Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Ububiko ngendanwa

Ububiko ngendanwa

1 NYAKANGA 2021

 “Kare vyari bigoye kwiyumvisha ko tworonka ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu dukoresheje utwuma two mu buhinga bwa none.” Woba wibuka ayo majambo? Yari mu nsiguro iremesha yatanzwe n’umuvukanyi Geoffrey Jackson mu Makuru agezweho ya 6 avuye ku Nama Nyobozi (2020). Yabandanije ati: “None ubu dushobora kuba twibwira duti: ‘Mbega muri iki kiza, iyo tutaba dufise JW Library tuba tubigenza gute?’ Haraheze imyaka Yehova ariko aradutegura ku bw’ikiringo nk’iki.”

 None Yehova yariko adutegura gute? Vyasavye iki kugira programa ya JW Library itangure gukoreshwa? Vyongeye, hakenewe iki kugira ibandanye ikora neza kandi igume iryohorwa?

Ukuntu yari imeze mu ntango

 Muri Rusama 2013, Inama Nyobozi yarasavye urwego rujejwe gutunganya ubuhinga bwitwa MEPS rukorera ku cicaro gikuru gutunganya programa irimwo Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo. Paul Willies akorera muri urwo rwego yavuze ati: “Ntitwari bwigere dusohora programa n’imwe umuntu ashobora kuvoma ku kuma ngendanwa. Twarahagaritse ibikorwa bimwebimwe twariko turakora hanyuma dushinga umugwi twongera turakorana n’izindi nzego kugira dutunganye iyo programa n’ivyoba biyigize. Twarasenze cane kandi dufashijwe na Yehova, iyo programa yarasohotse haciye amezi atanu gusa kw’ihwaniro rya buri mwaka!”

 Iyindi ngorane yahabaye yari iy’ukuntu twotunganya iyo programa kugira ibe ububiko dushobora gusangamwo n’ibindi bitabu kandi mu ndimi zitandukanye. Muri Nzero 2015, vyinshi mu bitabu vyari bihari vyaraboneka muri iyo programa mu congereza. Mu mezi atandatu gusa yakuriye na ho, abantu barashobora kuvoma ibitabu muri iyo programa mu ndimi amajana.

 Kuva ico gihe, abavukanyi bararushirije kuryohora iyo programa, barongeramwo amavidewo, baratunganya agace karimwo ibitabu n’amavidewo bijanye n’amakoraniro kandi baratuma bishoboka ko umuntu ashikira Igitabu c’ubushakashatsi aciye ku murongo wo muri Bibiliya.

Gutunganya JW Library

 Buri musi, JW Library irakoreshwa ku twuma two mu buhinga bwa none imiliyoni 8, buri kwezi na ho igakoreshwa ku twuma turenga imiliyoni 15. None hakenewe iki kugira iyo programa ikore neza kuri utwo twuma twose? Umuvukanyi Willies asigura ati: “Mu vy’ukuri, nta wigera akora programa yo mu twuma ngendanwa ngo avuge ko ayirangije. Twama turiko twiga ibindi bintu bishasha twokwongeramwo kugira irushirize gukora neza kandi mu buryo bworoshe kuruta. Mu vy’ubudandaji, ibijanye n’ivyuma vyo mu buhinga bwa none vyama biriko birashirwa ku gihe. Rero, bica bisaba ko natwe tuguma turyohora iyo programa kugira ngo igume ihuje n’igihe. Vyongeye, tuguma dushira ku gihe ukuntu itunganije narirya ibitabu be n’ivyafashwe amajwi bija muri JW Library biguma vyiyongera.” Dufatiye hamwe indimi zose, ubu kuri JW Library hari ibitabu, udutabu, ibinyamakuru n’ibindi vyo gusoma nka 200.000, hamwe n’amavidewo n’ivyo kwumviriza birenga 600.000.

 Kugira ngo ivyo bikorwa vyose bijanye n’iyo programa bigume bigenda neza, harakenewe n’ibindi uretse ama orodinateri. Hari ama programa akorana na orodinateri bisaba ko turihira amahera. Programa imwe muri izo itwara amadolari y’Abanyamerika 1.500 buri mwaka. Vyongeye, urwego rujejwe gutunganya ubuhinga bwitwa MEPS rurakoresha amadolari y’Abanyamerika nka 10.000 buri mwaka mu kugura utwuma dushasha dusohorwa n’amahinguriro atandukanye kugira bapime ko iyo programa izokora neza muri ubwo bwoko bushasha bw’ama orodinateri, tablettes n’amatelefone.

JW Library ituma tuziganya intererano

 Programa ya JW Library yaratumye amahera twahora dukoresha mu gucapura ibitabu, kubifatanya no kubirungika iyo bigiye agabanuka. Reka dufate akarorero k’agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Twacapuye amakopi hafi imiliyoni 12 z’agatabu Twihweze Ivyanditswe ko mu 2013. Ariko ako mu 2020, twacapuye amakopi nk’imiliyoni zitanu naho hari abamamaji nka 700.000 biyongereye kw’isi yose. Kubera iki none vyagenze ukwo? Ubu abavukanyi na bashiki bacu benshi basoma icanditswe c’umusi bakoresheje JW Library. a

“Nta co noyigereranya”

 JW Library irafasha abantu mu buryo bwinshi. Uwitwa Geneviève wo muri Kanada avuga ko iyo programa yatumye arushiriza kwiyigisha adahorereza. Yiyemerera ati: “Mvugishije ukuri, iyaba vyasaba ko ntangura kwegeranya ibitabu vyose nkenera mu kwiyigisha, nibaza ko bitaba binshobokera ko niyigisha buri gitondo. Ariko kubera JW Library, ntoye tablette yanje mba mfise ivyo nkeneye vyose. Kwiyigisha ntahorereza vyaramfashije gukomeza ukwizera kwanje no kurushiriza kwiyegereza Yehova.”

Geneviève

 Programa ya JW Library yararushirije kuba kirumara muri iki kiringo ca Korona. Uwitwa Charlyn wo muri Amerika avuga ati: “Kubera ko ikiza ca Korona cugarije isi yose, haraheze umwaka urenga ata gitabu co mu mpapuro na kimwe mbonye. Ariko JW Library yaraturonkeje ivyo twari dukeneye vyose kugira tugume dukomeye mu kwizera, kandi ndakengurukira cane Yehova kubera ico kintu.”

 Abantu benshi biyumva nk’uko uwitwa Faye wo muri Filipine yiyumva. Avuga ati: “Ndakoresha iyi programa idasanzwe kugira niyegereze Yehova. Ni yo nama mperako mu gusoma buri gitondo. Igihe mba ndi mu dukorwa two muhira, ni yo nkoresha mu kwumviriza ivyafashwe amajwi. Ni yo nteguriramwo amakoraniro. Ni yo nkoresha mu gutegura ivyo nzokwigisha mu ndimiro. Igihe cose ndonse akanya, ni yo ndabirako amavidewo. N’igihe mba ntonze ku mirongo hari nk’ico ndindiriye, ndashobora kuba ndasoma Bibiliya canke ikindi kiganiro. Emwe, nta co noyigereranya.”

 Iyo programa yarabaye kandi ngirakamaro mu ndimiro. Nk’akarorero, umudada umwe wo muri Kamerune yariko aramamaza, maze yipfuza gukoresha icanditswe uwundi mudada yakoresheje mu ndwi nka zingahe zari ziheze. Ariko rero ntiyacibuka neza. Avuga ati: “Igishimishije, naribuka iryungane rimwe ry’ico canditswe. Naruguruye JW Library nca nja muri Bibiliya, hanyuma ndarondeza iryo ryungane. Ubwo nyene naciye ndagitora. Nkoresheje iyo programa, ndashobora kuronka imirongo myinshi bishika nkibagira.”

 Intererano mutanga mubikunze muciye kuri donate.pr418.com zaratumye bishoboka ko dutunganya JW Library kandi tukaza turayiryohora kugira ifashe abavukanyi na bashiki bacu hirya no hino kw’isi. Turabashimiye cane ku bw’agatima ko gutanga mugaragaza.

Ibintu nyamukuru vyaranze JW Library

  1. Gitugutu 2013​—Programa ya JW Library yarasohowe irimwo Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo

  2. Nzero 2015​—Barashizemwo ibindi bitabu mu congereza, mu nyuma biraboneka no mu zindi ndimi amajana

  3. Munyonyo 2015​—Barongeyemwo umuce utuma bishoboka ko usiga amabara

  4. Rusama 2016​—Barongeyemwo agace k’amakoraniro

  5. Rusama 2017​—Barongeyemwo umuce utuma bishoboka ko ugira utwo wiyandikiye

  6. Kigarama 2017​—Barongeyemwo umuce utuma hajamwo Bibiliya ifasha kwiga

  7. Ntwarante 2019​—Barongeyemwo imice ituma bishoboka ko uvoma ivyafashwe amajwi, uvuza amavidewo ikibiriraho kandi ugashikira Igitabu c’ubushakashatsi

  8. Nzero 2021​—Barongeyemwo imice ikorana n’igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera

a Kuvoma akantu kuri JW Library bitwara amahera make. Nk’akarorero, mu mwaka uheze twakoresheje amadolari y’Abanyamerika arenga umuliyoni umwe n’igice kugira haboneke ivyo kuvuza n’ivyo kuvoma kuri jw.org no kuri JW Library. Naho biri ukwo, kuvoma igitabu mu buhinga bwa none canke ivyafashwe amajwi bitwara amahera make cane ugereranije no gucapura ibitabu no kubirungika, gutunganya ama CD n’ama DVD.