Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Amakuru yo kwizigirwa kandi akomeza ukwizera

Amakuru yo kwizigirwa kandi akomeza ukwizera

1 KIGARAMA 2021

 Ivyabona vya Yehova baritwararika cane abo basangiye ukwizera. (1 Petero 2:17) Benshi muri twebwe twiyumva nk’uko mushiki wacu yitwa Tannis wo muri Kenya yiyumva. Yavuze ati: “Ndakunda kumenya ibiriko birashikira abavukanyi banje bo kw’isi yose.” None Tannis n’abandi amamiliyoni bamenya gute ibishikira abavukanyi bacu? Kuva mu 2013, turaronka amakuru atandukanye mu gice c’amakuru kiri kuri jw.org.

 Ico gice c’amakuru kirimwo amaraporo yo kwizigirwa y’Ivyabona vya Yehova yerekeye Amabibiliya yasohotse, ibikorwa vyo gutabara abashikiwe n’ivyago, amaporoje y’ubwubatsi hamwe n’ibindi bintu bihambaye. Kiratubwira amakuru yerekeye abavukanyi na bashiki bacu bapfunzwe bazira ukwizera kwabo. Ico gice kandi kirimwo ivyabonywe biremesha bivuga ivyerekeye amasekeza yo kwamamaza be n’Icibutso. None ni bande barondera ayo makuru kandi ategurwa gute?

Gucagura amakuru no kuyashikiriza

 Igice c’amakuru gihagarikiwe n’Urwego rujejwe gutanga amakuru. Urwo rwego ruri ku cicaro gikuru kandi ruhagarikiwe na Komite y’abahuzabikorwa y’Inama Nyobozi. Urwo rwego rurimwo abavukanyi na bashiki bacu barenga 100, benshi muri bakaba bitanga bakorera muhira. Harimwo abanditsi, abashakashatsi, abacapa hamwe n’abahinduzi. Abandi barahana amakuru n’abaserukira intwaro, abigisha b’amakaminuza hamwe n’abamenyeshamakuru. Urwo rwego rujejwe gutanga amakuru rufashwa n’Ibiro bijejwe gutanga amakuru birenga 80 biri ku mashami ari hirya no hino kw’isi.

 Kugira urwo rwego rutegure amakuru, rurakorana cane n’ibiro bijejwe gutanga amakuru. Abavukanyi bacu bamaze kubona ko amakuru abereye gutangwa, baragira ubushakashatsi, bagashira hamwe amakuru yo kwizigirwa. Ivyo birashobora kujamwo kubaza ibibazo bitandukanye no kuyaga n’abahinga. Bamaze gushiramwo ibimenyamenya, barandika ayo makuru, bakayakosora, bakayasoma, bakayahuza n’amafoto, mu nyuma bakayarungikira Komite y’abahuzabikorwa kugira ivyemeze.

Amajambo y’ugukenguruka

 Abavukanyi na bashiki bacu babona gute ivyerekeye ico gice c’amakuru? Mushiki wacu wo muri Filipine yitwa Cheryl yavuze ati: “Ndakunda gutangura umusi mu gusoma amakuru yerekeye ishirahamwe rya Yehova n’abasavyi biwe.”

 Abasomyi benshi barabona itandukaniro riri hagati y’igice c’amakuru co kuri jw.org n’ibindi bimenyeshamakuru. Uwitwa Tatiana wo muri Kazakistani avuga ati: “Ndashima ukuntu nshobora kwizigira amakuru yo kuri jw.org. Ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.” Mushiki wacu wo muri Megizike yitwa Alma na we avuga ati: “Ugereranije n’amakuru aca intege ari mu bimenyeshamakuru, amakuru ari ku rubuga rwacu araremesha cane.”

 Ico gice c’amakuru ni ico kwizigirwa ariko kandi kirakomeza ukwizera. Uwitwa Bernard wo muri Kenya, avuga ati: “Ico gice c’amakuru caramfashije kubona abavukanyi na bashiki bacu bo hirya no hino kw’isi nk’abagize umuryango wanje, ntaravye aho baturuka. Ndashira amazina yabo mw’isengesho, nkadomako n’ibintu baba bariko baracamwo.” Uwundi mushiki wacu yitwa Bybron wo muri Kenya, avuga ati: “Nama mpimbarwa cane igihe mbonye amakuru yerekeye Bibiliya yasohotse mu rundi rurimi. Ayo makuru aranyibutsa ko Yehova atagira nkunzi.”

Igihe dusenga, ico gice c’amakuru kiradufasha kudomako ingorane zishikira abavukanyi na bashiki bacu hirya no hino kw’isi

 N’amakuru yerekeye abavukanyi bari mu ruhamo arashobora kuturemesha. Jackline wo muri Kenya avuga ati: “Kuzirikana ku mutima rugabo bafise birakomeza ukwizera kwanje. Nama ngerageza kumenya ikibafasha kwihangana. Naramenye ko ibintu abantu babona nk’‘ibisanzwe’ harimwo isengesho, gusoma Bibiliya be no kuririmba bihambaye kugira abavukanyi bacu bagume bashikamye.”

 Mushiki wacu wo muri Kosta Rika yitwa Beatriz araha agaciro amakuru yerekeye ivyago vy’ivyaduka. Avuga ati: “Ayo makuru aramfasha kubona ingene ishirahamwe ryacu rifasha abavukanyi mu buryo bwihuta, butunganije neza kandi buranga urukundo. Biranjijura ko iri ari ishirahamwe rya Yehova.”

 Ese ukuntu dukenguruka kubona turonka amakuru agezweho yerekeye umuryango w’abavukanyi bacu bo kw’isi yose! Ivyo ntivyoshobotse hatabonetse intererano mutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri izo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Turabakengurukiye ku ntererano mutanga mubikunze.