasavyi biwe muri kazoza, igihe ‘ibintu vyose azoba yabigize bishasha.’ (Ivyahishuwe 21:5) Ndazi neza ko Yehova atazokwigera areka kuduha ku bwinshi «ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.»​—Yakobo 1:17.

Ndi ku bikorwa mu rwego rw’ubuhinduzi muri kino gihe

a Inkuru y’ubuzima ya Piero Gatti yasohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2011 ku rupapuro rwa 20-23.