MILES NORTHOVER | INKURU Y’UBUZIMA
Yehova yarahezagiye utwigoro nagize kugira ndamukorere
Abavyeyi banje bamye bashigikira ishirahamwe rya Yehova. Nk’akarorero, hari umusi abavukanyi bo kuri Beteli y’i Londres bashaka kuronsa amata umuryango wa Beteli, dawe aca atanga inyana yavyawe n’inka imwe twari dufise yo mu bwoko bwa Jersiaise. Twama twivugira mu gufyina ko iyo nyana ari yo ya mbere «mu muryango wacu» yakoreye muri Beteli. Akarorero keza k’abavyeyi bacu karatumye nipfuza gukorera Yehova uko nshoboye kwose no kutigera ‘ndeka ngo ukuboko kwanje kuruhuke.’ (Umusiguzi 11:6) Vyongeye, Yehova yarampaye akaryo ko kumukorera mu buryo ntari niteze kandi yarahezagiye utwigoro twanje. Reka ndabiganire inkuru y’ubuzima bwanje.
Nakuranye na mushiki wanje w’imfura hamwe na mwene wacu agira kabiri mu gasagara ko mu gihugu hagati, kari hafi y’igisagara ca Bicester mu Bwongereza. Dawe yarakose inzu muri ako gasagara. Mfise imyaka 19, nariganye akarorero k’abo tuvukana mu gukora ubutsimvyi. Mu nyuma, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe i Scotland. Mu 1970 na ho mfise imyaka 23, naratumiwe gukorera kuri Beteli y’i Londres. Ndi ng’aho, narize ururimi rw’ibimenyetso. Kwiga urwo rurimi vyarahinduye ubuzima bwanje bituma mpimbarwa, kandi Yehova yarampezagiye cane.
Niga ururimi rw’ibimenyetso
Kuri Beteli, narungitswe mw’ishengero ry’i Mill Hill aho nahuriye n’Ivyabona vya Yehova batari bake b’abaragi. Sinipfuza ko kutamenya ururimi rw’ibimenyetso bimbuza kuba umugenzi wabo. Rero nahisemwo kuza ndicarana n’abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi ku makoraniro.
Ico gihe, nta mashengero akoresha ururimi rw’ibimenyetso yari ahari mu Bwongereza. Abaragi bitaba amakoraniro mu congereza, abavukanyi na bashiki bacu bumva bakabasobanurira programa ijambo ku rindi bakoresheje ibimenyetso bisunze indimburo yo mu congereza. Ariko rero, uko abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi babandanya kunyigisha ururimi rw’ibimenyetso bihanganye, narabonye ko ururimi rwabo rufise indimburo yarwo n’ukuntu amajambo atondekwa. Ni nk’aho icongereza rwari ururimi runyamahanga kuri bo. Igihe namenya ico kintu, naciye ndushiriza gukunda no kwubaha abagenzi banje b’abaragi kubera ukuntu batigera basiba amakoraniro. Vyongeye, naciye nongereza umwete wo kwiga ururimi rw’ibimenyetso.
Mu Bwongereza, ururimi rw’abaragi rwemewe n’amategeko ni ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza canke BSL. Haciye igihe, abasobanura programa y’amakoraniro barize gukoresha urwo rurimi rw’ibimenyetso ruteye imbere aho gukoresha ibimenyetso vyisunga ururimi rw’icongereza. Vyatumye abaragi bungukira cane ku makoraniro. Kandi vyaratumye barushiriza kwunga ubumwe n’abavukanyi na bashiki bacu bumva. Nsubije amaso inyuma nko mu myaka irenga mirongo itanu iheze, ndabona ko Yehova yahezagiye cane icibare gikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Reka ndababwire amwe mu materambere ahambaye yabaye, Yehova akaba yaranteye agateka ko kuyagiramwo uruhara.
Igikorwa co kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso gitera imbere
Mu 1973, haheze nk’umwaka ngenywe kuba umukurambere, umuvukanyi w’umuragi yitwa Michael Eagers yaratanze iciyumviro c’uko twoza turagira amakoraniro amwamwe mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza. Komite y’ishami yaremeye ko jewe n’uwundi mukurambere dutunganya ukuntu amakoraniro yo mu rurimi rw’ibimenyetso yoza araba rimwe mu kwezi i Deptford, amaja mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Londres.
Ivyo vyavuyemwo ivyiza vyinshi. Ivyabona vya Yehova b’abaragi b’i Londres be n’abo mu bindi bice vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubwongereza baritavye ikoraniro rya mbere ryo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza. Ivyo vyatumye abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi be n’abandi baragi bashimishwa n’ukuri bashobora kwiga ivyerekeye Yehova na Bibiliya mu rurimi rwabo. Inyuma y’ikoraniro, twarayaga ku bijanye n’ivyo twiboneye kandi tugasangirira hamwe ibifungurwa n’ibinyobwa. Vyongeye, nararonka akaryo ko kuremesha abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe b’abaragi.
Mu nyuma, amakoraniro yo mu rurimi rw’ibimenyetso yaratanguye kuza arabera mu bisagara vy’i Birmingham na Sheffield. Abavukanyi na bashiki bacu bumva bipfuza kwiga ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza na bo nyene baritaba ayo makoraniro. Benshi muri bo bahavuye bagira uruhara mu bijanye no kumenyesha inkuru nziza mu rurimi rw’ibimenyetso mu gihugu cose.
Nararonse umukenyezi mwiza
Mu 1974, naramenyanye na mushiki wacu asa n’irirenga yitwa Stella Barker, akaba yari umutsimvyi adasanzwe mw’ishengero ryari hafi ya Beteli. Twarakundanye maze twubakana mu 1976. Inyuma y’aho, jewe na Stella twaciye tuba abatsimvyi badasanzwe. Twari mw’ishengero ry’i Hackney mu buraruko bwa Londres. Turi muri iryo shengero, Stella yarifatanije nanje mu gushigikira icibare gikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Nsubije amaso inyuma, ndashobora kuvuga ko gukorana ubutsimvyi na Stella vyatumye dutangura neza umubano wacu.
Ata gihe kihaciye, jewe na Stella twarabaye Abanyabeteli bakora bataha. Twari dufise ibikorwa vyinshi. Vyongeye, nari umusubirizi w’umuhagarikizi w’umuzunguruko, nkigisha mw’ishure ry’ubusuku bw’Ubwami rimenyereza abakurambere hanyuma ndafasha gutunganya ivyo gusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso kw’ihwaniro ry’akarere ryo mu rurimi rw’icongereza. Naho naruha cane, naragira umunezero.—Matayo 11:28-30.
Abahungu bacu babiri Simon na Mark bavutse mu 1979 no mu 1982. Igihe bavuka twararyohewe cane, ariko ryari irindi banga ryiyongereye turonse. None twakoze iki kugira dushobore kwitwararika ayo mabanga yose? Jewe na Stella twafashe ingingo yuko igihe cose bizoba ngombwa ko tugira urugendo kubera ibikorwa nashinzwe, tuzogenda twese uko turi umuryango kandi tugafata umwanya wo kwiruhura. Twashaka ko abahungu bacu babona ko gukorera Yehova bituma duhimbarwa. None vyavuyemwo iki? Uko abana bacu bakura, ntibize ururimi rw’ibimenyetso gusa ariko barabaye n’abatsimvyi. Haciye nk’imyaka 40 inyana y’abavyeyi bacu itanguye ico twokwita umurimo wo kuri Beteli, Simon na Mark na bo baratanguye kuhakorera. Twararyohewe cane.
Tugerageza gufasha abaragi
Nko mu mpera z’imyaka ya 1990, nta mukurambere n’umwe w’umuragi yari mu Bwongereza, ariko hariho abakozi b’ishengero bamwebamwe b’abaragi. Vyatumye abakurambere bumva, ariko batazi ururimi rw’ibimenyetso basuzuma nimba hatoba hari abavukanyi b’abaragi «bashoboye kwigisha» bosukura ari abahagarikizi b’ishengero. (1 Timoteyo 3:2) Umwe mu bakozi b’ishengero b’abaragi yitwa Bernard Austin yari mw’ishengero ry’icongereza. Yari umuvukanyi yubahwa kandi yitwararika vy’ukuri intama za Yehova. Nararyohewe numvise ko Bernard yabaye umukurambere. Ni we muvukanyi w’umuragi yatanguye kuba umukurambere mu Bwongereza.
Mu 1996, harabaye ikintu c’intibagirwa. Ibiro vy’ishami vyaremeje ko ishengero rya mbere rikoresha ururimi rw’ibimenyetso rishingwa mu Bwongereza. Ryari i Ealing, mu burengero bwa Londres. Kandi amaterambere ntiyagarukiye aho.
Abaragi bungukira ku makoraniro yose
Mu myaka yo mu 1980 no mu 1990, nakora ibikorwa vya Beteli ndi muhira. Nakorana n’urwego rw’umurimo mu kwishura ibibazo bijanye n’icibare gikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Rimwe na rimwe, abavukanyi barandikira ibiro vy’ishami bakabaza nimba boshobora gufasha abaragi gutahura insiguro zishikirizwa mu rurimi rw’icongereza ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Mu ntango, nta ntunganyo yari ihari ijanye no gusobanurira abaragi ku makoraniro no ku materaniro, kandi nta n’ibitabu vyo mu rurimi rw’ibimenyetso vyari bihari. Rero akenshi nabwirizwa kuremesha abavukanyi, baba abumva canke b’abaragi, kwihangana bakarindira Yehova.
Ukwihangana kwacu ntikwabaye ukw’impfagusa. Bidatevye ibiro vy’ishami vyaratunganije ivy’uko amakoraniro n’amateraniro yo mu congereza aza arasobanurwa mu rurimi rw’ibimenyetso. Vyongeye, abaragi bicara imbere kugira baze barabona neza umushikirizansiguro n’umusobanuzi. Abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi barabona ko Yehova abakunda vy’ukuri kandi ko bafise agaciro mu muryango w’abasavyi biwe.
Itariki 1 Ndamukiza 1995, harabaye iteraniro ridasanzwe rya mbere ryo mu rurimi rw’ibimenyetso mu ngoro y’amateraniro i Dudley muri West Midlands. Narafashije umuvukanyi yahoze ari umuhagarikizi w’umuzunguruko David Merry, gutunganya ibijanye n’iteraniro. Bamwebamwe mu Vyabona b’abaragi baragira urugendo rw’ibilometero vyinshi bavuye i Scotland mu buraruko n’i Cornwall mu bumanuko bushira uburengero bagiye kw’itaba iteraniro. Vyari bihimbaye kubona abantu barenga 1.000 bitaba iryo hwaniro ry’intibagirwa.
Mu 2001, ibiro vy’ishami vyarasavye jewe n’umuvukanyi Merry gutunganya ihwaniro ry’akarere ryo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza mu mwaka wakurikira. Cari igikorwa kitoroshe. Ariko Yehova yarahezagiye utwigoro tw’abantu benshi bitanze, maze ihwaniro riragenda neza kandi riba iry’intibagirwa. Mu nyuma, naratewe agateka ko guhagarikira amahwaniro n’amateraniro yo mu rurimi rw’ibimenyetso mu myaka myinshi yakurikiye gushika Yehova aturonkeje abandi bavukanyi bakiri bato bakwije ibisabwa kugira barangure iryo banga.
Amavidewo y’abaragi
Mu 1998 twarahimbawe igihe ishirahamwe rya Yehova ryasohora agatabo ka mbere ko mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza, na ko akaba ari Ni ibiki Imana idusaba? (ividewo). Twaragakoresha mu kuyobora inyigisho nyinshi za Bibiliya.
Kw’ihwaniro ryo mu 2002, ni ho indirimbo z’Ubwami zatangura gusobanurwa ari bwo bwa mbere mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza. Abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi ubu barashobora kujana n’uwuririmba mu rurimi rw’ibimenyetso, bakaririmba mu buryo bwabo. Uwo muvukanyi kandi arabafasha kwumva baryoherewe uwo muziki. Ndacibuka umuragi umwe w’umukurambere yakoroye amosozi y’umunezero igihe yariko araririmba mu rurimi rw’ibimenyetso ari bwo bwa mbere.
Hari ikindi kintu c’intibagirwa cabaye kw’ihwaniro ryo mu 2002. Ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso ry’i Londres ryasabwe gutunganya ividewo y’igikino. Ariko ntitwari tuzi neza ingene twobigenza kuko ntitwari bwigere dukora ikintu nk’ico. N’ico gihe nyene, Yehova yaradufashije mu kuturonsa abavukanyi bazi gukora no gutunganya amasinema. Emwe iyo sinema yabaye nziza cane! Vyongeye, twarakengurutse cane no kuba twarize vyinshi kuri iyo poroje, kuko vyamfashije igihe naterwa agateka ko gukora amasinema ajanye n’amahwaniro yo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza kuri Beteli, kuva mu 2003 gushika 2008.
Jewe na Stella twararyoherwa kuba turi kumwe n’abahungu bacu kuri Beteli. Yamara twari dufise ibikorwa vyinshi. Inyuma y’indwi nka zingahe dusubiramwo twongera dufata amasanamu, umugwi w’abakinyi n’abatunganya amavidewo bararushe cane haba ku mubiri no mu mutwe. Ariko ako kigoro ntikabaye impfagusa. Twarahimbawe cane igihe twabona abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi batahura neza inkuru zo muri Bibiliya ku buryo benshi muri bo bakoroye amosozi y’umunezero.
Yehova yarabandanije kuduha ingabire nyinshi cane. Mu 2015, twararonse ividewo y’integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi mu rurimi rw’ibimenyetso rwo mu Bwongereza. Mu nyuma, mu 2019, ividewo y’igitabu co muri Bibiliya ca Matayo na yo nyene yarasohotse. Ubu, turafise Ivyanditswe vyose vy’ikigiriki vya gikirisu kandi n’Ivyanditswe vy’igiheburayo biriko birategurwa. Abavukanyi na bashiki bacu b’abaragi barashimira cane Yehova.
Twebwe abasavyi ba Yehova, turi mu muryango w’abavukanyi na bashiki bacu bigana urukundo rutagira nkunzi rwa Dawe wa twese wo mw’ijuru. (Ivyakozwe 10:34, 35) Jewe n’umuryango wacu turacatangazwa n’ukuntu ishirahamwe rya Yehova rikoresha umwanya, inguvu hamwe n’ubutunzi bwaryo mu gufasha abantu batandukanye, harimwo abaragi n’impumyi. a
Utwo twigoro twose ntitwabaye impfagusa kubera ko ubu hari amashengero atandukanye akoresha ururimi rw’ibimenyetso mu Bwongereza. Narahimbawe cane no kwibonera ingene icibare c’ururimi rw’ibimenyetso gitera imbere guhera mu «bikorwa bitobito [vyakozwe] mu misi y’intango.» (Zakariya 4:10) Ariko rero, vyose tubikesha Yehova. Arayobora ishirahamwe ryiwe, akaronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye kugira babwire inkuru nziza abantu b’uburyo bwose. Kandi aratuma imbuto z’Ubwami zikura mu mitima y’ababereye.
a Raba ikiganiro «Ingene intererano mutanga zikoreshwa: Inyuguti zihindura ubuzima»