Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Indirimbo zidufasha kwiyegereza Imana

Indirimbo zidufasha kwiyegereza Imana

KU WA 1 MUNYONYO 2021

 Indirimbo ni ingabire nziza Yehova yaduhaye. Zirashobora guhindura ingene twiyumvira, ingene twiyumva kandi zigatuma tugarukana morare. Ukwo ni ko bimeze no ku ndirimbo zisanzwe zacu. Si ivyo gusa, izo ndirimbo zirashobora no kudufasha kwiyegereza Yehova.

 Kuva mu 2014, indirimbo zisanzwe zirenga 70 zarasohowe, ubu na ho n’imiburiburi rumwe muri izo ruraboneka mu ndimi zirenga 500. Ariko ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Ni bande bakora izo ndirimbo, kandi bazitegura gute?’

Nurabe ingene abavukanyi bakora indirimbo

 Indirimbo zisanzwe zitegurwa n’umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu bakora indirimbo bari mu Rwego rujejwe amajwi n’amasanamu rukaba ruhagarikiwe na Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi. Uwo mugwi ugizwe n’abavukanyi na bashiki bacu 13 bafasha mu vyo gutora amajambo n’umuziki, gufata amajwi no kuyaryohora, bakayatunganya hamwe n’ibindi bikorwa biba bikenewe bijana na vyo. Vyongeye, Komite nshingwanyigisho yaremeye ko abafasha Beteli bakorera muhira bo hirya no hino kw’isi, bitanga muri ico gikorwa harimwo abatunganya indirimbo, abacuraranga n’abaririmba. Abo bavukanyi na bashiki bacu barakoresha ubuhanga bwabo bicishije bugufi, ntibarondere kumenyekana.

 Indirimbo zisanzwe zitegurwa gute? Ubwa mbere, Komite nshingwanyigisho irahitamwo Icanditswe urwo ruririmbo ruzoba rushingiyeko be n’ingene ruzotuma abarwumviriza biyumva. Wa mugwi ukora indirimbo uca utunganya ivyo gutegura amajambo n’umuziki vy’urwo ruririmbo. Baca bafata amajwi y’imfatakibanza. Komite nshingwanyigisho irumviriza ayo majwi y’imfatakibanza ikanatanga ibindi vyiyumviro. Umugwi ukora indirimbo uca uryohora urwo ruririmbo, hanyuma ugafata amajwi ya nyuma. Izo ndirimbo zifatirwa amajwi mu bibanza bitandukanye harimwo ibiro vy’amashami canke mu mihana y’abantu.

 Mu gukora indirimbo zisanzwe no mu kuzifata amajwi, abavukanyi bacu barakoresha programa zitandukanye za orodinateri. Ico gikorwa kirasaba kandi gukoresha ivyuma bitandukanye nk’ibicurarangisho, ivyuma biduza amajwi, amamikoro be n’ibindi. Mikoro imwe irashobora kugurwa hagati y’amadolari 100 n’ayarenga 1.000 (amarundi ari hagati y’ibihumbi 200 n’ayarenga imiliyoni zibiri). Mu 2020, twakoresheje amadolari ibihumbi 116 mu bikoresho vy’umuziki (ni amarundi arenga imiliyoni 229).

 Ni utwigoro utuhe tugira kugira tuziganye intererano zitangwa? Aho kugira umugwi munini w’abakora indirimbo ukorera kuri Beteli, turakoresha abitanga benshi bakora bari muhira. Vyongeye, aho kurondera abacuraranzi benshi ngo bacurarange bari kumwe, abavukanyi bacu baca bakoresha programa ya orodinateri ituma haboneka amajwi menshi y’ibicurarangisho.

“Izo ndirimbo zirakomeza ukwizera kwanje”

 Abavukanyi na bashiki bacu barakunda kwumviriza indirimbo zisanzwe. Uwitwa Tara aba mu Budagi avuga ati: “Izo ndirimbo ziramfasha kuguma ntekanye igihe mba mfise amaganya. Igihe mba ndiko ndumviriza izo ndirimbo mu rurimi rwanje bwite, womengo ni Yehova aba ariko arangumbira.” Umuvukanyi yitwa Dmitry wo mu gihugu ca Kazakistani avuga ati: “Ndakunda kwumviriza izo ndirimbo kandi sinigera ngira amakenga ko zoba zidahuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Vyongeye, ziramfasha kuguma nituniye ku bintu vy’impwemu.”

 Uwitwa Delia wo muri Afrika y’Epfo, aravuga ingene indirimbo zisanzwe zituma yiyumva. Avuga ati: “Izo ndirimbo zirakomeza ukwizera kwanje. Igihe mba nacitse intege canke ndi mu ngorane, hama hariho indirimbo ihuye neza n’ibihe mba ndimwo. Akenshi umudiho w’izo ndirimbo urashobora guhindura ukuntu niyumva.”

 Indirimbo zisanzwe zimwezimwe zirakundwa cane. Uwitwa Lerato na we nyene wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Indirimbo ivuga ngo ‘Isi nshasha iri hafi’ n’iyivuga ngo ‘Ya si nshasha yimirije’ ziramfasha kwiha ishusho ndiko ndaha ikaze mama wanje mw’iparadizo. Igihe cose numvirije izo ndirimbo, nca nsa n’uwumubona aza ariruka kungumbira.”

 Ururirimbo rudasanzwe rumwe rwarafashije cane umuyabaga wo muri Sri Lanka. Avuga ati: “Umwigisha wanje w’icigwa c’ivy’ubuhinga yarankankamiye imbere y’abanyeshure kubera ko ndi Icabona ca Yehova. Naragize ubwoba, kandi sinari nzi ico novuga. Igihe nashika muhira, mama yarandemesheje kwumviriza ururirimbo ruvuga ngo ‘Kwiyigisha biradukomeza.’ Urwo ruririmbo rwaramfashije kubona ko nari nkeneye kugira ubushakashatsi kugira ntegure inyishu nzotanga. Umusi ukurikira, naravuganye n’umwigisha wanje. Yaranyumvirije aca arambwira ko atahuye ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Ndakengurukira ishirahamwe rya Yehova kuba rituronsa indirimbo nk’izo ziremesha.”

 None amahera akoreshwa mu gukora izo ndirimbo ava he? Ava mu ntererano zitangwa ku bwo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Turabashimiye cane ku ntererano mutanga.