Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TERRY REYNOLDS | INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaramfashije kumukorera uko nshoboye

Yehova yaramfashije kumukorera uko nshoboye

 Nari mfise imyaka 14 igihe umuvukanyi Cecil yari yitereye mu myaka kandi yakunda Imana yampa Bibiliya yiwe. Yari Bibiliya yahora akoresha mu kwiyigisha, akaba yari yarayanditsemwo mu mibari. Nibwiye nti :«Emwe iyi ni ingabire nziza.»

 Cecil yari umuvukanyi yicisha bugufi kandi yitwararika abandi. Akarorero kiwe be n’aka mawe hamwe n’abandi bavukanyi n’abadada bo mw’ishengero, bwaratumye ngira ‘icipfuzo co gukorera’ Yehova uko nshoboye. (Abafilipi 2:13) Reka ndabiganire inkuru yanje.

Umwete mawe yari afise waramfashije

 Navutse mu 1943. Abavyeyi banje baba mu gisagara ca Bundaberg kiri ku nkengera y’ikiyaga mu karere barimamwo imisigati kari i Queensland muri Ostraliya. Abantu bo muri ico gisagara bari bafise akamenyero ko guhurira hamwe ku wa gatandatu ku migoroba. Kuri umwe muri mwene iyo migoroba mu 1939, abavyeyi banje barahahuriye n’abatsimvyi babiri (ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova bamara umwanya munini bariko barigisha Bibiliya). Abo batsimvyi barababwiye ivyerekeye Bibiliya. Ivyo abavyeyi banje bize vyarabakoze ku mutima kandi bahavuye baba Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyatumye jewe na mushikanje Jean dukurira mu muryango w’abakirisu. Ariko ikibabaje, dawe yaranyereye ku ngazi mu nzu aca arapfa. Nari mfise imyaka indwi gusa kandi urwo rupfu rwarambabaje cane. Ndacibuka ukuntu yari umuntu akunda ibikorwa kandi yakunda gutwenza. Numva nshashaye cane gusubira kumubona niyazuka, nkamumenya neza.​—Ivyakozwe 24:15.

 Mawe yari umuntu yimereye neza kandi akora ibitegereka. Yarareka jewe na mushikanje tukavuga ivyo dukunda n’ivyo twanka. Ariko ntiyafata minenegwe ibijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be no gukorera Yehova. Twama twitaba amakoraniro kandi yari yaratuburiye ko tudakwiye kumarana umwanya munini n’abana badasenga Yehova inyuma y’ivyigwa. (1 Abakorinto 15:33) Iyo ndavyibutse, ndakenguruka ukwo kuntu yabona ibintu.

Igihe nari mfise nk’imyaka 14

 Mawe yari umunyamwete mu gikorwa co kwigisha Bibiliya, akenshi akaba yarakora ubutsimvyi bwo mu buruhuko (ubu bwitwa ubutsimvyi bwo gufasha). Ndibuka ko hari imihana irenga 50 yama agendera kugira abahe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Mbere n’igihe yari ashaje ata tuguvu asigaranye, yagumye afise icipfuzo gikomeye co gufasha abashaka kumenya ukuri. Kubera ko yakunda abandi, canecane abana biwe, natwe twaramukunda kandi tukipfuza kumwigana. Mu 1958, mfise imyaka 14, nariyeguriye Yehova ndabatizwa.

Nararemeshejwe n’abagenzi beza

 Haheze igihe gito, uwitwa Rudolf tukaba twari kumwe mw’ishengero yarabatijwe. Ico gihe yari mu myaka 20. Yari yimukiye muri Ostraliya avuye mu Budagi. Buri wa gatandatu mu gitondo, twe na Rudolf twarakunda kubwira inkuru nziza ababa bicaye mu miduga yabo barindiriye abo bazananye bariko barasuma.

 Rudolf yari umuvukanyi w’umunyamwete kandi yaransaba ngo dukorane ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo co mu buruhuko. Igihe kimwe, twaramaze ukwezi n’igice mu gisagara c’i Gladstone kiri nko ku bilometero 190 mu buraruko uvuye i Bundaberg. Ukuntu Rudolf yamfata nka mutoyi wiwe n’ingene ubutsimvyi bwo gufasha bwatuma ngira umunezero, vyatumye nipfuza gukora ubutsimvyi busanzwe. Mfise imyaka 16, narashitse kuri uwo mugambi kandi nari niyemeje kumara ubuzima bwanje bwose ndi mu gikorwa c’igihe cose.

 Ahantu ha mbere nagiye gukorera ubutsimvyi hari i Mackay, igisagara kiri ku nkengera y’ikiyaga mu buraruko uvuye i Bundaberg kandi ni hafi y’agace ko mu mazi karundaniyemwo utunyabuzima kitwa Grande Barrière de corail. Haciye nk’umwaka, mfise imyaka 17, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe a mu karere kari iyo catawe ko muri Ostraliya kabamwo abantu bakeyi. Umutsimvyi twakorana yari umuvukanyi yarobanuwe yitwa Bennett (Ben) Brickell, akaba yandusha imyaka irenga 30. b Kari agateka gukorana n’uwo mutsimvyi azi utuntu n’utundi yabonwa n’abantu benshi ko ari umutsimvyi w’intangakarorero.

Mu 1963, ndiko ndabwira inkuru nziza umugore w’umusangwabutaka mu karere kari iyo catawe

 Akarere twakoreramwo, kari mu buraruko bushira uburengero bwa Queensland, mu bihugu vy’abarabu vyitwa les pays du golfe ku nkengera y’ikiyaga citwa Golfe de Carpentarie. Ico gihe, jewe na Ben ni twebwe gusa twari Ivyabona vya Yehova muri ako karere. Rimwe na rimwe, kugira tuve ku muhana umwe tuje ku wundi vyasaba ko tugira urugendo rw’amasaha atari make turi mu muduga. Muri uwo mwanya munini twamara ku rugendo, duca mu mabarabara arimwo ivumbi, akenshi Ben yagenda arambwira ivyo yari amaze kwibonera ariko aramamaza. Mu vyo yambwira, harimwo ukuntu mu ntambara ya kabiri y’isi yose bamamaza bakoresheje imiduga isamiriza amajwi c, igihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe muri Ostraliya.

Umuvukanyi umwe (i buryo) hamwe na jewe (hagati) turiko turigisha Bibiliya umugabo wo mu karere kari iyo catawe ko muri Ostraliya

 Tumaze umusi wose twamamaza, twaca turaba ahantu heza hafi y’ibarabara tuza kuryama tugaca tuhashinga ihema. d Kugira dutegure ivyo dufungura, twarararondera inkwi tugacana. Ivyo naryamako vyari bigizwe n’ishuka irinda amazi n’umusego, nkaca nipfuka uburengeti. Ndacibuka ingene numva nubashe Yehova cane mbonye ingene ikirere cuzuye inyenyeri zaboneka neza kubera ata matara yari ahari.

 Muri ako karere kari iyo catawe, imodoka igupfiriyeko vyaba biteye akaga. Igihe kimwe, icuma c’imodoka gituma amapine azunguruka caravunitse. Uwo musi hari hashushe cane kandi nta mazi akwiye twari dufise. Kugira turonke ikindi cuma, Ben yarasavye uwomwunguruza gushika mu gisagara ca Cloncurry, nanje nca nguma ncunze imodoka imisi itatu. Nta miduga myinshi yarengana ariko hari abashoferi bahagarara bakampa amazi yo kunywa. Vyongeye, umugabo umwe yarampaye igitabu gishaje ambwira ati: «Soma iki gitabu mugenzi, kirashobora kugufasha.» Naho ico gitabu kitari ic’Ivyabona vya Yehova, naratangaye mbonye kivuga ivyashikiye Ivyabona vya Yehova mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi.

 Jewe na Ben twamaranye hafi umwaka twamamaza. Imbere y’uko dutandukana yambwiye ati: «Mwenewacu, nugume wumiyeko ntiwigere uhemuka.» Ingene Ben yihebera Imana hamwe n’umwete yari afise vyatumye ndushiriza kwiyemeza kuguma mu murimo w’igihe cose.

Naritavye ishure rya Gileyadi hanyuma ndungikwa muri Tayiwani

 Inyuma y’imyaka itari mike nkorera muri ako karere, naragenywe kuba umuhagarikizi w’umuzunguruko. Ico gikorwa casaba kumara indwi canke irenga ndi kumwe na buri shengero canke umugwi vyo muri uwo muzunguruko. Mu myaka yakurikiye, narakoreye mu mizunguruko ine. Iyo mizunguruko yari igizwe n’amashengero y’i Queensland n’ayo muri Nouvelle-Galles du Sud. Mu nyuma mu 1971, naratewe agateka ntari niteze ko kwitaba ishure ry’abamisiyonari ry’Ivyabona vya Yehova ryabera i New York, umugwi wa 51 w’ishure rya Gileyadi. Amezi atanu twamaze turiko turiga Bibiliya mu buryo bwimbitse hamwe n’ingene twaremeshanya n’abo twari kumwe mw’ishure be n’abigisha, vyaranteguye ku bw’igikorwa gishasha nari ngiye gushingwa, na co kikaba ari kuja gukorera muri Tayiwani ndi umumisiyonari.

Umugwi w’ishure rya Gileyadi narimwo

 Icenda mu bo twiganye iryo shure, twarungitswe muri Tayiwani harimwo Ian Brown yaje ava muri Nouvelle-Zélande. Ni we twahavuye dukorana. Nta bintu vyinshi twari tuzi ku bijanye na Tayiwani. Ntitwari tuzi n’aho haherereye, twarinze kuharaba kw’ikarata.

 Ugereranije ka karere kari iyo catawe ko muri Ostraliya nakoreramwo no muri Tayiwani nta ho bihuriye. Ikintu ca mbere catugoye ni igishinwa. Haraheze igihe ntashobora gutahura ibivugwa ku makoraniro kandi ari ho twigira ibidufasha gukomeza ukwizera. Vyongeye, sinashobora kuyaga neza n’abavukanyi n’abadada. Ivyo vyaradufashije gutahura igituma jewe na Ian twari dukeneye kwiga ishure rya Gileyadi. Ivyo twize muri iryo shure, kwama twiyigisha Bibiliya hamwe no gusenga bivuye ku mutima vyaradufashije gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Naho tutashobora kuyaga duhuza n’abavukanyi b’aho, urukundo batugaragarije n’ingene bakunda Yehova vyaraturemesha cane.

Ingene nize igishinwa

 Tumaze gushika muri Tayiwani, twese uko twari abamisiyonari twaramaze igihe gito turiko turiga igishinwa. Umudada yatwigisha yitwa Kathleen Logan, e yava muri Ostraliya, na we akaba yasohotse ishure rya Gileyadi ry’umugwi wa 25 . Twarihase cane kugira twige urwo rurimi. Nk’uko babitwigishije, twaca twihatira gushira mu ngiro ivyo twaba twize tudatebaganye. Umusi wa mbere twaja kwamamaza, jewe na Ian twarafashe ku mutwe amajambo make yo gutanguza ikiyago. Turiko turaja mu cibare, twariyumvira uwotangura. Mugabo kubera ari jewe nari nkuze kuri Ian, naciye mvuga nifyinira nca ndamusaba gutangura. Uwo twasanze ku muhana yari umugabo yisoneye w’Umushinwa. Yarumvirije yitonze naho Ian yavanga igishinwa n’icongereza. Igitangaje, twagiye twumva atubaza ikitugenza mu congereza ciza. Twaramaze umwanya turiko turayaga, duhejeje yaciye aturemesha kubandanya twiga igishinwa. Kuba yaraduhumurije, vyaraduhaye ingoga zo kuguma turi intahemuka nk’uko Ben yabivuze.

 Igice kinini c’igisagara ca Taipei ni ko karere twakoreramwo. Kubera ko Ivyabona baba muri ako karere bari bake, abantu benshi b’aho ntibari bwumve inkuru nziza. Ivyo ntivyaduciye intege jewe na Ian kandi twaciye tuja ku gikorwa. Muri ico gihe, kenshi twatanga ibinyamakuru amajana ku kwezi. Ariko benshi, batora ibinyamakuru kugira bamenye abo turi n’ivyo twipfuza kubabwira. Naho ari ukwo, twarakoze ivyo dushoboye vyose turateragira imbuto z’ukuri twizigiye ko hari aboshimishijwe.

Nararonse uwo twari tugiye gukorana ibihe vyose

Jewe na Wen-hwa turiko turamamaza mu 1974

 Muri ico gihe, nararonse umugenzi w’umudada yitwa Wen-hwa wo muri Tayiwani. Yarakunda ukuri kandi yaripfuza gufasha abantu b’aho kumenya ukuri kwo muri Bibiliya nk’uko na we yakuronse. Rero, yarafashije abamisiyonari benshi na jewe ndimwo kumenya neza ururimi rwabo. Narakunze cane uwo mudada afise kamere nyinshi nziza kandi twahavuye twubakana mu 1974.

 Wen-hwa yarafashije abamisiyonari kuroranirwa mu ndimiro. Nk’akarorero, yaradufashije gutahura imigenzo y’Abanyatayiwani be n’ukuntu babona ibintu. Yaradufashije kandi kumenya ukuntu twohindura uburyo bwo kwamamaza kugira tubuhuze n’ako karere, akabamwo canecane Ababuda hamwe n’Abatawo. Ivyo gusenga aba kera ni vyo vyari vyiraye kandi abantu benshi ntibari bwigere basoma Bibiliya canke ngo bayibone. Rero, twaca ahanini tuvuga ivyerekeye Umuremyi, tukababwira ko izina ryiwe ari Yehova be n’igituma twokwemera ko abaho. Nk’akarorero, umurimyi canke umurovyi avuze ati: «Ijuru ni ryo rituronsa ibifungurwa,» twaca twishura duti: «Ni nde atanga ibifungurwa? Ubwo ntiyoba ari Imana ishoboye vyose, iyaremye ibintu vyose kandi ikaba ari yo dukwiye gusenga?»

Ndi kumwe na Wen-hwa mu 1975

 Uko igihe cagiye kirarengana, utwigoro twacu twaravuyemwo ivyiza: Abafise agatima kabereye barumvirije inkuru nziza y’Ubwami. Bamwebamwe mu biga Bibiliya ntivyaborohera guheba inyigisho z’ikinyoma zari zarashinze imizi mu mitima yabo hamwe n’imigenzo idashingiye ku Vyanditswe. Ariko bafashijwe n’abamisiyonari hamwe n’abamamaji b’aho, barabishoboye kandi ubuzima bwabo bwarahindutse cane. (Yohani 8:32) Mu nyuma abavukanyi benshi baragenywe kuba abakurambere n’abakozi bw’ishengero kandi abavukanyi n’abadada batari bake baratanguye igikorwa c’igihe cose harimwo no gukorera kuri Beteli.

 Kuva mu 1976, nari mu bagize Komite y’ishami rya Tayiwani ariko nkabandanya gukora nk’umumisiyonari akorera mu ndimiro. Mu 1981, jewe na Wen-hwa twaratumiwe gukorera kuri Beteli, aho nabandanije gukorera ndi mu bagize Komite y’ishami imyaka myinshi. Ubu maze imyaka irenga 60 ndi mu murimo w’igihe cose. Imyaka irenga 50 nayimaze muri Tayiwani kandi jewe n’umukenyezi wanje tumaze hafi imyaka 50 twubakanye. Wa mumisiyonari w’umugenzi twakorana ari we Ian Brown, yabandanije umurimo w’igihe cose ari ng’aha gushika apfuye mu 2013.

Ndi mu biro nakoreramwo muri Tayiwani mu 1997

 Jewe na Wen-hwa tuguma dufise vyinshi dukora kuri Beteli, mw’ishengero ryacu rikoresha igishinwa no mu gikorwa co kwamamaza. Turakengurukira cane Yehova kuba yaraduteye uduteka tudasanzwe nk’utu. Yarampaye icipfuzo n’ububasha vyo kumukorera n’umutima wanje wose kuva nkiri muto, kandi arabandanya kudufasha jewe na Wen-hwa n’ubu twitereye mu myaka.

a Umutsimvyi adasanzwe ni umusuku w’igihe cose yitanga kuja mu karere ako ari ko kose ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bibona ko hakenewe abigisha ijambo ry’Imana.

b Inkuru y’ubuzima ya Bennett Brickell yasohowe mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi co ku wa 15 Kigarama 1972, mu gifaransa.

c Imiduga isamiriza amajwi yariko icuma kiduza amajwi catuma ubutumwa bw’Ubwami bwumvikana gushika kure.

d Kugira ubone ukuntu abavukanyi bamamaza mu karere kitwa Pays du golfe, nurabe ividewo ivuga ngo Kwamamaza mu karere ka kure cane​—Ostraliya.

e Inkuru y’ubuzima ya Harvey na Kathleen Logan yasohowe mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi co muri Nzero 2021.