Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Imfashanyo yatanzwe kw’isi yose kubera ikiza cateye kw’isi yose

Imfashanyo yatanzwe kw’isi yose kubera ikiza cateye kw’isi yose

1 MUKAKARO 2021

 Muri Ntwarante 2020, igihe Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ryatangaza ko hateye ikiza ca Korona, abantu benshi ntibiyumvira ko uwo mugera worengeje umwaka wugarije isi yose. Abantu amamiliyoni harimwo n’Ivyabona vya Yehova bamwebamwe, bararwaye ico kiza congera kirabagirako ingaruka ku mutima, no mu vy’ubutunzi. None Ivyabona vya Yehova batunganije gute igikorwa co gutabara muri ico kiringo kitoroshe?

Igikorwa co gutabara

 Hirya no hino kw’isi harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago arenga 950, kugira yitwararike ibijanye na Korona ahagarikiwe na Komite y’abahuzabikorwa y’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Mu bihe bimwebimwe, abari muri ayo makomite baregeranya imfashanyo zitanzwe n’abavukanyi bo ng’aho, mu bindi bihe na ho, Ivyabona bakaronswa imfashanyo ya Leta. Ayo makomite kandi yaratunganya ivyo gutabara ku rugero rudasanzwe.

 Nk’akarorero, reka turabe ivyashitse muri Paraguay. Ikinyamakuru kimwe cavuze ko bivuye ku ngorane z’ivy’ubutunzi zatewe n’ico kiza, “abantu benshi muri Paraguay batewe n’ikigoyi.” Ariko Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago muri Paraguay yari imaze gutangura gutanga imfashanyo. Yatanga imfashanyo zomajije indwi zibiri umuryango w’abantu bane, zigizwe n’ibifungurwa be n’ibikoresho vy’isuku. Umuryango wose waronka ibintu biciye amadolari nka 30 y’Abanyamerika.

 None abakora muri ayo makomite bikingira gute Korona bakongera bagakingira n’abandi? Barambara udupfukamunwa kandi bakirinda kwegerana n’abandi. Bararaba ko amakompanyi bagurirako ibifungurwa abibika mu bibanza bisukuye kandi yubahiriza adaca ku ruhande amategeko yo kwikingira. Bariyemeza kandi ko abegeranya iyo mfashanyo bambaye ibibakingira kandi ko bagiriye isuku imiduga batwaramwo izo mfashanyo be n’ibibanza bazibikamwo, bakoresheje umuti wica imigera. N’ikindi kandi, abatanga izo mfashanyo baririnda kwegerana n’abavukanyi bazironswa.

Gukoresha intererano neza

 Gushika muri Nzero 2021, Komite y’abahuzabikorwa yari imaze kwemera ko hakoreshwa amadolari y’Abanyamerika arenga imiliyoni 25 ku bijanye n’ikiza ca Korona. Amashami be n’Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago yakoresheje ayo mahera mu buryo bwiza yongera arihatira kurondera aho agurira ibintu bizimbutse. Nk’akarorero muri Shili, abavukanyi batunganya igikorwa co gutabara bashaka kugura ibilo 750 vy’inkore. Ariko igiciro c’inkore cari cigwije na kabiri mu kwezi kumwe gusa. Haciye amasaha abiri bemeye kugura izo nkore kuri ico giciro, hari umudandaza yababwiye ko hari umuntu yari ahejeje kugarukana inkore yari yaraguze. Rero yaciye azibaha ku giciro ca kera, aho kuzibaha kuri ca giciro cigwije na kabiri bari bavuganye.

 Ariko rero igihe abo bavukanyi baza gutora za nkore, wa mudandaza yararondeye kuzibima, abagiriza ko bagira ka mwana wa mama mu gutanga ibifungurwa nk’uko ayandi mashirahamwe abigira. Umuvukanyi umwe yaratuye isengesho mu gacerere, aca arasigurira uwo mudandaza ko ishengero rimwerimwe ryose ryari ryabanje gutohoza kugira biyemeze abakeneye imfashanyo vy’ukuri. Abo bavukanyi baramusiguriye kandi ko kubera ko abazoronka iyo mfashanyo bava mu turere dutandukanye, umwe wese azoronswa ibihuye n’ivyo asanzwe amenyereye. Baramubwiye kandi ko abatanga intererano bose mu Vyabona vya Yehova, baba abatanga amahera canke inguvu zabo, babitanga bavyishakiye. Yaratangaye. Yaciye yemera kuzibaha ku giciro kigabanije, ariko kandi abemerera kuzobaterera ibilo 400 ku zo bazomushorera bagarutse.

“Icerekana ko bakundana vy’ukuri”

 Umupfakazi yitereye mu myaka wo muri Liberiya yitwa Lusu, abana n’abantu batanu bo mu ncuti ziwe. Igihe kimwe mu gitondo bariko baranywa akayi bongera basoma icanditswe c’umusi, umwuzukuru wiwe w’imyaka indwi yarabonye ko ata bindi bifungurwa basigaranye. Yabajije ati: “None tuzorya iki?” Lusu yaramukuye amazinda ko yamaze gusenga asaba Yehova ngo amufashe kandi ko yari yizigiye adakeka yuko yobaronkeje ivyo bakeneye. Kuri uwo muhingamo nyene, Lusu yagiye yumva abakurambere bamuterefonye bamubwira ngo aje gutora ibifungurwa. Yigana ati: “Umwuzukuru wanje avuga ko asigaye azi neza ko Yehova yumviriza amasengesho kandi akayishura kubera ko yishuye iryanje.”

Ivyo abana bo muri Kongo (Kinshasa) bacafye kugira bashimire abavukanyi babahaye ibifungurwa

 Umugore umwe wo muri Kongo (Kinshasa), abana hafi n’umuryango umwe w’Ivyabona. Igihe yabona uwo muryango uronse ibifungurwa warungikiwe n’abo basangiye ukwemera, yavuze ati: “Korona niyahera tuzoba Ivyabona vya Yehova kubera bitwararitse abo basangiye ukwemera muri iki gihe kigoye.” Umugabo wiwe yaciye amubaza ati: “Uzoba Icabona ca Yehova kugira gusa baguhe umufuko w’umuceri?” Yamwishuye ati: “Oya. Ariko uwo mufuko w’umuceri ni icerekana ko bakundana vy’ukuri.”

 Ivyabona vya Yehova barashoboye kwihutira kuronsa abavukanyi na bashiki bacu ivyo bakeneye muri iki kiringo c’ikiza kubera intererano mwatanze. Turabashimiye kubera intererano mwatanze mwisunze uburyo bwerekanwa kuri donate.pr418.com.