INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Kuburanira umwidegemvyo wo gusenga mu turere tw’abasangwabutaka
1 RUSAMA 2021
Mu bantu amamiliyoni amajana baba muri Amerika y’Epfo, hari abasangwabutaka bashika amamiliyoni, bakaba bafise imico yabo n’indimi zabo. Benshi muri abo basangwabutaka ni abavukanyi na bashiki bacu kandi barakunda imico yabo. Kugira ishirahamwe ryacu rifashe abantu kwiga ukuri kwo muri Bibiliya, rirahindura rikongera rigakwiragiza ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova mu ndimi zirenga 130 z’abasangwabutaka bo muri Amerika y’Epfo. a Naho ari ukwo, bamwe muri bo bararwanijwe kubera bahisemwo gukorera Yehova no kubera banse kugira uruhara mu migenzo idashingiye ku Vyanditswe ikunda kugirwa mu karere iwabo. None intererano mutanga zakoreshejwe gute mu kubafasha?
Barafashijwe gusubira mu ngo zabo
Muri Megizike, abavukanyi na bashiki bacu bo mu karere ka Huichol mu misozi yo muri leta ya Jalisco baranse babigiranye icubahiro kugira uruhara mu bikorwa vy’idini babona ko binyuranye n’ivyo Bibiliya yigisha. b Ariko ivyo vyarababaje abantu bamwebamwe bo muri ako karere. Itariki 4 Kigarama 2017, hari akagwi k’abantu bari barunguye n’ishavu bagiye gutera umugwi w’Ivyabona n’abandi batari bake bari kumwe na bo. Abo bantu barirukanye ivyo Vyabona muri ako karere, baronona ivyabo bongera bababwira ko nibahirahira bakagaruka bazoca babica.
Ivyabona bo mu bisagara vyo hafi yo ng’aho baritwararitse ivyo abo bavukanyi babo bari bakeneye. None hari gukorwa iki kugira bashobore gusubira mu ngo zabo? Umuvukanyi yitwa Agustín asigura ati: “Nta mahera twari dufise yo kurondera umushingwamanza kandi ntitwabona uwo twokwitura ngo adufashe mu vy’amategeko.”
Kubera ko abo bavukanyi bacu bari batswe umwidegemvyo wo gusenga, ishami rya Amerika yo Hagati ryaciye rihagurukira ico kibazo ridatebaganye. Bahereye ku gusaba abategetsi bo muri ako karere ngo batohoze ivyabaye. Mu nyuma Komite y’abahuzabikorwa y’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarabemereye ko bakorana n’Urwego rujejwe ivy’amategeko rwo ku cicaro gikuru maze bagashingisha urubanza rw’abo bavukanyi b’i Huichol. Urwo rubanza rwahavuye rushika muri Sentare ntahinyuzwa ya Megizike, ikaba ari yo sentare iruta izindi muri ico gihugu.
Umugwi w’abashingwamanza mvamakungu warateguye ibirego bitomoye. Muri ivyo birego, barasiguye ko abasangwabutaka babwirizwa kwubahiriza no gukingira uburenganzira bwa bagenzi babo nk’uko nyene n’abandi bantu babwirizwa kwubahiriza imico y’abasangwabutaka. Hariho uburenganzira abantu bose bahabwa n’amategeko, aho boba baba hose.
Ku wa 8 Mukakaro 2020, abacamanza bose bo muri Sentare ntahinyuzwa bafashe ingingo ishigikira Ivyabona vya Yehova. Bategetse ko abirukanywe bose bemererwa gusubira mu ngo zabo. Umwe Agustín twavuga araserura ukuntu we n’abandi bakengurutse. Avuga ati: “Turakenguruka cane ibintu abavukanyi badukoreye kandi biraduhimbara cane. Iyo batadufasha, nta co twari kwishoboza.”
‘Gukorera ibintu vyinshi abantu bakeyi’
N’abavukanyi bo mu kigwati co muri Équateur citwa San Juan de Ilumán kibamwo abasangwabutaka benshi bo mu mubande wa Otavalo bararwanijwe nk’ukwo nyene. Mu 2014, bamaze kuronka impusha zose zikenewe, baratanguye kwubaka Ingoro y’Ubwami. Ariko hari umupatiri yayoboye umugwi w’abantu barenga 100 baja kubuza abo bavukanyi kwubaka. Abantu bo muri ako karere baciye bategeka Ivyabona vya Yehova kutazosubira kugira amakoraniro.
Urwego rujejwe ivy’amategeko rwo kw’ishami rya Équateur n’urwo ku cicaro gikuru zarakoranye mu kuburanira iryo shengero kubera ryari ryatswe umwidegemvyo wo gusenga. Abavukanyi barituye sentare. Abantu bo muri ako karere bavyumvise baciye bahagarika kurwanya Ivyabona, barareka rya shengero rirasubira kugira amakoraniro no kubandanya kwubaka ya Ngoro y’Ubwami. Ariko kugira ivyabaye ntibize bisubire, abaserukiye abavukanyi barasavye sentare nkurunkuru gufata ingingo kuri iki kibazo gihambaye: Abasangwabutaka boba babwirizwa kwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu?
Ku wa 16 Mukakaro 2020, Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, ikaba ari yo sentare iruta izindi muri ico gihugu, yarumvirije urwo rubanza. Abavukanyi b’abashingwamanza muri Équateur ni bo baserukiye iryo shengero. Vyongeye, hari abavukanyi bane b’abashingwamanza mvamakungu bakanongoreye bashikirije ijambo muri iyo sentare. Kubera ikiza ca korona, bagize ico bavuze biciye ku buhinga bwa vidéoconférence bari mu bihugu bitandukanye. Ni bwo bwa mbere sentare yari yemereye umurwi ujejwe ivy’amategeko userukira Ivyabona vya Yehova kw’isi yose gushikiriza ivyiyumviro muri ubwo buryo. c Uwo murwi warasubiyemwo amategeko mpuzamakungu mu kwerekana ko abasangwabutaka bagumana agateka kabo ka zina muntu naho boba baba mu kibano c’abasangwabutaka.
Abavukanyi bacu bo mu mubande wa Otavalo bararindiranye igishika ingingo Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro izofata. Mu kurindira, barakorwa ku mutima cane n’ukuntu abavukanyi babafashije. Umukurambere umwe wo mw’ishengero rya Ilumán Quichua yitwa César avuga ati: “Nta wundi yari gukorera ibintu vyinshi gutyo abantu bakeyi nkatwe atari Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe.”
Abashingwamanza bose bagize uruhara muri izo manza ni Ivyabona vya Yehova, kandi barahimbarwa no gukoresha ubuhanga bafise mu vy’amategeko ata co barishwe. Ariko kwitura sentare, kwitegurira kuburana no kuburana ubwavyo biratwara umwanya n’amahera. Ku bijanye n’urubanza rwo muri Megizike, abashingwamanza bacu n’abandi bavukanyi bamaze amasaha arenga 380 bariko barategura ibirego, n’ayandi masaha 240 bariko barashira ivyo birego mu rundi rurimi. Abashingwamanza nka 40 bo hirya no hino kw’isi bamaze amasaha amajana bariko baritwararika urubanza rwo muri Équateur. None amahera yakoreshejwe muri izo manza zo kuburanira abavukanyi bacu yavuye hehe? Yavuye mu ntererano mwatanze biciye ku buryo butandukanye bwerekanwa kuri donate.pr418.com. Turashima rwose ukuntu mutanga cane.
a Ivyabona vya Yehova barahindura ibitabu vyabo no mu zindi ndimi nyinshi zivugwa muri Amerika y’Epfo, harimwo n’indimi z’ibimenyetso zikoreshwa muri ako karere gusa.
b Abantu b’i Huichol bitwa kandi Wixáritari, ururimi rwabo na rwo rukunze kwitwa Wixárika.
c Naho ishirahamwe ryacu rikwiye kw’isi yose ritari riri muri urwo rubanza, abacamanza baremereye abavukanyi bacu kuza muri urwo rubanza ari “abaje kwunganira sentare.”