Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Amahwaniro yoroshe kwumva no kubona

Amahwaniro yoroshe kwumva no kubona

1 MUKAKARO 2024

 Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga 130 bahurira hamwe ku mahwaniro aba muri mwaka. Ubu mwene ayo mahwaniro aba agizwe n’insiguro zirenga 40, umuziki, ibiganiro vyo kubaza ibibazo be n’amavidewo. Kugira ihwaniro rigirire akamaro abaryitavye, bisaba ko riba ryoroshe kwumva no kubona. (Luka 2:20) None intererano mutanga ziriko zikoreshwa gute kugira amahwaniro agirire akamaro abayitaba naho boba baba hehe?

Ivyuma vy’amajwi n’amasanamu bihuje n’ahabera ihwaniro

 Vyinshi mu bibuga hamwe n’ibibanza biberamwo ibirori mu bihugu vya buraya usanga birimwo ivyuma vy’amajwi n’amasanamu. None igihe twakose mwene ivyo bibanza, kubera iki akenshi dukoresha ivyuma vyacu? Uwitwa David, akorera mu Rwego rujejwe gusamiriza amajwi n’amasanamu rwo ku cicaro gikuru, avuga ati: «Vyinshi mu bibanza dukota usanga bitatunganijwe ku buryo abantu bomara amasaha arenga atandatu bumviriza programa igizwe ahanini n’abantu bariko baravuga. Nk’akarorero, mu bibanza biberamwo inkino, ivyuma biduza amajwi usanga bikoreshwa mu gusamiriza amatangazo magufi be n’utuziki tumara umwanya muto. Ivyuma vyerekana amavidewo na vyo bikoreshwa mu kwerekana ibitsindo batsindanye, amahayanishwa no mu gusubiramwo ivyabaye mu rukino. Ariko twebwe tuba twipfuza ko abitavye ihwaniro baraba amavidewo amara umwanya munini bakongera bakumva ibintu vyose bivugirwa ku mukiruruko kandi bakabitahura.»

 Ahabera amahwaniro usanga hatameze cokimwe, rero n’ivyuma vy’amasanamu bitegerezwa kuba bihuje n’ikibanza ihwaniro riberamwo. Ikibanza kizoberamwo ihwaniro kimaze gucagurwa, Inzego zijejwe gusamiriza amajwi n’amasanamu zo ku biro vy’amashami zirihweza aho abantu bazoba bicaye zifatiye ku gitigiri c’abazokwitaba ihwaniro be n’ukuntu ico kibanza kingana. Abavukanyi baca bapima neza aho ivyuma biduza amajwi n’ivyerekana amasanamu bikwiye kuja, bagahitamwo n’ingene bizohuzwa. Baca bagira urutonde rw’ibikoresho vyose bizokenerwa kugira abantu bose bazoba bitavye ihwaniro babone ibizokwerekanwa bongere bumve neza programa.

Abavukanyi bakorera mu Rwego rujejwe amajwi n’amasanamu (LBD) bariko barakurikiza umugero bahawe

 Ibikorwa vyo gutunganya amajwi n’amasanamu birongerekana igihe canecane ihwaniro rizoba mu ndimi nyinshi. Nimba programa y’ihwaniro izoshirwa mu rundi rurimi, abazoshira iyo programa muri urwo rurimi baba bakeneye kuraba no kwumviriza programa maze ivyo bashize muri urwo rurimi bikarungikirwa abumva urwo rurimi. Hari ivyuma vy’amajwi n’amasanamu bidasanzwe bishobora gusamiriza amajwi mbere naho yoba ari mu ndimi umunani ku buryo abitavye ihwaniro bose bashobora kubona amavidewo ameze kumwe. David avuga ati: «Ivyo vyuma vy’amajwi n’amasanamu ntibisanzwe, kandi abitanga kugira babikoreshe bategerezwa kuba baramenyerejwe bikwiye.»

 Ku biro vy’amashami vyinshi usanga bafise ivyuma vy’amajwi n’amasanamu bikoreshwa buri mwaka. Igihe biba vyifashe ukwo, abavukanyi baratunganya ingene ivyo vyuma bizoshika ku bibanza bizoberamwo amahwaniro. Ishami ryo muri Amerika ryonyene rikoresha amadolari arenga 200.000 a buri mwaka mu kwunguruza ivyo bikoresho bikoreshwa ku mahwaniro. Naho ari ukwo, ivyo biragabanya amahera twokoresha mu kugura ibikoresho vyiyongereye no mu kubibungabunga. Uwitwa Steven, akaba yarafashije mu guhagarikira ibijanye n’amajwi n’amasanamu kw’ihwaniro ryabereye muri Kanada, avuga ati: «Umugwi witanze mu vy’amajwi n’amasanamu warakoze uko ushoboye kwose kugira ama boulons, intsinga be n’ibindi bikoresho vyitwararikwe neza vyongere bitekerwe neza ku buryo bizoshika ahandi hazobera ihwaniro rikurikira.»

Ingene turonka ibikoresho n’ukuntu tubibungabunga

 Gukota ivyuma vy’amajwi n’amasanamu birazimvye cane kandi akenshi usanga bidakomeye kandi bitabifata neza. Ni co gituma duhora tugura ibikoresho dukeneye. Muri iki gihe, ivyuma vyerekana amasanamu bashira ku mpome, binini usanga bipima imetero zitanu kuri zitatu, bikagurwa amadolari 24.000, kandi umugozi gusa wa mikoro ungana n’imetero 15 ugurwa nk’amadolari 20. Ku bw’ivyo, Urwego rujejwe gusamiriza amajwi n’amasanamu rurakorana n’urujejwe kugura ibintu kugira ‘baharure ico bizotwara’ imbere yo kugura ivyo bikoresho. (Luka 14:28) Nk’akarorero, baribaza bati: «Ivyo bikoresho bizogirira akamaro abantu bangana gute? Kugura ibikoresho bishasha vyoba ari vyo bibereye kugira haboneke ibikenewe? Twoba dufise ahantu heza ho kubibika? Vyongeye, twoba dufise ibikoresho hamwe n’abavukanyi bamenyerejwe kubibungabunga?»

 Kugira ivyuma vy’amajwi n’amasanamu birambe maze bitume tuziganya intererano abavukanyi batanga, twama dusuzuma ko bigikomeye kandi ko bikora neza. Vyongeye, kugira ntihagire ico biba igihe vyunguruzwa, turabitekera mu masandugu akomeye kandi igihe bikenewe n’ayo masandugu turasuzuma ko agikomeye neza.

Kubungabunga ivyuma vy’amajwi n’amasanamu bituma biramba

Amahwaniro arashinga intahe kandi aba yumvikana cane

 Abatari Ivyabona vya Yehova baratangazwa cane n’ukuntu ivyuma vy’amajwi n’amasanamu dukoresha ku mahwaniro yacu biri ku rwego rwo hejuru. Nk’akarorero, kw’ihwaniro rimwe, hari umukoresha umwe w’ishirahamwe rikomeye rikora ibijanye no gusamiriza amajwi n’amasanamu yatangaye cane abonye ingene ibikoresho vyacu bimeze. Uwitwa Jonathan afasha mu vy’ubuhinga bw’amajwi n’amasanamu, avuga ati: «Yaratangaye amenye ko abakoreye mu vy’ubuhinga bw’amajwi n’amasanamu bose bari bitanze kandi ko batari baravyigiye. Yavuze ko ivyo twebwe twakoze ku musi umwe n’igice mu kumanika no gutunganya ivyo vyuma, abakozi bo mw’ishirahamwe ryiwe bobikoze mu misi itanu.» Ku rindi hwaniro, uwuhagarikiye inyubakwa twakose yavuze ati: «Hari abahinga mu vy’umuziki n’amavidewo bamaze gukorera ng’aha, ariko sinari bwigere mbona abantu b’abahinga nkamwe.»

Abavukanyi na bashiki bacu bariko barakurikira programa y’ihwaniro

 None ubuhinga bwo gusamiriza amajwi n’amasanamu bukoreshwa kw’ihwaniro bwoba bwarakugiriye akamaro nawe? Ushobora kuba wiyumva nk’uwitwa David aba mu Bwongereza. Avuga ati: «Mfise imyaka 88 kandi mu buzima bwanje bwose namye nitaba amahwaniro. Ariko ubu bisigaye binyorohera cane gukurikira ibiba biriko biravugwa ata kinsamaza. Kubera ko amavidewo aba aryoshe, bituma mbona umengo ihwaniro ryanyarutse guhera kandi ko ata na kimwe ncancitse.» Uwitwa Micheal aba muri Nijeriya, avuga ati: «Kubera ko ubu abavukanyi bumva neza ibiriko biravugwa kandi n’amavidewo bakayabona neza, bituma badasamara kandi batarambirwa.»

 Niwitwaba ihwaniro ry’akarere canke ihwaniro ridasanzwe ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo ‘Numenyeshe inkuru nziza’, urazofata umwanya wiyumvire ibintu vyose vyakozwe kugira dushobore kwumva neza ibiriko biravugwa no kubibona. Turakenguruka cane kuba intererano zanyu harimwo n’izo mwatanze biciye kuri donate.pr418.com, zaratumye ivyo bishoboka. Mwarakoze cane.

a Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.