Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TAPANI VIITALA | INKURU Y’UBUZIMA

Narashitse ku cipfuzo canje co gufasha abaragi

Narashitse ku cipfuzo canje co gufasha abaragi

 Igihe nahura n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, baranyeretse umuhango wo muri Bibiliya uvuga ko «amatwi y’abatumva [azozibuka].» (Yesaya 35:5) Kubera ko navutse ndi umuragi, vyarangora kwiyumvira ukuntu amajwi ameze. Ku bw’ivyo, uwo muhango ntiwantangaje cane. Icankoze ku mutima cane ni igihe banyereka muri Bibiliya ko Ubwami bw’Imana buzokuraho akarenganyo, intambara, indwara hamwe n’urupfu. Haciye igihe, naripfuje cane kubwira abandi baragi ivyo nize.

 Navutse mu 1941 mu muryango w’abaragi, tukaba twaba i Virrat, muri Finlande. Abavyeyi banje, benshi mu ncuti zacu na mwenewacu hamwe na mushikanje bari abaragi. Twayaga dukoresheje ururimi rw’ibimenyetso.

Niga ibintu vyiza cane biri muri Bibiliya

 Ntivyari vyemewe gukoresha ururimi rw’ibimenyetso kw’ishure ry’indaro nigako ryari nko ku birometero 240 uvuye muhira. Ico gihe, amashure y’abaragi muri Finlande yigisha abaragi kwiga kuvuga no kugerageza kumenya ivyo umuntu avuze umuravye ku munwa, rero twakubitirwa kubikora. Abigisha babonye turiko turakoresha ururimi rw’ibimenyetso, baca badukubita cane ku ntoki bakoresheje irate canke inkoni ku buryo twamara imisi intoki zivyimvye.

 Mpejeje amashure yisumbuye, naciye nja muri kaminuza kwiga ivy’uburimyi. Abavyeyi banje bari bafise imirima, kandi nari nkeneye kunonosora ibijanye n’uburimyi. Igihe nasubira muhira, narabonye ku meza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be Maso! Dawe yambwiye ko ivyo binyamakuru bisigura ibintu vyiza cane bivugwa muri Bibiliya, arambwira kandi ko hari umugabo n’umugore wiwe bamaze igihe baza kumwigisha Bibiliya we na mawe. Bayaga n’abavyeyi banje bakoresheje ikaramu n’urupapuro.

 Dawe yarambwiye ko igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, isi izohinduka iparadizo kandi ko abapfuye bazozuka. Ariko nari nigishijwe ko abantu bapfuye baja mw’ijuru. Nibajije ko atatahuye neza ivyo Ivyabona bamubwiye, kuko batakoresha ururimi rw’ibimenyetso mu kuyaga.

 Igihe uwo muryango wagaruka kuraba abavyeyi banje, narababajije ibijanye n’ivyo dawe yari yarambwiye. Banyishuye bati: «So wawe yavuze ukuri.» Baciye banyereka ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’izuka muri Yohani 5:28, 29. Baransiguriye ingene Imana izokuraho ubukozi bw’ikibi kw’isi, bongera barambwira ko abantu bazobaho ibihe bidahera mu mahoro kandi bafise amagara meza.​—Zaburi 37:10, 11; Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 21:1-4.

 Kubera ko nari nipfuza kumenya vyinshi, naciye ntangura kwiga Bibiliya n’Icabona ca Yehova yumva yitwa Antero. Ntiyari azi ururimi rw’ibimenyetso rero nishura ibibazo vyo mu gitabo twigiramwo mu kwandika inyishu ku rupapuro. Antero yarazisoma agaca yandika ibindi bibazo canke ibindi vyiyumviro. Buri ndwi mu kiringo c’amasaha abiri, yaranyigisha yihanganye akoresheje ubwo buryo nyene.

 Mu 1960, naritavye ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova kandi ico gihe iryo hwaniro ryasobanurwa mu rurimi rw’ibimenyetso. Ku wa gatanu ku muhingamo, baratangaje ko ku musi ukurikira hazoba ibatisimu. Rero, ku wa gatandatu mu gitondo, naciye ntekera impuzu mbatirizwamwo n’iswime hanyuma ndabatizwa. a Haheze igihe gito, abavyeyi banje na batoyi banje barabatijwe na bo nyene.

Abagize umuryango wanje bose barabatijwe

Mbwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya

 Naripfuza kubwira abandi baragi ivyo nize, kandi uburyo bwiza bwo kubikora kwari ugukoresha ururimi rw’ibimenyetso. Mu ntango, naramamaje n’umwete ku baragi baba mu karere nabamwo.

 Bidatevye narimukiye i Tampere, mu gisagara kinini kigwiriyemwo amahinguriro. Nararondera abaragi baba ng’aho mu kwamamaza inzu ku nzu, nkabaza uwo nsanze ku muhana nimba yomenya umuntu w’umuragi. Ukwo ni ko natanguje inyigisho za Bibiliya, kandi mu myaka mikeyi gusa i Tampere hari abamamaji b’abaragi barenga 10.

 Mu 1965, narahuye n’umudada yimereye neza yitwa Maire. Twaciye twubakana mu mwaka wakurikiye. Maire ntiyatevye kumenya ururimi rw’ibimenyetso kandi mu myaka 50 twamaze dukorera Yehova turi kumwe, narabonye ko yari umufasha w’intahemuka kandi akora cane.

Ku musi w’ubugeni bwacu mu 1966

 Haheze imyaka ibiri twubakanye, twaribarutse umuhungu yumva yitwa Marko. Muhira yarize ururimi rw’igifinlande akaba ari rwo yonse hamwe n’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Finlande. Marko yabatijwe afise imyaka 13.

 Ico gihe, benshi baraje mu mugwi w’ururimi rw’ibimenyetso rw’i Tampere. Ariko rero mu 1974, twarimukiye mu kindi gisagara citwa Turku, kandi aho nta muragi w’Icabona ca Yehova n’umwe yari ahari. Twarasubiye kurondera abantu b’abaragi mu kwamamaza inzu ku nzu. Mu myaka twamaze i Turku, 12 mu bo nigisha Bibiliya barabatijwe.

Nkorera mu turere twa Baltique

 Mu 1987, Marko yaratumiwe gukorera kuri Beteli. Umugwi wacu w’ururimi rw’ibimenyetso w’i Turku wari wamaze gukomera, rero twaciye dutegura ivyo kwimukira ahandi.

 Muri ico gihe nyene, twarashobora kwamamaza inkuru nziza mu mwidegemvyo mu burere bwo mu Buseruko bwa Buraya. Rero, muri Nzero 1992, jewe n’uwundi muvukanyi w’umuragi twarafashe urugendo tuja i Tallinn muri Estoniya.

 Twarabonanye n’umudada yari afise musazawe w’umuragi. Naho uwo muragi atashimishijwe n’inkuru nziza y’Ubwami, yaradufashije cane abigiranye umutima mwiza kubonana n’abandi baragi benshi bo muri Estoniya. Ijoro rya nyuma twamazeyo, wa muragi yaradutwaye mu nama yariko ikorwa n’ishirahamwe ry’abaragi ryo muri Estoniya i Tallinn. Twahashitse kare, duca turuzuza ku meza ibinyamakuru n’ibitabo mu rurimi rw’ikinyestoniya no mu kirusiya. Twatanze nk’ibitabu 100 n’ibinyamakuru 200 kandi twaramenye aho abaragi 70 baba. Ivyo vyabaye kuri uwo mugoroba, yari intango y’igikorwa co kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri Estoniya.

Turi ku rugendo tugiye kwamamaza mu karere kagizwe na Estoniya, Letoniya na Lituwaniya

 Gatoyi inyuma y’aho, jewe na Maire twaratanguye kuza turaja kwamamaza muri Estoniya. Twaragabanije umwanya twamara turiko turakora akazi katubeshaho, duca tuba abatsimvyi basanzwe. Mu 1995, twarimukiye hafi y’i Helsinki kugira bize biratworohera gufata ubwato tuja i Tallinn. Vyari biryoshe cane kwamamaza muri Estoniya kuruta uko twavyiyumvira.

 Twari dufise abantu benshi cane twigisha Bibiliya kandi 16 muri bo barateye imbere barabatizwa harimwo n’abakobwa babiri bavukana, bakaba bari abaragi b’impumyi. Nabigisha Bibiliya mu kugirira ibimenyetso mu biganza vyabo.

 Kwiga Bibiliya n’abaragi ntivyari vyoroshe. Ico gihe nta bitabu biri mu rurimi rw’ibimenyetso vyari bihari, rero narakoresha cane amafoto yo mu bitabu vyacu nari naregeranije.

 Ibiro vy’ishami vyo muri Finlande vyaransavye kugendera Letoniya na Lituwaniya kugira ndabe ukuntu igikorwa co mu rurimi rw’ibimenyetso coshobora gutera imbere muri ivyo bihugu. Twaragiye muri ivyo bisagara incuro zitari nke turafasha n’Ivyabona bo muri ubwo burere kurondera abaragi. Hafi ibihugu vyose, usanga bifise ururimi rw’ibimenyetso rwavyo. Rero narize ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Estoniya, Letoniya, Lituwaniya, n’urwo mu Burusiya rukaba rukoreshwa n’abaragi b’abarusiya baba muri utwo turere.

 Ikibabaje inyuma y’imyaka umunani tugira ingendo muri Estoniya, Letoniya na Lituwaniya, Maire bamutoye indwara y’urujugumizi bica biba ngombwa ko duhagarika izo ngendo.

Hatunganywa ivyo gufasha abaragi

 Mu1997, harashizweho umugwi w’ubuhinduzi wo mu rurimi rw’ibimenyetso kw’ishami rya Finlande. Kubera ko twaba hafi y’aho, jewe na Maire twarashoboye gufasha mu gutegura ibitabu vyo mu rurimi rw’ibimenyetso kandi n’ubu mpora ndabikora rimwe na rimwe. Twakorana n’umuhungu wacu Marko. Mu nyuma, we hamwe n’umugore wiwe Kirsi, bararungitswe mu bindi bihugu kumenyereza imigwi y’ubuhinduzi ihindura mu rurimi rw’ibimenyetso.

Ndiko ndafasha mu gukora ividewo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Finlande

 Vyongeye, Ibiro vy’ishami vyaratunganije ivyigwa bifasha abamamaji bumva kugira bige ururimi rw’ibimenyetso. Benshi barifatanije n’imigwi hamwe n’amashengero yo mu rurimi rw’ibimenyetso kubera ivyo vyigwa, barashigikira igikorwa co kwamamaza n’amakoraniro bongera barazezwa amabanga mw’ishengero.

Ndacafise icipfuzo gikomeye co gufasha

 Mu 2004, jewe na Maire twarafashije mu gutanguza ishengero rya mbere ry’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Finlande i Helsinki. Mu myaka itatu, ryari risigaye ari ishengero rigizwe n’abamamaji b’umwete kandi bakomeye mu vy’impwemu, harimwo n’abatsimvyi benshi.

 Twarasubiye kandi kwishingira umugambi wo kwimukira ahari inkenero kuruta. Mu 2008 twarimukiye hafi y’i Tampere, dusubira mu mugwi w’ururimi rw’ibimenyetso twahozemwo hakaba hari haciye imyaka 34. Umwaka wakurikiye, uwo mugwi w’ururimi rw’ibimenyetso ni wo wabaye ishengero rigira kabiri rikoresha ururimi rw’ibimenyetso muri Finlande.

 Muri ico gihe Maire yararushirije kuremba. Narabandanije kumwitwararika gushika apfuye mu 2016. Naho ndamukumbura cane, ndashashaye kuzomubona mw’isi nshasha igihe indwara zitazoba zikiriho.​—Yesaya 33:24; Ivyahishuwe 21:4.

 Mu kurindira, icipfuzo mfise co kwamamaza inkuru nziza ku baragi bagenzanje, ico kikaba ari igikorwa maze imyaka 60 nkora, kiracakomeye cane.

a Aho hari imbere y’uko hashirwaho intunganyo ijanye n’uko abakurambere babanza kuganira n’abipfuza kubatizwa.