INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Ishure rya Gileyadi ryitabwa n’abava hirya no hino kw’isi
1 KIGARAMA 2020
Buri mwaka, hirya no hino kw’isi hari abavukanyi na bashiki bacu bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose batumirwa mw’Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi ribera mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri New York. a Muri iryo shure, abanyeshure barahigira ukuntu borushiriza kuroranirwa mu bikorwa bitandukanye bakora mw’ishirahamwe rya Yehova. Ukwo kumenyerezwa kurabafasha gukomeza amashengero n’amashami hirya no hino kw’isi.
Mu vy’ukuri, Ishure rya Gileyadi ni mpuzamakungu. Nk’akarorero mu 2019, umugwi ugira 147 warimwo abanyeshure 56 bava mu bihugu 29. Abanyeshure bitaba Gileyadi baba bakorera mu mice itandukanye y’umurimo udasanzwe w’igihe cose. Aho twovuga nk’Abanyabeteli, abacungezi b’imizunguruko, abamisiyonari canke abatsimvyi badasanzwe.
Imyiteguro y’iryo shure itangura imbere cane y’uko ishure ritangura. Nk’akarorero, Urwego rujejwe ivy’ingendo rwo ku cicaro gikuru ruragurira amatike y’indege ababa batumiwe muri iryo shure. Ku mugwi wa 147 w’iryo shure, tugize incahagati dusanga kugira umunyeshure wese avuye mu mahanga ashike i Patterson yongere asubire inyuma hatanzwe amadolari 1.075. Nk’abanyeshure bavuye mu Mazinga ya Salomo babwirijwe gufata indege zine kugira bashike i Patterson, mu nyuma bafata zitatu kugira basubire muhira. Urugendo rwose hamwe bagize vyari ibilometero birenga 35.400. Buri munyeshure yarihiwe amadolari 2.300. Mu kuziganya amahera, urwego rujejwe ivy’ingendo rurakoresha agaprograma ka orodinateri kerekana indege zizimbutse. Naho baba bamaze gufatisha itike, ako gaprograma karamara amayinga canke mbere amezi karaba ko ibiciro vyagabanutse. Hari n’abatanga uturusho bahawe kubera bamaze kugira ingendo nyinshi, urwo rwego rugaca rudukoresha mu kugura amatike.
Benshi mu banyeshure baba bakeneye amaviza kugira binjire muri Amerika. Ku bw’ivyo, Urwego rwo ku cicaro gikuru rujejwe ivy’amategeko rurabafasha kuronka amaviza. Tugize incahagati, buri munyeshure akenera amadolari 510 mu kuriha viza no mu kwiyandikisha.
Twungukira gute ku kumenyerezwa abo banyeshure baronka? Hendra Gunawan ni umukurambere wo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya. Ari kumwe mw’ishengero n’umugabo n’umugore bitavye Ishure rya Gileyadi. Avuga ati: “Kera nta batsimvyi basanzwe twari dufise mw’ishengero. Ariko abitavye Gileyadi bamaze gushika, umwete n’agatima ko kwitanga bagaragaje vyarandukiye abandi, baca bafata ingingo yo gutangura ubutsimvyi. Mbere hari mushiki wacu wo mw’ishengero yahavuye yitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.”
Uwitwa Sergio Panjaitan akorera kuri Beteli mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya, akaba akorana n’abitavye Ishure rya Gileyadi. Avuga ati: “Ukumenyerezwa baronse si umuhezagiro kuri bo gusa, ahubwo ni kuri twese. Barize vyinshi! Ariko aho kwiyemera kubera ivyo bize, bagerageza kubisangira n’abandi. Ivyo biraturemesha, bigatuma natwe turemesha abandi.”
None amahera akoreshwa mu bijanye n’iryo shure ava he? Ava mu ntererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Turakenguruka cane intererano mutanga muvyishakiye, zikaba zishigikira iryo shure ryitabwa n’abanyeshure bavuye mu mihingo itandukanye y’isi.
a Ivyigwa bitangwa muri iryo shure bitegurwa n’Urwego rujejwe ivy’amashure ya gitewokarasi ruhagarikiwe na Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Abigisha muri iryo shure ni ababa bavuye muri urwo rwego be n’abigisha b’abashitsi, harimwo n’abo mu Nama Nyobozi.