INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Televiziyo ya JW kuri satelite iriko irashika mu mihingo itagira internet
1 NDAMUKIZA 2021
Buri kwezi, twama turindiranye umushasharo ibiganiro n’amavidewo bishirwa kuri Televiziyo ya JW. Ariko rero, abenshi mu bavukanyi bacu bo muri Afrika ntibashobora gushikira ivyo biganiro kuri internet. Kubera iki?
Ahenshi muri Afrika nta connections zihagije zihari. Aho zishobora kuboneka na ho, usanga zikwega canke bigasaba amamega menshi cane. Nk’akarorero, umucungezi w’umuzunguruko umwe wo muri Madagaskari yaragiye muri cyber kuvoma ikiganiro ca buri kwezi co kuri Televiziyo ya JW kimwe gusa. Bamuciye amadolari 16, akaba ari menshi kuruta ayo abantu bamwebamwe bashobora gukorera mu ndwi yose. a
Naho hari izo ngorane zose, abantu amamiliyoni bo muri Afrika ubu barashobora kuraba ya Televiziyo ya JW badakoresheje internet. None bigenda gute?
Kuva mu 2017, ababa mu bihugu vyo munsi ya Sahara barashobora kubona ibiganiro vyo kuri Televiziyo ya JW bica kuri satelite. Ivyo biganiro barashobora kubiraba ata co barishe imisi yose ijoro n’umurango mu ndimi 16.
Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova rirariha kugira ivyo biganiro bishobore guca kuri satelite. Iyo satelite irashika mu bihugu nka 35 vyo munsi ya Sahara. Ishirahamwe ririha amadolari arenga 12.000 ku kwezi. Birashika rikariha amahera yiyongereye kugira risamirize ikibiriraho programa zimwezimwe biciye ku wundi murongo. Ivyo bituma abantu ibihumbi baraba amahwaniro canke amaprograma adasanzwe igihe amashami agendewe n’uwuserukira icicaro gikuru.
Abantu benshi, harimwo n’abatari Ivyabona, bararaba Televiziyo ya JW ica kuri satelite bakoresheje televiziyo bafise i muhira. Ariko abavukanyi batari bake usanga badashobora kuronka amahera yo kugura ibikoresho bikenewe kugira bayirabe. Mu ntumbero yo kubafasha, Ingoro z’Ubwami zirenga 3.670 zarahawe ivyo bikoresho bikorana na satelite kugira abavukanyi na bashiki bacu bashobore kurabira ku ngoro Televiziyo ya JW. Igihe Ingoro y’Ubwami isanzwe ifise televiziyo canke projecteur, ivyo bikoresho bitwara amadolari nka 70, ushizemwo n’ayo kubishikanayo. Ahandi ho, ibikoresho bikenewe vyotwara amadolari 530.
Abavukanyi na bashiki bacu barakenguruka cane iyo ntunganyo. Umukurambere umwe wo muri Kamerune avuga ati: “Ni nka manu ku muryango wacu wasa n’uwuri mu bugaragwa.” Umuvukanyi wo muri Nijeriya yitwa Odebode avuga ati: “Uko tugize umuryango turaraba iyo televiziyo gatatu mu ndwi. Abana banje si bo babona ivyo biringo birageze. Hari n’igihe basaba ko tuyiraba no mu yindi misi.” Uwitwa Rose na we nyene wo muri Nijeriya, avuga ati: “Ndahimbawe no kubona ibiganiro vya Televiziyo ya JW kuri satelite vyatumye mvavanura n’akamenyero ko kwama ndiko ndaraba amakuru ku zindi televiziyo. Akenshi ndavye amakuru, ivyo nabona vyaratuma ntwarwa n’agashavu, nkaca mfatwa n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Televiziyo ya JW yoyo icako ibiganiro biremesha cane kandi bihumuriza. Ni yo nsigaye nkunda kuraba. Ni ingabire idasanzwe iva kuri Yehova.”
Umucungezi w’umuzunguruko umwe wo muri Mozambike avuga ko mu muzunguruko wiwe Ingoro z’Ubwami zaronse ibikoresho bituma baraba iyo televiziyo. Abavukanyi bo muri ayo mashengero bashika hagisigaye isaha imwe canke irenga ngo ikoraniro ritangure kugira barabe Televiziyo ya JW kuri satelite.
Kw’ihwaniro mpuzamakungu ryo mu 2019 ryabereye i Johannesburg muri Afrika y’Epfo, abavukanyi bari mu bindi bibanza icenda barakurikiranye insiguro nyamukuru biciye kuri iyo televiziyo, ushizemwo n’izashikirijwe n’uwo mu bagize Inama Nyobozi. Uwitwa Sphumelele wo mu Rwego rujejwe gukwiragiza amajwi n’amavidewo rwo kw’ishami rya Afrika y’Epfo avuga ati: “Kare twabwirizwa gusamiriza izo nsiguro biciye kuri internet. Ariko ivyo bisaba connections nziza n’amamega menshi. Televiziyo ya JW kuri satelite yoyo yari izimbutse kandi ntiyacikagurika.”
Intererano mutanga mubikunze ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zituma abavukanyi na bashiki bacu benshi bo muri Afrika bashobora kuraba Televiziyo ya JW kuri satelite. Turashima cane intererano mutanga mu buryo butandukanye dusanga kuri donate.pr418.com.
a Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.