Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JAY CAMPBELL | INKURU Y’UBUZIMA

Yankuye hasi anshira hejuru

Yankuye hasi anshira hejuru

 Nkiri muto, nari mfise amasoni menshi. Nashima kuguma mu nzu ninyegeza abantu, kandi kenshi narumva umengo nta gaciro mfise. Ni gake naganira n’abandi ndi mu bantu benshi kandi naratinya ko abantu bonsuzugura. Reka ndabiganire inkuru yanje.

 Muri Myandagaro 1967 mfise umwaka n’igice, nari niriwe neza ariko mu nyuma naragize ubushuhe bwinshi. Bukeye, navyutse ata nguvu mfise mu maguru. Ku bitaro vy’i Freetown muri Sierra Leone aho naba, basanze ngwaye ubukangwe akaba ari umugera utuma umuntu amugara. Iyo ndwara ifata canecane abana batarakwiza imyaka itanu. Naho bagerageje kugorora amaguru yanje, nta cavuyemwo. Amaguru yanje yagiye aranyunyuka ku buryo ntari ngishobora gutambuka canke guhagarara. Dawe yama ambwira ko ndi «igice c’umwana» kubera ubwo bumuga. Kubera nagenda navura gusa kandi nkumva umengo nta co maze, nabona ko ata co nzovamwo.

Nakuze nikwega hasi

 Ahantu nakuriye, twabana na mawe n’iyindi miryango myinshi yari ikenye cane. Naho abantu bankunda, naripfuza ko na dawe ankunda ariko ntivyigeze biba. Bamwebamwe bariyumvira ko ntarwaye indwara isanzwe ahubwo ko bandoze. Abandi na bo babwiye mawe kunjana mu kigo citwararika abana bamugaye. Bavuga ko ivyo vyotumye yikurako umutwaro wo kunyitwararika. Mawe yaravyanse yivuye inyuma maze arakora uko ashoboye kwose kugira anyitwararike.

 Kubera ko ntashobora guhagarara canke ngo ntambuke, nagenda nikwega hasi. Kandi ukwo kwikwega hasi kwatuma ngira ibikomere. Kugira sinkomereke, nambara impuzu zikomeye. Nambara ikamambiri ku maboko yanje kugira nikingire. Mu nyuma, nararonse akantu gakozwe mu mbaho kakingira neza amaboko yanje. Kugira mve aho ndi, narashira ivyo bibaho imbere yanje maze nkavyishimikiza kugira negere imbere. Naca nkwega amaguru ndayerekeza ahantu hamwe kandi ivyo nkabikora nunamye. Igihe naba negeye imbere, kugira mve aho ndi ntivyanyorohera. Ivyo vyarandusha cane ku maboko no ku bitugu. Kubera ko kwikwega gutyo vyansaba inguvu nyinshi, sinakunda kuva muhira. Sinashobora kuja kw’ishure canke gukina n’abandi bana. Naribaza ukuntu nobaho hamwe mawe tutoba turi kumwe.

 Narasenze Imana ndayisaba ko yomfasha sinzokwigere nsegerereza. Niyumvira ko hamwe noyiyegereza nkayikorera nk’uko ishaka, izondonsa ivyo nkeneye. Rero, umusi umwe mu 1981, naragiye ku rusengero kw’ibarabara twabako, naho kugenda vyambabaza cane. Narumva ubuyega kubera abantu baguma bandaba. Umupasitori ntiyampaye ikaze kandi yarakariye mawe kubera ko nari nicaye ku ntebe yaguzwe n’abandi. Rero naciye mfata ingingo y’uko ntazosubirayo.

Ukuntu namenye Dawe wo mw’ijuru

 Umusi umwe mu gitondo mu 1984 mfise imyaka 18, naruriye ingazi ngiye kw’idirisha aho nakunda kwicara imisi yose. Ndi ng’aho nabona ibintu vyose biriko bibera hanze. Ariko naciye nsubira kumanuka kugira nje hanze y’urupangu, aho wasanga ata bantu bahari. Nshitseyo, nahuye n’abagabo babiri bariko baramamaza inzu ku nzu. Barambwiye ibijanye na kazoza keza igihe ntazoba nkimugaye. Basomye muri Yesaya 33:24 no mu Vyahishuwe 21:3, 4. Baca bampa agatabu keza cane kitwa Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare! maze banyemerera kuzogaruka kunyigisha vyinshi.

 Bagarutse bambwiye yuko bazoza bazananye na Pauline kugira tubandanye ikiyago. Akaba yari umumisiyonari yari aherutse kuza muri ako karere. Barabikoze, kandi Pauline yaciye ambera nk’umuvyeyi. Mawe yamvyaye yarandemesheje kwiga Bibiliya n’uwo muvyeyi mushasha nari nironkeye yitangira abandi abigiranye urukundo, afise ukwihangana, ubuntu, yitaho abandi kandi akama arondera kumenya uko merewe. Yaranyigishije gusoma. Akoresheje Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, yaramfashije yitonze kumenya Dawe afise urukundo namye nipfuza kuronka.

Pauline umumisiyonari yanyigishije Bibiliya

 Ivyo nize muri Bibiliya vyarandyoheye cane. Umusi umwe, narabajije Pauline nimba nari gushobora kwitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ryitwa inyigisho y’igitabu, a rikaba ryabera mu muhana w’Icabona ca Yehova, hafi y’aho naba. Pauline yaravyemeye. Ku musi wa kabiri ukurikira, yaraje kuntora, arandindira ndoga, ndambara kugira tujane kw’ikoraniro. Hari umuntu yambwiye ko nobwira Pauline andihire taxi, ariko namwishuye nti: «Ndaza kujayo nkoresheje imbaho zanje.»

 Hageze ko ngenda, mawe n’ababanyi bandabana ubwoba. Ndiko ndasohoka urupangu, hari ababanyi basemereye babwira Pauline bati: «Uriko uramuhata!»

 Pauline yaciye ambaza abigiranye umutima mwiza ati: «Jay, woba ushaka kuza?» Ako kari akaryo ndonse ko kwerekana ko nizigiye Yehova. (Imigani 3:5, 6) Naciye mvuga nti: «Egome! Ni jewe navyihitiyemwo.» Uko negereza irembo, ababanyi baguma banyihweza bumiwe maze barahindura uko bambona. Igihe nasohoka urupangu baciye batangura gukoma amashi.

 Ikoraniro ryarandyoheye cane. Ryarandemesheje. Bose banyakiriye neza. Nta n’umwe yanyeretse ko ata co maze. Numvise nisanze. Sinasubiye gusiba. Ata gihe kihaciye, narabajije nimba noshobora kwitaba n’amakoraniro yabera ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Nari nkenye kandi nari mfise impuzu zibiri gusa nza ndahindura hamwe n’umwambaro umwe w’ikamambiri. Naho vyari ukwo, nari nizigiye ko abasavyi b’Imana batazonsuzugura. Kandi ni ko vyagenze.

 Kugira nshike ku Ngoro y’Ubwami, vyansaba kugenda gushika kw’ibarabara aho nafatira taxi, maze iyo taxi ikanshikana munsi y’umusozi ahari Ingoro y’Ubwami. Abavukanyi baca banterura bakanshikana mu Ngoro.

 Kubera ko nari narahonjeje ukumera neza kwa Yehova, naciye nshaka guhungira kuri we. Naciye niyemeza kutazokwigera nsiba ikoraniro na rimwe. (Zaburi 34:8) Mu gihe c’imvura, kenshi nashika ku Ngoro najovye nuzuye n’ivyondo, nkaca mbwirizwa guhindura impuzu kandi ni vyo vyaba bibereye.

 Mu gitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 1985 harimwo inkuru yanje. Hari umudada yitwa Josette wo mu Buswise, amaze gusoma ibinyerekeye muri ico gitabu c’umwaka, yaciye andungikira agakinga k’abamugaye gafise amapine atatu hamwe n’ikintu gikinga ivyondo n’amatara y’inyuma meza cane. Inyuma y’aho, narashobora gutembera numva ko hari ico maze. Abana baratangarira iryo kinga ryanje bakavuga ko baryoherwa no kumbona ndiko ndarinyonga. Nakuze nikwega hasi, ariko igihe naronka iryo kinga numva ndi nk’umwamikazi, kandi nubashwe.

Nshirwa hejuru

 Vyaranyoroheye gutera imbere mu vy’impwemu kubera ko nari nsanzwe mbayeho nigenza neza kandi mfise ubuzima buciye bugufi. Agakinga kanje karamfashije kwamamaza, maze itariki 9 Myandagaro 1986 ndabatizwa. Igihe nabatizwa, narushirije kugira ubuzima bwiza kandi ndahimbarwa kuruta uko nari ndavyiteze. Narahimbawe nongera ndumva ko hari ico maze kubera ko nari nsigaye mfise dawe ankunda kandi nkaba nari nkikujwe n’abantu banyitwararika vy’ukuri.

 Kugira nkengurukire Yehova, nariyumviriye gukora ubutsimvyi busanzwe ariko sinari nzi neza ko nobishoboye. (Zaburi 116:12) Narasenze ku bw’ico kintu, nca mfata ingingo yo kugerageza. Natanguye ubutsimvyi ku wa 1 Nzero 1988, kandi kuva ico gihe sindabuhagarika. Ivyo vyambereye umuhezagiro. Ndafise abavukanyi n’abadada bamfasha gushitsa amasaha nsabwa buri kwezi. Kandi nariboneye ingene Yehova yanshigikiye akoresheje impwemu yiwe nyeranda.​—Zaburi 89:21.

 Kubera ko nari umutsimvyi, sinaguma ahantu hamwe kandi vyarafasha amaguru naho yagoyagoya. Haheze igihe gito, naragiye ku bitaro bishasha nizigiye ko bomfashije kugorora amaguru. Ariko umuforoma yahakorera yambwiye ko ntoguma nja kubagora kubera ko ndi mu gupfa. Igihe abo bakorana bambwira nk’ukwo nyene, naravunitse umutima. Naratashe muhira, ndasenga Yehova ndamusaba ngo amfashe kwihangana yongere amfashe ndonke aho novurirwa.

 Igikorwa co kwamamaza ni kimwe mu bintu vyamfashije. Caratuma ngorora amaguru neza. Haheze imyaka, umwe muri ba baforoma bambwira ko nsigaje igihe gito mpfe yaraciye haruhande y’Ingoro y’Ubwami arambona. Yaratangaye cane abonye nkiri muzima!

 Naho nari mfise ingorane, naragerageza kugumana umwete mu gikorwa ca Yehova. Abavukanyi barankeza kubera umwete mfise no kuba nshika kare kw’ikoraniro. Ivyo nama ndabikora kubera ko bimfasha kuronka umwanya wo kuramutsa abavukanyi n’abadada no kubitwararika.

 Narahonjeje ukumera neza kwa Yehova kandi narironkeye imihezagiro vyinshi. Nararyohewe kuba narafashije abantu batatu barabatizwa. Umwe muri bo yitwa Amelia, yarateye imbere gushika n’aho yitaba ishure rya Gileyadi umugwi wa 137. Naritavye Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi incuro irenze imwe, rikaba ari intunganyo nziza cane iva kuri Yehova. Yehova yaratumye mba umuntu ahimbawe, yumva ko hari ico amaze. Ubu abantu baranyubaha. Sincumva ubuyega kubera ukuntu meze. Ndafise abagenzi beza mw’ishengero, atari gusa aho mba i Freetown, ahubwo mu gihugu cose mbere no hirya no hino kw’isi.

 Haraheze hafi imyaka 40 menye umuhango w’Imana w’uko mw’isi nshasha ata bumuga buzoba bukiriho. Kuba uwo muhango ari uw’ukuri bibandanya kundemesha, kandi ndashashaye kubona urangutse. Nguma ndindiriye kuko nzi ko Yehova Imana yanje atazocerwa. (Mika 7:7) Kubera ko ntatanye n’akabando naho mfise ubumuga, narironkeye imihezagiro myinshi. Yehova yaramfashije kwihanganira ingorane nyinshi n’ibihe bitoroshe. Yama amfasha ku gihe kibereye. Ndahimbawe vy’ukuri kandi namana umunezero mwinshi kubera ko Yehova yankuye hasi, aho nahora nikwega, anshira hejuru mu buryo ntari niteze.

a Ubu ryitwa Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero.