Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami biragirira akamaro abantu amamiliyoni

Ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami biragirira akamaro abantu amamiliyoni

1 NTWARANTE 2021

 Imigwi y’abahinduzi irenga 60 kw’ijana usanga ikorera ku biro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami. Kubera iki none iyo ntunganyo ari ngirakamaro? Ni ibikoresho ibihe abo bahinduzi bakeneye kugira bakore igikorwa neza? Kandi kuba abo bahinduzi bakorera mu turere tuvugwamwo indimi bahinduramwo biterera iki ku vyo bahindura?

 Ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami bituma abahinduzi baba aho abantu benshi bavuga ururimi bahinduramwo. Karin, umuhinduzi w’ikidagi kivugwa mu buraruko bw’Ubudagi, asigura ati: “Kubera ko twimukiye ku biro vy’ubuhinduzi biri i Cuauhtémoc muri Megizike, twama tuvuga urwo rurimi. Turaruvuga igihe turi kumwe n’abandi bahinduzi, igihe turi mu ndimiro n’igihe tugiye gusuma. Dukikujwe n’abaruvuga. Turumva amajambo ndyoshamvugo twari tumaze igihe kirekire tutumva, tukamenya n’amajambo abantu basigaye bakoresha.”

 Uwitwa James, umuhinduzi w’ururimi rwo muri Gana rwitwa frafra, ariyemerera ko bishika agakumbura kwifatanya n’umuryango wa Beteli uri kw’ishami. Ariko yongerako ati: “Ndakunda gukorera ku biro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami. Iyo ndiko ndamamaza mu rurimi kavukire, nkibonera ukuntu abantu bakira inkuru nziza birankora ku mutima.”

 Abavukanyi bahitamwo gute aho boshira ibiro vy’ubuhinduzi? Uwitwa Joseph, akaba akora mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi i Warwick muri Amerika, avuga ati: “Ingorane tugira ni uko mu turere tumwetumwe usanga ata muyagankuba n’amazi bihari. Usanga kandi ata internet ihari yofasha kugira igisomwa gishobore gushikira abahinduzi. Igihe rero dushaka gushinga ibiro vy’ubuhinduzi, turahitamwo mu bibanza bitandukanye bivugwamwo urwo rurimi.”

 Tubivuze muri rusangi, uburyo bunyaruka kandi buzimbutse ni ugushira ibiro vy’ubuhinduzi ku Ngoro y’amateraniro, ku Ngoro y’Ubwami canke ku nzu y’abamisiyonari, abahinduzi bagaca baza barakoreraho bataha. Igihe ata nyubakwa n’imwe nk’iyo ihari, abavukanyi barashobora kwemererwa kugura inyubakwa abahinduzi bobamwo bakanakoreramwo. Bishitse ivyo biro vy’ubuhinduzi ntibibe bikihakorera, izo nyubakwa zirashobora kugurishwa hama ayo mahera agakoreshwa mu bindi bikenewe.

Bararonswa ivya nkenerwa kugira igikorwa kibandanye

 Mu mwaka w’umurimo wa 2020, twarasohoye imiliyoni 13 z’amadolari kugira ibiro vy’ubuhinduzi bibandanye gukora. Abahinduzi bo muri ivyo biro barakenera ama orodinateri, amaprograma yo mu mashini adasanzwe, ibikoresho vyo gufata amajwi, internet n’ibindi vya nkenerwa. Nk’akarorero, kugira imashini imwe itunganywe neza ku buryo itangura gukora, bitwara amadolari 750. Imashini ziba zirimwo amaprograma amwamwe hamwe n’iyindi programa yitwa Watchtower Translation System (WTS) ifasha abahinduzi gutunganya ibikorwa vyabo, igatuma n’ibikorwa bakora bibashikira.

 Abahinduzi bararonswa kandi ibikoresho vyo gufata amajwi, gutyo bagashobora gufatira amajwi aho bakorera. Ivyo bikoresho vyarabaye ngirakamaro cane igihe ikiza ca korona catangura, kubera ko abahinduzi benshi bashoboye kubitwara muhira, maze barabandanya gufata amajwi y’ibisomwa n’ay’amavidewo.

 Akenshi, abavukanyi bo muri ako karere baritanga bagasuzuma ivyahinduwe bakongera bagafasha kubungabunga izo nyubakwa. Uwitwa Cirstin akorera ku biro vy’ubuhinduzi biri i Cape Town muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Abamamaji benshi n’abatsimvyi basanzwe bararonka akaryo ko gukorera ng’aha.”

 Abo bavukanyi bitanga barahimbarwa n’ako gateka. Mushiki wacu umwe afasha ku biro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami avuga ko gukorera ng’aho bimuruhurira. Hari n’abavukanyi na bashiki bacu bitanga kugira bafatwe amajwi. Uwitwa Juana ahindura mu rurimi rwitwa totonac muri leta ya Veracruz muri Megizike avuga ati: “Ubu ko twegereye ibisagara bivugwamwo ururimi rwacu, biroroshe ko abavukanyi na bashiki bacu benshi bitanga igihe dufata amajwi y’ibisomwa n’ay’amavidewo.”

 None ivyo biro vy’ubuhinduzi vyoba bifasha mu gutuma ivyo bahindura birushiriza kumera neza? Benshi mu basomyi bacu amamiliyoni bavuga ko bifasha. Uwitwa Cédric, umuhinduzi w’igikongo muri Kongo (Kinshasa) avuga ati: “Imvugo yo mu bitabu vyacu abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe bahora bayita ngo ni ‘igikongo co mu bitabu vy’ishirahamwe ryacu,’ kubera yari itandukanye n’iyo abantu basanzwe bavuga. Ariko ubu, bavuga ko ibitabu vyacu bihinduwe mu gikongo kigezweho, gihuye n’uko abantu bavuga.”

 Andile, umuhinduzi w’ururimi rwitwa xhosa, yarumvise ikintu nk’ico muri Afrika y’Epfo. Avuga ati: “Benshi baratubwira ko babona amahinduka mu kuntu duhindura. N’abana bahora basoma Umunara w’Inderetsi mu congereza ubu bawusoma mu ki xhosa. Barakunda canecane ukuntu Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu buryo bworoshe.”

 Amahera yose akoreshwa mu gushinga ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami, mu kubibungabunga no mu kwitwararika ababikoreramwo ava mu ntererano zitangwa n’abavyishakiye ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, ushizemwo n’izitangwa biciye kuri donate.pr418.com.