Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hari ibikorwa vyinshi bikenewe kugira ishami ryo mu Buyapani risubirwemwo (ibubamfu) no kugira ishami ryo muri Angola ryagurwe (iburyo)

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Ubwubatsi burashigikira igikorwa co kwamamaza

Ubwubatsi burashigikira igikorwa co kwamamaza

KU WA 20 GITUGUTU 2023

 Inama Nyobozi iripfuza cane gukoresha amahera y’intererano kugira ituronse inyubakwa zidufasha kurangura neza igikorwa co kwamamaza Ubwami. Nk’akarorero, mu mwaka w’umurimo wa 2023, amashirahamwe y’ubwubatsi akoreshwa n’ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova yakoresheje amahera arenga imiliyoni 500 z’amadolari (nk’amarundi arenga imiliyaridi 1.416) mu kugura, mu kwubaka, mu gusanura no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro kw’isi yose. a Ayo mahera aza yiyongera ku yo amashengero yo hirya no hino kw’isi akoresha mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami yikoranirizamwo.

 Amahera y’intererano arakoreshwa kandi mu kwubaka no mu kubungabunga inyubakwa z’amashami, zikaba zikoreshwa mu gutunganya no mu gushigikira igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Twaragabanije ibikorwa vyo ku mashami kugira ngo amahera yahora akoreshwa muri vyo akoreshwe mu kwubaka no mu gusubiramwo Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro. Yamara rero, haracakenewe amahera menshi kugira ngo ibiro vy’amashami bisanurwe, bisubirwemwo canke vyimurirwe ahandi. Kubera iki none ivyo bikorwa bihambaye? Ibiro vy’amashami bishigikira gute igikorwa gihambaye co kwamamaza? Reka tubirabe.

«Bituma isubira kumera neza»

 Ibiro vyinshi vy’amashami usanga bimaze imyaka irenga 30 canke 40 vyubatswe! Umuvukanyi Nicholas akorera mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi, asigura ati: «Naho inyubakwa yoba ifashwe neza, irasaza kandi ikononekara uko igihe kirengana. Kuyisanura bituma isubira kumera neza maze ikabandanya gukoreshwa.»

 Inyubakwa za Beteli na zo nyene zirakenera gusubirwamwo kugira zihuze n’amahinduka aba mw’ishirahamwe. Kw’isi yose, igitigiri c’abamamaji carongerekanye cane kuva ibiro vyinshi vy’amashami vyubatswe. Ivyo vyatumye hakenerwa abakorerabushake benshi bakorera kuri ivyo biro. Izo nyubakwa rero zahoze ziboneka ko zihagije, ubu zisigaye ari ntoyi cane!

 Umutekano na wo nyene urahambaye cane. Kubera yuko tubayeho mu misi ya nyuma, ivyago vy’ivyaduka bibangamira ubuzima biguma vyongerekana. (Luka 21:11) Iyo dukoresheje ubuhinga bugezweho mu gusanura inyubakwa, bituma umutekano w’abahakorera wongerekana. Bituma kandi abavukanyi boroherwa no kuhakorera ibikorwa vyo gutabara abashikiwe n’ivyago, bakabandanya no gushigikira igikorwa co kwamamaza inyuma y’ivyo vyago vy’ivyaduka.

«Yehova yarahezagiye iyo ngingo»

 Mu mwaka w’umurimo wa 2023, abavukanyi bararanguye ibikorwa bikomeye vy’ubwubatsi ku nyubakwa z’amashami 43, bahagarikiwe n’Inama Nyobozi. Ivyo bisigura ko hafi igice c’inyubakwa za Beteli hirya no hino kw’isi, zabayemwo ibikorwa kanaka vy’ubwubatsi. Raba uburorero bukeyi bwerekana ukuntu ivyo bikorwa ari ngirakamaro.

 Angola. Umuvukanyi Matt ari muri komite y’ishami rya Angola avuga ati: «Ni agateka kwibonera ingene ubuhanuzi bwo muri Hagayi 2:7 buriko buraranguka bimwe bidasanzwe. Mu myaka cumi gusa, abamamaji barongerekanye ibice 60 kw’ijana! Vyabaye ngombwa ko abagize umuryango wa Beteli biyongera incuro zitatu kugira bashigikire abo bamamaji. Ariko rero, ntivyashoboka ko dutumira benshi ngo baze gukorera kuri Beteli kuko inyubakwa zari ntoyi. Ivyo vyatumye Abanyabeteli benshi bagira ibikorwa vyinshi, barakora n’amasaha yiyongereye.»

Amabiro mashasha (iburyo) atuma bakora borohewe

 Haragenywe abavukanyi kugira bige ivyari bikenewe gukorwa kubera iryo yongerekana. Mu ntango, babona ko iconyaruka kandi cofasha kwoba ugusanura inyubakwa yari ihasanzwe. Ariko bamaze kuvyihweza neza, basanze kuyisanura bitotuma bakoresha neza amahera y’intererano. Baciye batanga iciyumviro c’uko bogura inzu yari hafi yaho maze bakayisanura. Matt avuga ati: «Mu ntango, igihe abagize komite y’ishami bashikirizwa iciyumviro co kugura iyo nzu no kuyisanura, twari dufise amakenga yuko itobaye imeze neza nk’iyo twiyubakiye. Ariko ubu turibonera neza ko ihuye n’ivyo dukeneye. Yehova yarahezagiye iyo ngingo.»

Inzu z’imfatakibanza zubatswe mu kigo ca Beteli, zituma haboneka abakozi benshi bashigikira igikorwa co kwamamaza kiguma congerekana

 Birashoboka ko ibiro vy’ishami vyo muri Angola bizokenera kwagurwa muri kazoza. Ariko rero, iyo nzu nshasha hamwe n’iz’imfatakibanza zubatswe mu kigo ca Beteli be n’izindi nyubakwa zikoswe, vyatumye ibiro vy’ishami bironka ikibanza gihagije bikoreramwo kugira bibandanye gushigikira abamamaji baguma bongerekana cane mu ndimiro.

Bashiki bacu benshi barahimbarwa no gufasha mu gikorwa c’ubwubatsi kiriko kibera kw’ishami ryo muri Angola

 Ubuyapani. Hari haciye nk’imyaka 40 inyubakwa za mbere z’iryo shami zubatswe, kandi nyinshi muri zo ntizari bwigere zisanurwa bimwe bikomeye. Naho hari vyinshi abavukanyi bari bamaze gukora kugira babungabunge izo nyubakwa, zari zimaze kurenza cane ikiringo zari kumara ziriko zirakoreshwa. Ni co gituma izo nyubakwa ziriko zirasanurwa bimwe bikomeye muri kino gihe.

 Ubuzima bwo kuri Beteli na bwo nyene bwagiye burahinduka. Imbere ya 2015, umuryango wa Beteli wafungurirwa gatatu ku musi. Ivyumba vyinshi vyo muri Beteli yo mu Buyapani wasanga birimwo agakoni gatoyi. Ariko ubu Abanyabeteli ni bo bitegurira ibifungurwa nka vyose. Igikorwa co kuhasanura catumye ibikoni vyo mu vyumba vyagurwa, ku buryo Abanyabeteli bateka bumva borohewe. Mushiki wacu akorera kuri Beteli yo mu Buyapani yitwa Kumiko avuga ati: «Ukuntu igikoni cubatse bituma numva umengo ndi muhira, kandi bituma nshigikira nivuye inyuma intunganyo nshasha zo muri Beteli.»

Ibikoni bishasha (iburyo) birahuje n’ivyo abagize umuryango wa Beteli bakeneye

 Ibikorerwa kw’ishami ryo mu Buyapani birahambaye cane mu gushigikira igikorwa kirangurwa kw’isi yose. (Matayo 28:19, 20) Ishami ryo mu Buyapani ni rimwe mu mashami abiri gusa acapura Bibiliya yuzuye. Kimwe rero mu bikorwa biriko birahakorerwa, ni ugushiraho imashini zikata impapuro zikongera zikegeranya ubucafu kugira ngo amagara y’abakorera mw’icapuriro ntabangamirwe. Kugura izo mashini no kuzishiraho vyatwaye hafi umuliyoni w’amadolari, ariko bituma iryo shami ribandanya gucapura no kurungikira amashengero ibitabu bidufasha gukomeza ukwizera.

Gushiraho imashini zikata impapuro zikongera zikegeranya ubucafu, bizotuma amagara y’abakorera mw’icapuriro atabangamirwa.

 Igikorwa co gucapura Bibiliya cagumye gishirwa imbere naho bari mu bwubatsi. Umuvukanyi Trey wo mu bagize komite y’ishami ryo mu Buyapani yigana ati: «Mu gihe c’ubwubatsi, ishirahamwe ryagumye risohora amabibiliya menshi kandi n’abayakeneye hirya no hino kw’isi baguma biyongera. Gutegekanya umwanya wo gushiraho izo mashini nshasha no gucapura ibitabu, vyasaba ko abakorera mu nzego zitandukanye hamwe n’iryo shirahamwe ry’ubwubatsi bahanahana amakuru neza.» Naho hariho izo ntambamyi, buri kwezi hacapurwa amabibiliya yababa 220.000 hagati ya Ntwarante na Myandagaro 2023, kandi ico gihe ni ho ibikorwa vyo kwubaka mw’icapuriro vyari bishushe. Ivyo bikorwa vyose vyarangiye ata yandi mafaranga yongeweko ku yari yategekanijwe.

 Kuziganya umuyagankuba ni ikindi kintu gihambaye bitwararika mu gihe c’ugusanura inyubakwa. Bazoshiraho ivyuma bishasha bitanga umuyagankuba uva ku zuba, bitume baziganya amadolari yababa 120.000 ku mwaka (nk’amarundi arenga imiliyoni 339). Bazoshiraho kandi amadirisha agizwe n’ibiyo bitatubitatu, bice bigabanya umuyagankuba bakoresha, gutyo baziganye amadolari yababa 10.000 buri mwaka (nk’amarundi arenga imiliyoni 28). Naho ivyo bituma igikorwa co gusanura gitwara amahera menshi, bategekanya yuko bizofasha kuziganya amadolari arenga imiliyoni 3,5 (nk’amarundi yababa imiliyaridi 10) mu kiringo cose ivyo vyuma n’ayo madirisha bitegekanijwe kumara biriko birakoreshwa. Bizotuma kandi izo nyubakwa zitonona ibidukikije.

Amadirisha mashasha agizwe n’ibiyo bitatubitatu azogabanya umuyagankuba bakoresha

«Haracariho vyinshi vyo gukora»

 Ivyo bikorwa vy’ubwubatsi biriko birabera kuri ayo mashami abiri, birerekana ivyo dukeneye gukora kugira inyubakwa za Beteli zishobore gushigikira igikorwa co kwamamaza. Ariko rero igikorwa ntikirarangira. Umuvukanyi Aaron akorera mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi, avuga ati: «Haramaze gukorwa ibitari bike, ariko haracariho vyinshi vyo gukora.» None ivyo bikorwa bizorangurwa gute? Arabandanya ati: «Uretse intererano abavukanyi batanga babikunze zituma haboneka amahera yo gukora ivyo bikorwa bihambaye, turashimira kandi abamaze kwitanga bose n’abariko barazirikana kuzokwitanga mu gihe kiri imbere. Ukuntu abavukanyi bitanga bagatanga n’uburyo bwabo, ni ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko Yehova ariko araduhezagira.»​—Zaburi 110:3.

 Ibikorwa vyacu vyose vyo kwubaka no gusanura bishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye, nyinshi zikaba zitangwa biciye kuri donate.pr418.com. Turabashimiye cane ku mutima wo gutanga mubandanya kwerekana.

a Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.