INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Gutabara abashikiwe n’ivyago mu 2021: Ntiduheba abavukanyi na bashiki bacu
1 NZERO 2022
Mu mwaka w’umurimo wa 2021, a isi yagumye yugarijwe n’umugera wa korona. Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro kivuga ngo “Imfashanyo yatanzwe kw’isi yose kubera ikiza cateye kw’isi yose,” twarakoresheje amadolari b atari make mu gutabara abashikiwe n’ingaruka z’iki kiza, twongera dushinga Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago arenga 950.
Vyongeye, uretse ko iki kiza cariko kirabica bigacika, abavukanyi na bashiki bacu hirya no hino kw’isi barashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka hamwe n’ivyago biterwa n’abantu. Kugira dufashe abashikiwe n’ivyago nk’ivyo birenga 200, Komite y’abahuzabikorwa y’Inama Nyobozi yaremeje ko hasohorwa amahera y’amadolari imiliyoni 8 (amarundi arenga imiliyaridi 15 n’imiliyoni 900), aza yiyongera ku yari yakoreshejwe mu bijanye n’iki kiza. Raba ukuntu intererano mwatanze zakoreshejwe mu gutabara abashikiwe n’ivyago bibiri biheruka.
Uguturika kw’umusozi Nyiragongo
Ku wa 22 Rusama 2021, umusozi Nyiragongo wo muri Kongo Kinshasa waratanguye guturika. Ivyo birunga vyarasambuye amazu, amashure n’itangi y’amazi. Ariko ivyo birunga si vyo vyonyene vyari biteje ingorane. Inyuma y’aho, imyotsi irimwo ubumara ivuye muri ivyo birunga yaramaze imisi ikwiragira mu gisagara ca Goma hamwe na nyamugigima nyinshi zidakaze. Abarenga igice bo muri ico gisagara babwirijwe kuvayo. Abantu ibihumbi barahunze, bamwe baja mu Rwanda.
Mu bahungishijwe, harimwo Ivyabona vya Yehova hafi 5.000. Bamwe barabuze inzu zabo zihitanywe n’ivyo birunga, abandi na bo ziribwa inyuma y’aho bahungiye. Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago yo mu Rwanda no muri Kongo yarahagarikiye ivyo gutabara. Ku vyerekeye komite imwe ijejwe gutabara, ishami rya Kongo rivuga riti: “Naho muri ico gisagara hari akajagari n’imbere y’uko itegeko ryo kuva mu gisagara ritangwa, iyo komite ijejwe gutabara yaratanguye gutanga ibifungurwa, amazi, uburaro be n’ivyambarwa.” Mu gisagara kimwe aho abavukanyi barenga 2.000 bari bahuriye, komite ijejwe gutabara yarubatse amahema, iratanga udupfuka umunwa n’izuru, yongera irasigura ingene bokwikingira ikiza ca korona na korera.
Mu mezi atatu inyuma y’ico cago, abavukanyi bacu bari bamaze gutanga amatoni arenga atandatu y’umuceri, atandatu y’ubufu bw’ibigori, atatu y’amavuta yo guteka n’atatu y’amazi. Kugira baziganye intererano, ishami ryaratunganije ivy’uko bogurira ibifungurwa vyinshi aho nyene mu gihugu aho kuzana ibifungurwa bizimvye bivuye mu bindi bihugu.
Mushiki wacu umwe yabuze inzu yiwe nshasha isambuwe n’ivyo birunga, avuga ati: “Twari twacitse intege kandi tubabaye cane.” Ariko mu nyuma umuryango wiwe wararonse imfashanyo mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Ubu avuga ati: “Dufashijwe na Yehova, turabandanya kuronka ivyo dukeneye. Twariboneye ko Yehova atwikorerera umutwaro kandi agatuma dushobora kuvyihanganira.”
Ingorane zikomeye z’ivy’ubutunzi muri Venezuwela
Igihugu ca Venezuwela caramaze imyaka myinshi gifise ingorane zikomeye z’ivy’ubutunzi. Abavukanyi bacu babayeho mu buzima bugoye. Ibifungurwa birakenye kandi n’ubugizi bwa nabi buguma bwongerekana. Ariko, ishirahamwe rya Yehova ntiryabahevye.
Mu mwaka w’umurimo uheze, amahera y’amadolari arenga umuliyoni n’igice (amarundi arenga imiliyaridi 3) yarakoreshejwe mu kugura no mu gutwara ibifungurwa n’amasabuni ku miryango iri mu nkenero. Ishami rya Venezuwela ryavuze riti: “Ntivyoroshe gutwara amatoni 130 y’ibifungurwa mu gihugu cose buri kwezi no kwiyemeza ko abavukanyi bacu bari mu nkenero babironse.” Kugira ibifungurwa ntibibore, akenshi abavukanyi bararungika ibifungurwa biteba kwononekara. Iryo shami ryongerako riti: “Turagerageza kugura ibifungurwa vyinshi icarimwe kandi tukabigura mu kiringo c’iyimbura kubera ibiciro biba biri hasi. Mu kuvyunguruza, dukoresha uburyo butwara amahera makeyi.
Leonel, ari muri Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago, arakunda ico gikorwa. Avuga ati: “Igikorwa co gutabara ntigisanzwe. Ico gikorwa carandemesheje inyuma y’aho mburiye umugore wanje nikundira ahitanywe n’ikiza ca Korona. Nguma mfise vyinshi nkora kandi ndumva ko hari ico mariye abavukanyi bari mu nkenero. Nariboneye ingene Yehova ashitsa ivyo yasezeranye ko atazoheba abasavyi biwe.”
Hari umuvukanyi yigeze gukorera mu gikorwa co gutabara yaronse imfashanyo. Avuga ati: “Ubu ni jewe nari nshikiriwe. Ntitwaronse imfashanyo yo mu buryo bw’umubiri gusa. Abavukanyi baradufashije jewe n’umukenyezi wanje kuguma dutekanye. Baratwitwararitse, baraduhumuriza bongera baraturemesha.”
Ibiza bimwebimwe bishika tutiteguye canke bikaza tudafise umwanya ukwiye wo kuvyitegurira. Naho ari ukwo, ishirahamwe rya Yehova ryama ryiteguriye kwegeranya imfashanyo mu buryo bwihuta no kuzishikiriza abari mu nkenero. Ivyo tubikesha intererano mutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Uburyo bumwebumwe bwo gutanga intererano burasigurwa kuri donate.pr418.com. Turakenguruka cane ingene mutanga mubikuye ku mutima.