Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Abamisiyonari barashika “mu karere ka kure rwose k’isi”

Abamisiyonari barashika “mu karere ka kure rwose k’isi”

1 RUHESHI 2021

 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bariko barakora ico gikorwa babigiranye umwete. Ariko rero, hariho uturere two kw’isi, ushizemwo uturere twagutse kandi tubamwo abantu benshi, tutaramamazwamwo mu buryo bunogangije. Mu bihugu bimwebimwe na ho usanga hari Ivyabona bake. (Matayo 9:37, 38) None turiko dukora iki kugira abantu benshi bashoboka bumve inkuru nziza?

 Kugira Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ifashe mu gushitsa iryo tegeko rya Yezu, irarungika abamisiyonari bakorera mu ndimiro mu turere turi hirya no hino kw’isi. Ubu kw’isi yose hari abamisiyonari 3.090 bakorera mu ndimiro. a Nka bose bararonkejwe ukumenyerezwa mu mashure y’ivya Bibiliya, nk’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Abamisiyonari baremera kuva iwabo, bakimukira mu kindi gihugu. Kubera ko usanga bahumuye, bakaba baramenyerejwe kandi bazi utuntu n’utundi, barafasha gukwiragiza inkuru nziza kandi barabereye akarorero keza abigishwa bashasha.

Abamisiyonari barafasha kwamamaza inkuru nziza mu turere turimwo Ivyabona bake

Abamisiyonari barasahirizwa kugira bashobore gufasha abandi

 Ibiro bijejwe abasuku bakorera mu ndimiro vyo mu Rwego rujejwe umurimo kuri buri shami, birakorana na Komite y’ishami mu kwitwararika ivyo abamisiyonari bakeneye, nk’akarorero inzu isanzwe ariko imeze neza, n’ibijanye no kwivuza. Baritwararika n’uko baronka agafashanyo kabasahiriza mu two bakenera. Mu mwaka w’umurimo wa 2020, Ivyabona vya Yehova bakoresheje hafi imiliyoni 27 z’amadolari y’Abanyamerika mu kwitwararika abamisiyonari. Kubera izo ntunganyo, abamisiyonari barashobora kwitunira ku gikorwa co kwamamaza no gukomeza amashengero barimwo.

Abamisiyonari barafasha gukomeza amashengero

 None abamisiyonari bakorera mu ndimiro bariko bafasha gute mu gikorwa co kwamamaza? Frank Madsen wo mu bagize Komite y’ishami rya Malawi, avuga ati: “Kubera ko abamisiyonari bafise umutima rugabo n’ubuhanga, barafashije amashengero guhetura ivyibare bigoye, nk’uturere turimwo inyubakwa zugaye n’utuvugwamwo indimi z’inyamahanga. Vyongeye, ukuntu bihatira kwiga ururimi n’imico yacu, birabera akarorero keza abandi kandi baratuma abakiri bato bishingira umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose. Turashimira cane Yehova kuba yaraturonkeje abamisiyonari bakorera mu ndimiro.”

 Uwundi muvukanyi wo muri Komite y’ishami mu kindi gihugu avuga ati: “Abamisiyonari baratanga ikimenyamenya c’uko abasavyi ba Yehova bunze ubumwe kw’isi yose. Mbere n’abatari Ivyabona baribonera neza ko tudatandukanywa n’imico kama, ahubwo ko inyigisho zo muri Bibiliya zadufashije kwunga ubumwe.”

 Abamisiyonari bakorera mu ndimiro bafasha gute abamamaji bo mu mashengero barimwo? Paulo wo muri Timor Oriental arashima cane abamisiyonari barungitswe mw’ishengero arimwo. Avuga ati: “Akarere kacu karashushe cane rwose. Ariko naho abo bamisiyonari bava mu turere dukanye, ntibigera bareka kwamamaza ngo ni uko hashushe. Mu gitondo bama bari mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Ndakunze kubabona bariko baragendera abashimishijwe ku mutaga izuba rimena imbwa agahanga, no ku migoroba. Barafashije abantu benshi kumenya ukuri, na jewe ndimwo. Barakoresha ubuzima bwabo bwose mu gukorera Yehova babigiranye umwete n’igishika, kandi ivyo biratuma ishengero ryose ryongereza umwete.”

 Umutsimvyi asanzwe wo muri Malawi yitwa Ketti arigana ukuntu abamisiyonari bafashije umuryango wiwe. Avuga ati: “Igihe abamisiyonari baza mw’ishengero iwacu, ni je jenyene nari Icabona mu muryango. Ariko baranshigikiye cane bongera bariyegereza umuryango wacu. Akarorero kabo keza karatumye abana banje babona ko gukorera Yehova bituma umuntu ahimbarwa kandi akabaho neza. Biciye ku kosho keza k’abo bamisiyonari, abakobwa bacu batatu ni abatsimvyi basanzwe, umugabo wanje na we yaratanguye kwitaba amakoraniro.”

 None amahera akoreshwa mu kwitwararika abamisiyonari bakorera mu ndimiro ava he? Ava mu ntererano zishigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo, zikaba zitangwa biciye mu buryo butandukanye dusanga kuri donate.pr418.com. Turakenguruka cane intererano mutanga.

a Abo bamisiyonari barungitswe mu mashengero akeneye abamamaji b’Ubwami. Abandi 1.001 bakora igikorwa co kugendera amashengero.