INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Inyubakwa zubatswe imbere y’ikiza
1 MUNYONYO 2020
Kubera ko igitigiri c’ababatizwa buri mwaka kiguma ciyongera, turakenera inyubakwa nyinshi zikoreshwa mu bijanye no gusenga. Ku bw’iyo mvo, inzego z’igihugu zijejwe imigero n’ubwubatsi zo hirya no hino kw’isi zaratunganije kwubaka canke gusanura ibibanza vyo gusengeramwo birenga 2.700 mu mwaka w’umurimo wa 2020. a
Ikibabaje, ikiza ca Korona carahungabanije iyo migambi yose. Komite nshingwasohora y’Inama Nyobozi yarahagaritse menshi muri ayo maporoje kugira ikingire abavukanyi na bashiki bacu yongere ikurikize amategeko y’igihugu ajanye no kwikingira ico kiza. Naho ari ukwo, mu mwaka w’umurimo wa 2020, ibibanza vyo gusengeramwo birenga 1.700 vyarubatswe canke birasanurwa imbere y’iki kiza. Vyongeye, hari amaporoje akomakomeye arenga 100 ajanye n’inyubakwa zo ku mashami yarangiye. Nurabe ukuntu amaporoje abiri yarangiye yagiriye akamaro abavukanyi bacu.
Ishami rya Kamerune. Ibiro vy’ishami vyahora i Douala vyari bito cane, bikaba vyari bikeneye kwagurwa. Komite nshingwasohora yariyumviriye ivyo gusanura izo nyubakwa, ariko yasanze kuzisanura vyotwara uburyo bwinshi kuruta kwubaka nshasha. Bariyumviriye kandi kugura ikindi kibanza hanyuma bubake canke kugura inzu yubatse maze bakayisanura. Ariko nta na kimwe muri ivyo cashobotse.
Muri ico gihe nyene, abavukanyi baramenye yuko mu buraruko bwa Douala, leta yariko iratunganya kwubaka ibarabara rica iruhande y’Ingoro y’amateraniro. Iryo barabara ryari gutuma vyoroha gushika kuri iyo Ngoro y’amateraniro no kuhazana ibikoresho bikenewe. Ivyo nyene ni vyo ishami ryipfuza. Rero Inama Nyobozi yaremeje ko hubakwa inyubakwa nshasha z’ishami mu kigo c’Ingoro y’amateraniro.
Ivyabona barakoranye n’amashami y’ivy’ubwubatsi muri iyo poroje, bikaba vyatumye tuziganya umwanya n’amahera. Iyo poroje yatwaye amahera makeyi kuruta ayo twari twiteze. Twarashoboye kuziganya amahera arenga imiliyoni zibiri z’amadolari y’abanyamerika (hafi imiliyaridi zine z’amarundi). Umuryango wa Beteli warashoboye kwimukira muri izo nyubakwa nshasha gatoyi imbere ya Korona.
Kuba abanyabeteli bo muri Kamerune bararonse ahantu heza ho kuba n’aho gukorera, vyarabagiriye akamaro kandi babona ko ari ingabire Yehova yabahaye. Hari abubakanye bavuze bati: “Twipfuza gukora cane no kwerekana ko dukenguruka iyo ngabire.”
Ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami bihindura mu rurimi rw’igi Tojolabal, muri Megizike. Mu myaka myinshi iheze, umugwi w’ubuhinduzi w’igi Tojolabal wakorera kw’ishami ryo muri Amerika yo hagati, hafi y’umurwa mukuru wa Megizike. Naho ari ukwo, ururimi rw’igi Tojolabal ruvugwa canecane mu turere twa Altamirano na Las Margaritas, nko ku birometero 1.000 uvuye aho bahora bakorera. Ivyo vyatuma bitoroha ko abahinduzi bamenya imvugo zimenyerewe zo muri urwo rurimi. Vyongeye, vyari bigoye ko ibiro vy’ishami bironka abavukanyi na bashiki bacu babishoboye baba hafi kugira baze gufasha mu bijanye n’ubuhinduzi no mu gufata amajwi.
Ku bw’izo mvo, Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi yaripfuje kwimurira uwo mugwi w’ubuhinduzi mu karere kavugwamwo urwo rurimi. Kugira ivyo bishoboke, ibiro vy’ishami vyaraguze inzu hanyuma barayisanura. Ivyo vyatwaye amahera make ugereranije no kwubaka ibiro bishasha canke gupanga.
Hari umuhinduzi yavuze ukuntu ivyo vyamugiriye akamaro. Yavuze ati: “Mu myaka cumi namaze nkorera kw’ishami ndi umuhinduzi, sinari bwigere mbona umuryango n’umwe hafi y’aho uvuga ururimi rwanje. Ubu ibiro vyacu biri neza na neza ahantu havugwa urwo rurimi rw’igi Tojolabal. Buri musi nama mbona abantu bavuga urwo rurimi. Naramenye amajambo menshi mashasha kandi ivyo vyaramfashije mu gikorwa c’ubuhinduzi.”
Amaporoje yo mu mwaka w’umurimo wa 2021
Mu mwaka w’umurimo wa 2021 nivyadukundira, dutegekanya amaporoje 75 yo kwubaka ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami hamwe n’inyubakwa ziberamwo amashure y’ivya Bibiliya. Ibikorwa vyariko bibera ku mashami umunani harimwo n’iporoje nshasha y’icicaro gikuru y’i Ramapo i New York, hamwe n’ibikorwa vyo kwimura ishami ryo muri Arjantine no mu Butaliyano bizobandanya. Vyongeye, turakeneye Ingoro z’Ubwami nshasha zirenga 1.000. Hari n’ibibanza tugiriramwo amakoraniro birenga 6.000 bikeneye gusubirizwa hamwe n’Ingoro z’Ubwami 4.000 zikeneye gusanurwa.
None amahera dukoresha mu kwubaka izo nyubakwa no mu kuzisanura ava he? Umuvukanyi Lázaro González wo muri Komite y’ishami rya Amerika yo hagati yarishuye ico kibazo igihe bariko baravuga ivyerekeye poroje yo kwubaka ibiro vy’ubuhinduzi bidakorera kw’ishami vy’ururimi rw’igi Tojolabal. Yavuze ati: “Mu cibare c’ishami ryacu, usanga abantu benshi ari abakene. Rero abavukanyi bo hirya no hino kw’isi batadufashije, ntitwoshoboye kwubaka ibiro vy’ubuhinduzi ku bw’abavukanyi bacu bavuga urwo rurimi. Intererano zitangwa n’abavukanyi bacu bo kw’isi yose zatumye bishoboka ko twimurira abahinduzi mu turere tuvugwamwo izo ndimi. Turakengurukiye bivuye ku mutima umuryango wacu w’abavukanyi ku kuntu badushigikira babikunze.” Egome, birashoboka ko dutunganya amaporoje y’ubwubatsi kubera intererano mutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com.
a Inzego z’igihugu zijejwe imigero n’ubwubatsi ziratunganya amaporoje y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami mu karere k’ishami ziba zirimwo zikongera zikagira uruhara mu kuzubaka. Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi ruri ku cicaro gikuru rurahitamwo amaporoje y’ubwubatsi akwiye kuja imbere y’ayandi rukongera rukayatunganya.