Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gutanga imfashanyo ahantu hari “intambara n’amakuru y’intambara”

Gutanga imfashanyo ahantu hari “intambara n’amakuru y’intambara”

27 RUSAMA 2022

 Muri iyi misi ya nyuma, turitega “[kwumva] intambara n’amakuru y’intambara.” (Matayo 24:6) Ariko, igihe abavukanyi bariko barashikirwa n’ingorane ziterwa n’ingaruka z’intambara, bararonka imfashanyo bakenera. Amakuru agezweho ya 3 avuye ku Nama Nyobozi (2022) yaratanze amakuru akora ku mutima yerekeye ingene ibikorwa vyo gutabara abashikiwe n’ingaruka z’intambara yo muri Ukraine mu Buraya bwo mu buseruko biriko biragenda. None abavukanyi bacu bafashanya gute n’igihe hari intambara mu micungararo? Ico gikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago kiriko gifasha gute abavukanyi bacu bo muri Ukraine?

Ni ibiki bikenewe kandi bitangwa gute?

 Ku wa 24 Ruhuhuma 2022, umusi intambara yatangura muri Ukraine, Komite y’abahuzabikorwa yaremeje ko hasohoka amahera yo gufasha abavukanyi bacu bo muri Ukraine. Ishami ryo muri Ukraine ryaciye ritangura kugura ibintu biboneka muri ico gihugu no kubitanga biciye ku Makomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27 yari yarashinze.

 Vyongeye, ubwo nyene abavukanyi bo ku Cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova baratanguye kwiyumvira ingene bofasha mu buryo buboneka. Komite y’abahuzabikorwa na Komite nshingwasohora y’Inama nyobozi vyarasavye Urwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu gukorana n’abaserukira ibiro vy’ishami ryo muri Ukraine no muri Polonye kugira bitwararike ibikenewe kandi batunganye ingene vyokorwa. Buri musi, abavukanyi bakora mu Rwego rujejwe kugura, kurungika ibintu no mu Rwego rujejwe ivy’amategeko kuri ayo mashami, umwe mu bagize Komite y’ishami yo muri Ukraine hamwe n’abakora mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu baragira inama maze bagatunganye ibijanye n’ibikorwa vyo gutabara.

Imfashanyo zigizwe n’ibifungurwa, ibikoresho vy’isuku, n’amakete y’indemesho

 Jay Swinney wo mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu, avuga ati: “Ubwa mbere, twabwirizwa kumenya ivyari bikenewe. Twari twipfuza kurungika ibifungurwa, ibikoresho vy’isuku abavukanyi bo ng’aho bari kuba bamenyereye. Ariko, kumenya ivyari bikenewe yari imwe mu ngorane. Twari dukeneye kandi kumenya ingene muri ico gihe c’intambara ivyo bintu bishika muri Ukraine mu buryo butarimwo akaga kandi bunyaruka.”

 Gushika ku wa 9 Ntwarante 2022, bari bamaze kumenya ibintu vyari bikenewe. Amakarato y’ibifungurwa vya nkenerwa nk’inyama n’amafi vyo mu magopo, intete zitandukanye, umuceri n’ibiharage vyari gutangirwa hamwe n’ibikoresho vy’isuku nk’isabuni n’impapuro zo kwa surwumwe. Twari twiyumviriye ko ivy’umuntu umwe yokenera mu ndwi zine vyotwaye hafi amafaranga 134.000 y’amarundi. Komite y’abahuzabikorwa imaze kubona ko abavukanyi ibihumbi boshobora kuzokenera imfashanyo, yaremeye ko hotangwa amahera yiyongereye kugira bafashwe. Ariko none abavukanyi bacu bari kubaronsa gute ivyo bintu badashize ubuzima bwabo mu kaga?

 Ku wa 13 Ntwarante, abavukanyi babiri bo muri Polonye baragerageje gutwara ibintu babikuye ku biro vy’ishami vyo muri Polonye gushika ku nyubakwa iri hafi y’igisagara ca Lviv muri Ukraine. Imbere yuko bagenda, abakora kw’ishami ryo muri Polonye no muri Ukraine barafashije abo bavukanyi babiri bitanze gutegura urugendo rwabo. Ibiro vy’ishami vyarujuje impapuro z’ivyangombwa kugira bajabuke umupaka maze batange imfashanyo, biriyemeza ko imodoka z’abo bavukanyi ziriko ibimenyetso vyerekana ko zitwaye imfashanyo vyongera biravugana n’abavukanyi bo muri Ukraine kugira bige inzira ya hafi ba bavukanyi bocamwo nibamara kujabuka umupaka. Kubera biteguye neza na Yehova akabahezagira, imfashanyo zashikiriye Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago mu masaha 24 ngo babitange i Lviv, maze abavukanyi bacu basubira amahoro muri Polonye.

 Naho irya mbere vyagenze neza, abo bavukanyi batanze imfashanyo zidakwiye itoni. Amatoni ashika 220 niyo yari agikenewe! None ibintu bingana ukwo kwose bobitwaye gute kandi vuba hashoboka?

“Abantu bawe bazokwitanga babikunze”

 Abavukanyi bo hirya no hino kw’isi bamaze gusoma amakuru yo kuri jw.org yerekeye ivyashikiye abavukanyi bacu bo muri Ukraine, baripfuje gufasha. Benshi baba kure baratanze imfashanyo y’amahera ku bw’igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose, bazi ko ayo mahera azokoreshwa neza. Abandi baba mu bihugu bibanyi baratanze umwanya, inguvu hamwe n’ivyo batunze kugira bagire ico bafashije. Raba uburorero bukeyi.

 Muri Polonye, abitanga babikunze baregeranije amatoni y’imfashanyo, abana na bo baratunganya udukarata two kwandikako amakete. Umuvukanyi yitwa Bartosz Kościelniak akorera mu Rwego rujejwe kugura ibintu kw’ishami rya Polonye, avuga ati: “Nari maze gusoma incuro nyinshi icanditswe co muri Zaburi 110:3 kivuga ko ‘abantu ba Yehova bazokwitanga babikunze.’ Ariko kwibonera ingene habonetse imfashanyo nyinshi, abavukanyi amajana baritanga kandi biteguriye gukora, vyaranyeretse ko ayo majambo ari ay’ukuri.”

 Umwe mu Vyabona vya Yehova afise ishirahamwe mpuzamakungu yo gutwara ibintu yaratanze ibimashini vyo gutwara imfashanyo hamwe n’igitoro cari gikenewe kugira babitware. Avuga ati: “Kuri jewe, ni akaryo ko kwerekana urukundo nkunda abavukanyi banje na Yehova. Ndahimbawe cane kuba naragize ico mfashije.” Haratanzwe n’imiburiburi igitoro kingana n’amalitiro 7.700, abavukanyi na bo barakoresheje umwanya n’inguvu zabo mu kugira urugendo rw’ibirometero 48.000 kugira bashikane izo mfashanyo!

 Kubera ko abavukanyi na bashiki bacu bitanze babikunze kandi babigiranye urukundo, ku wa 28 Ntwarante, haheze imisi 15 gusa bagerageje gutwara imfashanyo muri Ukraine, amatoni 110 y’ibifungurwa, ibikoresho vy’isuku hamwe n’imiti vyari vyamaze gushikayo. Kubera ko abavukanyi hamwe n’abadandaza batanze imfashanyo nyinshi, igitigiri c’amahera bari bategekanije gukoresha mu vy’intererano caragabanutse. Gushika ubu, Ivyabona vya Yehova baramaze kurungika imfashanyo zingana n’amatoni 209 muri Ukraine. None abavukanyi bacu bakiriye gute izo mfashanyo?

“Harimwo n’urukundo rwanyu!”

 Igihe izo mfashanyo zashika i Lviv, abari muri Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago baciye bazishira abavukanyi bari mu nkenero bo hirya no hino muri Ukraine. Izo mfashanyo zajanywe mu bisagara bitandukanye, bimwebimwe bikaba biri ku birometero 1.300 uvuye i Lviv. Naho bakoze neza ivyo bikorwa uko bashoboye, vyafashe umwanya utari muto. a

 Umuvukanyi Markus Reinhardt ari mu bagize Komite y’ishami ya Ukraine, avuga iti: “Muri iki gihe c’intambara, abavukanyi benshi bariboneye ingene Yehova abakunda n’akamaro ko gukurikiza ubuyobozi ishirahamwe riduha n’imbere yuko ivyago vyaduka. Nk’akarorero, twese turaremeshwa kugumana amazi n’ibifungurwa bishobora kumara indwi nkeyi. Ku bijanye n’ubwo buyobozi, umukurambere yitwa Anton akorera i Kyiv yavuze ati: ‘Ishirahamwe rya Yehova riradutegura ku bw’ibihe bigoye kandi turabikenguruka cane. Kuba twari dufise ibifungurwa, amazi n’iradiyo vyararokoye ubuzima bwacu.’ Turakenguruka cane kuba abavukanyi barakurikije ubwo buyobozi kubera ko vyatumye ibiro vy’ishami bironka umwanya wo gutunganya ibijanye no gutabara abashikiwe n’ivyago.”

 Abavukanyi bacu biyumvise gute babonye imfashanyo zibashikiriye? Mykola na Zinaida, baba i Kharkiv, bavuze bati: “Turakorwa ku mutima cane n’ukuntu mutwitwararika. Turabashimiye cane kuba mwaraturonkeje ibifungurwa n’imiti. Ivyo vyatumye twibonera vy’ukuri ukuboko kwa Yehova.” Valentyna na we aba muri ako karere nyene. Yavuze ati: “Kuva intambara itanguye, twaratonda imirongo miremire tugiye gusuma. Ntivyama bitworohera kugura ivyo dukeneye. Ariko Yehova yarazi neza iyo ngorane dufise. Yaciye aturungikira abavukanyi baratuzanira imfashanyo muhira hamwe n’amakarato arimwo ivyo twari dukeneye nyene! Mu bihe bigoye nk’ivyo, igihe tuba twihebuye ni ho twibonera ingene Yehova n’ishirahamwe ryiwe batwitwararika mu buryo budasanzwe. . . . Biranezereza cane kwibonera ingene Yehova adufasha akongera akadushigikira igihe nyene twari tubikeneye.”

 Yevhen, Iryna, na Mykyta, bahunze bava i Mariupol, bavuga bati: “Turakenguruka ukuntu mwitwararitse mwongera murashigikira umuryango wacu. Mu vy’ukuri twari tubikeneye. Mu ntango twibaza ko muri ayo makarato harimwo imfashanyo gusa, ariko igihe twayugurura twasanze harimwo n’urukundo rwanyu!”

Yevhen, Iryna na Mykyta

 Nta nkeka ko dushobora kubona ingene Yehova yakoresheje impwemu yiwe mu kuronsa inkomezi abasavyi biwe kugira bashobore gutanga imfashanyo mu gihe c’“intambara n’amakuru y’intambara.” Intererano mutanga mubikuye ku mutima mu gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com, na zonyene zaratumye ico gikorwa gishoboka. Turakenguruka cane ingene mutanga mubikunze!

Gutanga imfashanyo mu buryo bwihuta kandi budashira ubuzima mu kaga

  1. 24 Ruhuhuma 2022: Komite y’abahuzabikorwa yaremeje amahera yokoreshwa mu gutabara abashikiwe n’ivyago muri Ukraine, ivyo bikaba vyatumye ishami ritangura ibikorwa vyo gutabara

  2. 24 Ruhuhuma–8 Ntwarante 2022: Ishami rya Ukraine ryaraguze ibintu biboneka muri ico gihugu maze ritangura kubiha abari mu nkenero biciye ku Makomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago. Ishami ryariteguriye kandi kwakira imfashanyo zivuye muri Polonye

  3. 9 Ntwarante 2022: Komite y’abahuzabikorwa yaremeje ko imfashanyo zijanwa muri Ukraine

  4. 10–12 Ntwarante 2022: Haratunganijwe ingene bogerageza gutwara ibifungurwa hamwe n’ibindi vya nkenerwa muri Ukraine, i Lviv babikuye muri Polonye

  5. 13 Ntwarante 2022: Baciye bagerageza kurungika ibifungurwa hamwe n’ibindi bintu vya nkenerwa i Lviv muri Ukraine babikuye muri Polonye

  6. 14–16 Ntwarante 2022: Ku ngoro y’amateraniro iri hafi y’i Poznan muri Polonye, haratunganijwe ingene abitanga mu Rwego rw’imigero n’ubwubatsi boshobora gukorana imfashanyo zari zabonetse zigizwe n’ibifungurwa hamwe n’ibikoresho vy’isuku

  7. 17 Ntwarante 2022: Haheze imisi ine bagerageje gutwara imfashanyo muri Ukraine maze birakunda ko bazishikanayo, baciye barungika amatoni 14 y’imfashanyo ku mupaka wa Ukraine

  8. 21–27 Ntwarante 2022: Babigenjeje uko nyene no mu kurungika muri Ukraine imfashanyo zari zisigaye maze baraziha abari n’ivyo bakeneye mu masaha 24

  9. 28 Ntwarante 2022: Haheze imisi 20 Komite y’abahuzabikorwa itanze uruhusha, amatoni 110 y’ibifungurwa, ibikoresho vy’isuku hamwe n’imiti vyari bimaze kurungikwa muri Ukraine

 Gushika uno musi, Ivyabona vya Yehova baramaze kurungika amatoni 209 y’imfashanyo muri Ukraine.

a Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ingene imfashanyo zagiye ziratangwa muri Ukraine, nusome ikiganiro kivuga ngo “Abavukanyi babigiranye umutima rugabo, baratanga imfashanyo mu karere karimwo indwano muri Ukraine.”