Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

PHYLLIS LIANG | INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yarahezagiye ukwitanga kwanje

Yehova yarahezagiye ukwitanga kwanje

«Ndavyemeye.» Bibiliya ivuga ko ukwo ari ko Rebeka yishuye igihe yasabwa kugira ihinduka rikomeye mu buzima ngo akore ivyo Yehova agomba. (Itanguriro 24:50, 58) Naho ntabona ko ndi umuntu adasanzwe, naragerageje kwitanga nk’uko Rebeka yabigize kugira nkorere Yehova mu buryo butandukanye. Narahuye n’intambamyi ariko nariboneye ukuntu Yehova ampezagira, rimwe na rimwe mu buryo ntari niteze.

Hari umugabo yitereye mu myaka yatuzaniye ikintu c’agaciro

 Haciye imyaka mike umuryango wacu wimukiye mu gisagara ca Roodepoort muri Afrika y’Epfo, dawe yarapfuye. Mu 1947 mfise imyaka 16, nakora imisi yose mu gisata ca leta kijejwe amatelefone kugira nshigikire umuryango wanje. Umusi umwe ndi muhira, hari umugabo akuze yadodoye ku muryango iwacu aca adusaba kwiyandikisha kugira tuze turaronka Umunara w’Inderetsi. Twarabikoze kugira gusa tumunezereze.

 Ariko bidatevye, twaratanguye gukunda ivyo twariko turiga muri Bibiliya. Kubera ko mawe akiri muto yahoze ari mw’idini ryatunganijwe bushasha ry’Abadagi, vyatumye abona itandukaniro riri hagati y’ivyo Bibiliya yigisha n’ivyo iryo dini ryigisha. Twaremeye kwiga Bibiliya maze bidatevye turatangura kwitaba amakoraniro. Ni je nabatijwe ubwa mbere mu muryango iwacu mu 1949. Narabandanije gukora akazi imyaka mikeyi, ariko naripfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova.

Naripfuza kuja gukorera ahakenewe abamamaji

FomaA/stock.adobe.com

Ibitumbura vyitwa Koeksisters

 Mu 1954, naratanguye gukora ubutsimvyi busanzwe nongera ndasaba ibiro vy’ishami vyo muri Afrika y’Epfo kuja ahari inkenero. Ibiro vy’ishami vyansavye kuja mu gisagara ca Pretoria kandi barampaye uwundi mudada w’umutsimvyi kugira dukorane. Twe n’uwo mudada twaba ahantu heza kandi ndacibuka ibitumbura biryoshe cane badandariza muri ako karere bita koeksisters.

 Uwo mudada twabana amaze kwubaka urwiwe, umuvukanyi George Phillips, akaba yakora ku biro vy’ishami, yambajije nimba noshima kuba umutsimvyi adasanzwe. Narabishimye cane.

 Natanguye ubutsimvyi budasanzwe mu 1955, mu gisagaca citwa Harrismith. Jewe n’uwo twari dusigaye dukorana uwo murimo, ntivyatworoheye kuronka ahantu heza ho kuba. Nk’akarorero, abakuru b’idini rimwe ryo muri ako karere baramenye ibitwerekeye baca bahata nyene inzu ngo atwirukane.

 Mu nyuma, nararungitswe gukorera i Parkhurst, muri Johannesburg. Aho twakorana n’abadada babiri b’abamisiyonari. Haciye igihe, umwe muri bo yarubatse urwiwe maze uwundi arungikwa gukorera ahandi. Umudada yimereye neza yitwa Eileen Porter yaremeye ko ngumana na we naho we n’umuryango wiwe ata cumba bari bafise nari gushikiramwo. Iyo nzu yari irimwo ibice bibiri bitandukanijwe n’irido, rero jewe narara mu kumba gato kari ku ruhande. Eileen yari afise umutima mwiza, akaba yararemesha abandi kandi narumva nisanze ndi kumwe na we. Naratangazwa n’umwete afitiye ukuri naho yari afise vyinshi vyo gukora kugira yiteho umuryango wiwe.

 Bidatevye nararungitswe mu gisagara citwa Aliwal North co mu ntara yitwa Eastern Cape gukorana n’umudada yitwa Merlene (Merle) Laurens. Twese twararenza imyaka 20. Hari umudada yitereye mu myaka yitwa Dorothy yatubereye akarorero keza, tukaba twarakunda cane kumwita Tantine Dot. Akiri muto, imbwa zarigeze kumutabagura ari kwamamaza ariko ivyo ntivyatumye umwete wiwe ugabanuka.

 Mu 1956, Merle yaritavye ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 28. Naripfuza kujana na we. Yamara, tantine Dot yaranyitwararitse kandi twahavuye tuba abagenzi somambike naho yari akuze.

 Cokimwe na Merle, naratumiwe mw’ishure rya Gileyadi kandi vyarandyoheye cane. Imbere y’uko ndaryitaba, naramaze amezi umunani ndi mu gisagara citwa Nigel ndiko ndakorana na Kathy Cooke, na we akaba yari yaritavye ishure rya Gileyadi. Kathy yaratumye numva nshashaye kwibonera ingene ishure rya Gileyadi rigenda kandi muri Nzero 1958, naragiye i New York.

Nari niteguriye kumenyerezwa

 Igihe nari i Gilead, nabana mu cumba kimwe n’umudada wo muri Samowa yitwa Tia Aluni hamwe na Ivy Kawhe umudada wo mu bwoko bwitwa Maori. Igihe nari muri Afrika y’Epfo, intwaro karyanishamiryango yaratandukanya abazungu n’abo badasangiye ibara ry’urukoba, rero kubana n’abo badada vyambereye bishasha. Sinatevye kubiyumvamwo cane kandi nararyohewe kuba nari mw’ishure ryari rigizwe n’abavukanyi bavuye mu mihingo itandukanye yo kw’isi.

 Umwe mu bigisha b’ishure rya Gileyadi yari umuvukanyi Maxwell Friend. Yatwigisha mu buryo budasanzwe. Mw’ishure yigishirizamwo, hari amatara atatu akaba yari yanditseko ngo «urugero rw’ijwi,» «ukuntu umuntu avuga,» n’«ubushobozi.» Igihe umunyeshure yaba ariko ashikiriza insiguro canke umwerekano umuvukanyi Friend yaratsa rimwe muri ayo matara igihe yaba abona ko hari ikibuze muri ico kiganiro. Kubera mfise amasoni, kenshi yaratsa ayo matara ndiko ndatanga ikiganiro kandi ivyo rimwe na rimwe vyaratuma ndira. Naho vyari ukwo, narakunda umuvukanyi Friend. Igihe naba ndiko ndakora isuku mu karuhuko, yaranzanira agakawa.

 Uko amezi yarengana, naguma nibaza aho bazondungika. Uwo twahoze dukorana ubutsimvyi Merle yari yarize ishure rya Gileyadi kandi yarungitswe gukorera i Peru. Yambwiye ko nobaza umuvukanyi Nathan Knorr, uwari ahagarikiye igikorwa ico gihe nimba noshobora gusubirira uwo bakorana mu gikorwa c’ubumisiyonari kuko yagire yubake urwiwe. Umuvukanyi Knorr yama aza ahabera ishure rya Gileyadi haciye indwi nka zingahe. Rero vyari vyoroshe kuganira na we. Igihe narangiza iryo shure, narungitswe gukorera muri Peru.

Nkorera mu misozi

Ndi kumwe na Merle (i buryo) muri Peru, mu 1959

 Nararyohewe cane igihe nasubira kubonana na Merle i Lima muri Peru. Haciye imisi mike ndahashitse, nararonse inyigisho za Bibiliya zitera imbere naho nari nciga igisupanyoli. Mu nyuma, jewe na Merle twararungitswe i Ayacucho, mu misozi miremire. Mvugishije ukuri, ntivyari vyoroshe kuhakorera. Nari nzi igisupanyoli gike ariko abantu benshi bo ng’aho bavuga igi Quechua, kandi vyadusavye ikiringo kitari gito kugira tumenyere kuba muri iyo misozi aho wasanga hari na ogisijeni nkeya.

Ndiko ndamamaza muri Peru, mu 1964

 Numva umengo nta vyinshi naranguye i Ayacucho kandi naribaza nimba abantu benshi bazomenya ukuri muri ako karere. Ariko rero ubu, igisagara ca Ayacucho kirimwo abamamaji barenga 700 n’ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami bihindura mu rurimi rw’igi Quechua (Ayacucho).

 Mu nyuma, Merle yarubakanye n’umuhagarikizi w’umuzunguruko yitwa Ramón Castillo maze mu 1964, Ramón aritaba ivyigwa vyamaze amezi 10 i Gileyadi. Muri ivyo vyigwa yari kumwe n’umuvukanyi twiganye i Gileyadi yitwa Fu-lone Liang. Ico gihe yakorera muri Hong Kong, ariko akaba yari asubiye gutumirwa i Gileyadi kugira aronke ukumenyerezwa kwiyongereye kwomufashije mu bikorwa vyo kw’ishami. a Fu-lone yarabajije amakuru yanje Ramón, bica bituma jewe na Fu-lone dutangura kwandikiranira.

 Fu-lone ntiyatevye kumbwira ko turiko turondera kumenyana kugira tuzokwubakane. Hari umuvukanyi w’umumisiyonari yitwa Harold King yakorera muri Hong Kong yemeye kuza arandungikira amakete Fu-lone yanyandikira, kuko yama aja kuri posita. Harold yaracapa utuntu ku mabahasha Fu-lone yanyandikira, akandikako n’utujambo nk’utu «Nzomumbwira azoze arakwandikira kenshi.»

Ndi kumwe na Fu-lone

 Haciye amezi 18 twandikiranira, jewe na Fu-lone twafashe ingingo yo kwubakana. Navuye i Peru maze nk’imyaka indwi nkorerayo.

Ubuzima bushasha muri Hong Kong

 Ku wa 17 Munyonyo 1965, jewe na Fu-lone twarubakanye. Narahimbawe n’ubwo buzima bushasha muri Hong Kong, ndi kumwe n’umugabo wanje hamwe n’iyindi miryango ibiri ku biro vy’ishami. Igihe Fu-lone yaba ari mu gikorwa c’ubuhinduzi kw’ishami, nanje naba ndi mu ndimiro. Kwiga igi Cantonese ntivyari vyoroshe ariko abandi badada b’abamisiyonari n’umugabo wanje nikundira baranyihanganira bakamfasha. Kubera nari nkiriko ndiga ururimi rushasha, kwigisha Bibiliya abana bakiri bato vyatuma ntata umutwe cane.

Abantu batandatu bari bagize umuryango wa Beteli hagati mu myaka ya 1960. Jewe na Fu-lone turi hagati

 Haciye imyaka nk’ingahe, jewe na Fu-lone twarimukiye mu nzu y’abamisiyonari iri mu kandi gace ko muri Hong Kong kitwa Kwun Tong, kugira ngo Fu-lone ashobore kwigisha igi Cantonese abamisiyonari bashasha. b Narakunda cane kwamamaza muri ako karere ku buryo kenshi ntashaka gutaha muhira.

 Mu 1968 narahimbawe ndonse igitabu gishasha co kwigishirizamwo abantu cari gifise umutwe uvuga ngo Ukuri kujana mu buzima budahera. Ugereranije n’icahahora citwa «Imana iboneke ko ari inyakuri,» coco cari coroshe cane kubera ko cafasha n’abantu batamenyereye ivya Bibiliya canke abatari abakirisu.

 Ariko narihenda mu kwiyumvira ko abo nigisha Bibiliya bariko barakira ukuri kubera ko gusa bishura neza ibibazo biri muri ico gitabo. Vyarashitse ntabiciye n’ikanda uwo nigisha Bibiliya ararangiza ico gitabo cose ataremera ko Imana ibaho. Vyanyigishije ko nkeneye kuza ndaganira n’abo nigisha kugira menye uko babona ivyo bariko bariga.

 Haciye imyaka mikeya tuba i Kwun Tong, twarasubiye kw’ishami maze Fu-lone aba umwe mu bagize Komite y’ishami ry’i Hong Kong. Namaze imyaka nkorera mw’isuku no kw’iyakiriro. Rimwe na rimwe, Fu-lone yarafata urugendo tutari kumwe kubera ko yaba agiye mu bikorwa yashinzwe vy’ibanga kandi nabona ko ari agateka kumushigikira mu mabanga ajejwe.

Fu-lone ariko aratangaza ko hasohotse igitabu La prophétie d’Isaïe, igice ca 2 mu gishinwa gisanzwe n’icoroheje

Haba ihinduka ntari niteze

 Ikibabaje, mu 2008 ibintu vyarahindutse mw’ijoro rimwe. Igihe umugabo wanje nikundira Fu-lone yari ku rugendo yarapfuye giturumbuka ata n’igihe kinini gisigaye ngo Icibutso c’urupfu rwa Yezu kibe. Naravunitse umutima. Abavukanyi n’abadada baranshigikiye kandi ku nsiguro y’icibutso narigumije ndafasha uwitavye Icibutso kurondera ivyanditswe vyariko birasomwa. Hari icanditswe kimwe Fu-lone yakunda cankomeje. Cavuga giti: «Jewe Yehova Imana yawe n[da]gufata ukuboko kw’ukuryo, . . . Nzogufasha.»​—Yesaya 41:13.

 Haciye imyaka indwi Fu-lone apfuye, abavukanyi bo muri Hong Kong baransavye kwimukira ku biro vy’ishami vyagutse kugira nshobore kuronka abitwararika amagara yanje. Rero, mu 2015 narimukiye kw’ishami ryo muri Afrika y’Epfo akaba ari hafi y’aho namenyeye ukuri mu 1947.

 Maze imyaka myinshi ndyoherwa no gukorera Yehova kandi ndabona ko Yehova yahezagiye ukwitanga kwanje. Ndacayaga n’abo nigishije Bibiliya bariko barakorera Yehova badahemuka kandi narabonye ukuntu Yehova ashobora guhezagira ibintu biboneka nk’ibisanzwe dushobora gukora mu gikorwa co kwamamaza. Nk’akarorero mu 1958, muri Peru hari abamamaji 760 ariko mu 2021 bari bageze ku 133.000. Muri Hong Kong na ho, mu 1965 hari abamamaji nka 230 ariko mu 2021 bari bageze ku 5.565.

 Kubera nitereye mu myaka, singishobora gukora nk’ivyo nahoze nkora. Ariko ndacipfuza kwitanga kandi ndashashaye kuzokwitanga mw’isi nshasha, nakare hazoba hari ibikorwa vyinshi vyo gukora. Ico gihe nzoba nshashaye kuvuga nti: «Ndavyemeye.»

a Nimba wipfuza kumenya ukuntu Fu-lone Liang yamenye ukuri, nurabe Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 1974 (mu gifaransa), urupapuro rwa 51.

b Nimba wipfuza kumenya ivyo Fu-lone yakoreye i Kwun Tong, nurabe Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 1974 (mu gifaransa), urupapuro rwa 63.