Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gutunganya Ingoro z’Ubwami kugira abitaba amakoraniro bakingirwe ikiza ca Korona

Gutunganya Ingoro z’Ubwami kugira abitaba amakoraniro bakingirwe ikiza ca Korona

1 GITUGUTU 2022

 “Inama Nyobozi yafashe ingingo y’uko amashengero yose yemerewe gusubira kugira amakoraniro amaso mu yandi guhera ku ndwi yo ku wa 1 Ndamukiza, kiretse mu gihe amategeko y’igihugu yoba atavyemera.” Iryo tangazo ryashizwe ku rubuga rwacu rwa jw.org mu ntango za Ntwarante 2022, ryarahimbaye cane Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose. Ariko ikiza ca Korona nticari bwahere. a None ni amahinduka ayahe yari akenewe kugira dukingire abitaba amakoraniro ikiza ca Korona? Inyuma y’imyaka ibiri tudakoranira hamwe amaso mu yandi, Ingoro z’Ubwami zacu zoba zari zikwije ibisabwa?

 Abavukanyi bacu bari bamaze amezi menshi biteguririra ivyo gusubira kwikoraniriza ku Ngoro z’Ubwami.

Inkenero zitandukanye be n’inyishu zitandukanye

 Inyuma y’ukwezi kumwe gusa amakoraniro yo mu maso mu yandi ahagaritswe mu 2020, Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi i Warwick muri New York, rwaciye rutangura kwihweza ingaruka ikiza ca Korona cogize ku kuntu dukoresha Ingoro z’Ubwami zacu hamwe n’ingingo zofatwa kugira abitaba amakoraniro bakingirwe.

 Ivyo wasanga bikenewe mu gace kamwe k’isi vyaba bitandukanye n’ivyaba bikenewe mu kandi gace. Uwukora mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi yitwa Matthew De Sanctis, avuga ati: “Mu bihugu bimwe ingorane ihari ni ukubura ibibanza vyo gukarabiramwo. Igihe ku Ngoro y’Ubwami ata mazi yaba ahari, baca bayagura canke bakayavoma mu nzuzi canke imyonga biba biri hafi. Mu bindi bihugu, intwaro zimwezimwe zarahinduye ibisabwa ku bijanye n’ivyuma bitanga ubushuhe n’ubukanye, ibitanga umuyaga hamwe n’ivyapa bivuga ibijanye n’isuku.”

 None abavukanyi bakoze iki kugira bahuze n’ayo mahinduka? Matthew avuga ko ku Ngoro z’Ubwami nyinshi basanze hari hakenewe ibintu bisanzwe kandi bizimbutse. Nk’akarorero, muri Papouasie-Nouvelle-Guinée barakoresheje ibintu bifise akarobine bijamwo amalitiro 20 y’amazi. Rero kugira abavukanyi bashire ibikoresho vyo gukaraba ku Ngoro y’Ubwami imwe yo mu gihugu hagati, vyatwara amadolari 40 yonyene (nk’amarundi arenga ibihumbi 80). Ku Ngoro z’Ubwami zo muri Afrika, ibikoresho bimeze neza vyo gukaraba birenga 6.000 vyaraguzwe bivuye muri Aziya.

Abavyeyi barahaye akarorero keza abana babo mu bijanye n’isuku

 Ayandi mahinduka yabaye kwari ugushiraho canke uguhindura ivyuma bitanga umuyaga umeze neza mu Ngoro z’Ubwami. Amashengero menshi yaraguze ibikoresho vyo gushirako mikoro kugira abantu ntibaze barazihanahana mu ntoke. Baragize ivyo bahinduye kugira abantu ntibagume bakora cane ku miryango, ku bitasha, no ku marobine kandi bakaza barabipompako imiti yica imigera. Mu mashengero amwamwe, barashize mu tuzu twa sugumwe amarobine aho amazi yizana utarinze kwugurura ukoresheje intoke. Muri Shili, guhindura ivyari bikenewe ku Ngoro y’Ubwami imwimwe vyatwaye nk’amadolari arenga 1.400 (nk’amarundi arenga 2.800.000).

Mikoro ntibazihanahana mu ntoke

 Naho intumbero y’abo bavukanyi kwari ugutuma Ingoro z’Ubwami ziba ahantu hakingiwe ikiza ca Korona, baritwararitse kandi kuziganya intererano zitangwa. Nk’akarorero, mu bihugu bimwe bimwe barungukiye ku kuba leta yaragabanije amatagisi ku bikoresho vyo gukaraba. Ibiro vy’amashami vyarakoranye kugira bagurire hamwe ibintu vyinshi mu ntumbero yo kuziganya amahera. Amashami hamwe n’Urwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu baritwararitse kugura ibikoresho bari bakeneye biciye ku babihinguye, gutyo ibiciro bikagabanuka kandi bikanyaruka kubashikira.

Aho kwisigira imiti yica imigera

“Numva ntekaniwe vy’ukuri”

 Intunganyo zo gukingira abitaba amakoraniro amaso mu yandi ku Ngoro z’Ubwami kugira ntibandure ikiza ca Korona, zaratumye abayitaba bumva batekaniwe. Mushiki wacu yitwa Dulcine wo muri Peru, yiyemerera ko yari afise “ubwoba” igihe yamenya ko tugiye gusubira ku Ngoro y’Ubwami. Avuga ati: “Mu misi ya mbere ikiza kigitangura nararwaye Korona. Numvise ntorohewe no kuja ku Ngoro y’Ubwami nibaza ko nosubiye kwandura uwo mugera. Ariko igihe nahashika, nasanze abakurambere bashizeho intunganyo nyinshi zo kwikingira, nko kwisiga mu ntoke imiti yica imigera, gukoresha ivyuma bijako mikoro hamwe no gupompa mu Ngoro y’Ubwami imiti yica imigera imbere yuko ikoraniro ritangura n’inyuma yaho. Ivyo vyose vyatumye numva ntekaniwe vy’ukuri.” b

Gupompa imiti yica imigera ku Ngoro y’Ubwami

 Uwundi mushiki wacu umwe yitwa Sara wo muri Zambiya, yashikiwe n’ingorane itandukanye n’iyo. Avuga ati: “Haraciye amezi makeyi umugabo wanje apfuye ahitanywe n’ikiza ca Korona. Narahagaritse umutima n’ukuntu nokwumvise merewe nitavye amakoraniro amaso mu yandi ari ryo rya mbere tutarikumwe.” None vyamugendeye gute? Abandanya ati: “Kwitaba amakoraniro amaso mu yandi vyarankuye amazinda ko Yehova arikumwe natwe muri iki kiringo c’imisi ya nyuma. Ubu kuruta ikindi gihe cose, ndabona ko abakurambere n’abandi bavukanyi bandemesha, bakankunda bakongera bakanshigikira.”

Umunezero uva ku gusubira kwikoranya amaso mu yandi

 Abavukanyi bo hirya no hino kw’isi barakenguruka kuba bararonse akaryo ko gusubira ku Ngoro z’Ubwami. Turakenguruka cane intererano mutanga. Nyinshi muri zo zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Izo ntererano ziratuma twiyemeza ko ibibanza vyacu vyo gusengeramwo bimeze neza kandi ko bituma abahahurira bumva bakingiwe.

a Aho bishoboka, abipfuza kubandanya bitaba amakoraniro biciye ku buhinga bwa vidéoconférence canke kuri telefone barabandanya kubigira.

b Vyongeye, abitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami bararemeshejwe kwitwararika cane kwambara agafuka umunwa n’izuru.