Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Inyubakwa zituma Umwigisha wacu Ahambaye aninahazwa

Inyubakwa zituma Umwigisha wacu Ahambaye aninahazwa

1 MUKAKARO 2023

 Yehova arakunda kwigisha abasavyi biwe. Ni co gituma ishirahamwe ryiwe ryashizeho amashure atandukanye amenyereza abanyeshure kwitwararika amabanga bashingwa. Rimwe muri ayo mashure ni Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Mu myaka ya vuba, ishirahamwe ry’Imana ryaritwararitse cane kuryohora ivyigwa vyo mu mashure y’ivya Bibiliya ariko kandi riraryohora n’inyubakwa ziberamwo ayo mashure. Intumbero nyamukuru ni iyo gutuma abanyeshure n’abigisha bose bumva borohewe. None ni gute intererano utanga ziriko ziradufasha gushika kuri iyo ntumbero?

Uko abanyeshure baguma biyongera ni ko hakenerwa ibibanza bibereye vyo kwigiramwo

 Mu myaka myinshi iheze, amashure atunganywa n’ishirahamwe yabera ku Ngoro z’Ubwami hamwe n’iz’amateraniro. Kubera iki none duheruka kwubaka canke gusanura inyubakwa ziyongereye ziberamwo amashure y’ivya Bibiliya gusa? Raba imvo zitatu.

 Inkenero. Umuvukanyi Christopher Mavor, akaba ari umufasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi avuga ati: «Ibiro vy’amashami vyaratubwiye ko bakeneye abavukanyi n’abadada bofasha mu cibare. Nk’akarorero mu 2019, ishami ryo muri Brezile ryavuze ko rikeneye n’imiburiburi abandi basohotse Ishure ry’abamamaji b’Ubwami bagera ku 7.600 boja gufasha mu cibare c’ishami ryabo.» Ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryaramenyesheje ko hakenewe cane abatsimvyi bazi utuntu n’utundi bofasha abandi mu bijanye no kwamamaza ku mugaragaro mu bisagara bininibinini, ku bivuko canke mu mabohero. Harakenewe kandi abavukanyi bofasha mu Rwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi hamwe no mu bikorwa vya Komite zija inama n’ibitaro. Abasohotse Ishure ry’abamamaji b’Ubwami barashobora gufasha muri ivyo bikorwa.

 Abasaba kwiga ayo mashure baguma bongerekana. Ibiro vy’amashami menshi vyararonse abasaba kwitaba ayo mashure benshi kuruta abo bashobora kwemerera. Nk’akarorero muri Brezile, ishami ryaronse abasaba kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami bagera ku 2.500 mu mwaka umwe gusa. Ariko kubera ishami ritari rifise inyubakwa zikwiye zishobora kubakira, ryemereye abanyeshure 950 gusa.

 Uburaro bubereye. Igihe abanyeshure bigira ku Ngoro y’Ubwami canke iy’amateraniro, akenshi baronswa uburaro n’abavukanyi baba hafi y’aho. Ivyo bishoboka mu bihugu biberamwo amashure make ku mwaka. Mugabo ahabera amashure menshi ku mwaka, hari aho bitokundira abavukanyi b’aho kwakira abo banyeshure amezi menshi mu mwaka. Ku bw’ivyo, haratangwa inyubakwa ziri hafi y’ahabera ishure kandi ziba zigenewe abanyeshure gusa.

 Inyubakwa irimwo ishure rimwe, ivyumba vy’abigisha hamwe n’abanyeshure 30 be n’ibindi bibanza abanyeshure be n’abigisha bokenera, irashobora gutwara amamiliyoni menshi y’amadolari y’abanyamerika bivanye n’aho iyo nyubakwa iherereye hamwe n’ibindi bisunga mu kuyihitamwo.

Ibisabwa ku nyubakwa iberamwo ishure

 Akenshi bisaba ko amashure abera ahantu hatekanye, atari mu gisagara kinini, ariko hakaba ari ahantu haboneka uburyo bwo kwiyunguruza bitagoranye. Bashima guhitamwo canecane ahantu hari abamamaji benshi bashobora gufasha mu bikorwa bikenewe ahabera ishure hamwe no kubungabunga izo nyubakwa n’ibikoresho.

 Izo nyubakwa ziba zirimwo ububiko bw’ibitabu, ahantu ho kwigira, ama ordinateri, ivyuma bicapura be n’ibindi bikoresho. Akenshi, haba hari icumba c’uburiro, aho abanyeshure n’abigisha bashobora gusangirira hamwe. Vyongeye, baratunganya ikibanza co kwinonoreramwo imitsi be n’ahantu ho kwiruhurira.

 Ishure abanyeshure bazokwigiramwo ubwaryo riritwararikwa bidasanzwe. Umuvukanyi yitwa Troy akorera mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi i Warwick muri New York avuga ati: «Twarasavye Urwego rujejwe ivy’amashure ya gitewokarasi ngo rudufashe kwiyumvira ingene inyubakwa ziberamwo amashure zikwiye kuba zimeze kugira abanyeshure bige borohewe. Abavukanyi bakorera muri urwo rwego baradusiguriye ukuntu ishure rikwiye kuba ringana, uko rikwiye gutunganywa hamwe n’ubwoko bw’amatara be n’ivyuma vy’amajwi n’amasanamu bikenewe.» Ku bijanye n’ivyuma vy’amajwi, umuvukanyi Zoltán akaba ari umwigisha mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami muri Hongiriya, avuga ati: «Mu ntango, nta mikoro n’imwe twari dufise. Rero twabwirizwa kuguma twibutsa abanyeshure kuduza akajwi. Ariko kubera ko ubu hari mikoro kuri buri ntebe, ico kibazo carakemutse.»

«Abashitsi ba Yehova badasanzwe»

 Kuba inyubakwa z’ayo mashure zararyohowe, vyafashije gute abanyeshure hamwe n’abigisha? Mushiki wacu yitwa Angela yitavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami i Palm Coast muri Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: «Ni ahantu hatekanye. Ibintu vyose bipanze neza, aho harimwo ingene batunganije aho twigira n’aho turara kugira twitunire ku vyigwa ata kidusamaza.» Uwitwa Csaba, akaba ari umwigisha w’ayo mashure muri Hongiriya, arakenguruka akaryo baronka ko gusangira n’abanyeshure. Yavuze ati: «Muri ivyo biringo, abanyeshure akenshi baratubwira ibintu vyagiye birabashikira. Ivyo biraduha akaryo ko kurushiriza kubamenya. Bica bituma duhuza ivyo tuba turiko turabigisha n’ivyo bakeneye.»

 Kuba inyubakwa ziberamwo ayo mashure zararyohowe, abanyeshure n’abigisha babona ko ari umuhezagiro uva kuri wa «Mwigisha Ahambaye», Yehova. (Yesaya 30:20, 21) Mushiki wacu wo muri Filipine yitavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami mu nzu bahinduye bayigira inyubakwa iberamwo ayo mashure avuga ati: «Ukuntu ahantu twigira haba hameze biratwibutsa ko turi abanyeshure ariko kandi tukabona ko turi abashitsi ba Yehova badasanzwe. Yipfuza ko kwiga Ijambo ryiwe mu buryo bwimbitse biduhimbara.»

 Kuba dushobora kwubaka, gusanura no kubungabunga inyubakwa ziberamwo amashure y’ivya Bibiliya tubikesha intererano mutanga, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Turabashimiye cane kuba mutanga cane ukuraho.

Ku bwinjiriro bw’inyubakwa y’i Palm Coast muri Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Igicapo cerekana urusengero rwo mu gihe ca Yezu kiri aho abanyeshure bateramira i Palm Coast muri Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Bashitse kw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami muri Brezile

Bari mw’ishure muri Brezile

Bashitse kw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami muri Filipine

Bariko barafungurira hamwe mu cumba c’uburiro c’inyubakwa y’amashure muri Filipine