Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Uko bariko barategura igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu

Uko bariko barategura igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu

1 GITUGUTU 2024

 Kimwe mu bintu Ivyabona vya Yehova bari bashashaye kubona muri uyu mwaka yari Epizode ya 1 y’igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu. Abantu amamiliyoni baramaze kuyiraba. Kandi ni imwe mu ma epizode 18 azosohoka. None ni ibintu ibihe tutabonesha amaso biriko birakorwa mu gutunganya izo epizode, kandi ni ibiki nawe wakoze kugira ushigikire ivyo bikorwa vyose?

Ingene abakinyi hamwe n’abatunganya ico gikino bitwararikwa

 Kw’ishami ryo muri Australasie, ni ho igice nyamukuru c’igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu gifatirwa amasanamu kandi abantu nka 50 gushika kuri 80 bategerezwa kuba bahari igihe agace k’igikino kaba kariko karafatwa amasanamu. a Abo bantu bose turabaronsa ibifungurwa vya sasita, ivyo ku mugoroba hamwe n’utundi tuntu two gufungura tworoheje. Ivyo bafungura bitunganywa imbere y’igihe. Uwitwa Esther akorera mu Rwego rujejwe ibifungurwa, avuga ati: «Turagura ibifungurwa mu bibanza bitandukanye kugira tubironke ku giciro kitavuna. Vyongeye, twama duhindura ivyo dutegekanya guteka kugira ntihagire ibipfa ubusa.» Buri musi, dusohora nk’amadolari y’abanyamerika ane (nk’amarundi 12.000) ku muntu kugira aronke ivyo afungura.

 Abakinyi hamwe n’abatunganya ico gikino ntibakenera gusa ibifungurwa ariko kandi barakenera gukingirwa. Uti kubera iki? Muri Ostraliya, kenshi usanga hari izuba kandi hashushe, ariko imishwarara y’izuba usanga ikaze cane. Kugira dukingire abo bose bagira uruhara muri ico gikino iyo mishwarara y’izuba no kuruha n’ingoga kubera ubushuhe, abavukanyi na bashiki bacu baritanga cane mu kwubaka amahema hamwe n’aho bokwikinga akazuba. Vyongeye, barasuzuma ko hari imitaka, amavuta yo gukingira urukoba imishwarara y’izuba be n’amazi bihagije. Uwitwa Kevin, akorera mu bijanye no gutunganya amajwi n’amasanamu, avuga ati: «Benshi muri abo bavukanyi na bashiki bacu usanga bakora bataha. Barakora ivyo bikorwa hamwe n’ibindi vyinshi bicishije bugufi kandi bahimbawe. Emwe ntaco twoshikako batadufashije.»

Gufata amasanamu hanze ya stidiyo

 Hari uduce tw’ico gikino tudashobora gufatirwa kw’ishami, haba mu kibanza bakiniramwo canke muri stidiyo. Muri ico gihe, baca baja gufatira mwene utwo duce mu bindi bibanza. Kugira abatunganya ico gikino bafate uduce turimwo inkuru zivugwa muri Bibiliya aho ata ntsinga z’umuyagankuba, amabarabara ashashemwo amabuye canke amazu yo muri iki gihe biboneka, akenshi babwirizwa kubifatira mu turere turi kure ya Beteli. Impuzu bambara mu gukina hamwe n’ibindi bikoresho barabipakira, bakabitwara aho bafatira ayo masanamu kandi bimaze gushika muri ico kibanza bitegerezwa kubikwa neza kugira ntihagire ico biba. Imbere y’uko batangura gufata amasanamu, abahagarikiye ibijanye no gutunganya ico gikino barasuzuma ko imoteri itanga umuyagankuba, amazi meza yo kunywa hamwe n’utuzu twa surwumwe. Bamwe mu bagira uruhara muri ico gikino barara mu mihana y’abavukanyi, abandi bakarara mu makonteneri akwegwa n’imiduga canke mu mahoteli.

Gufatira amasanamu hanze ya stidiyo birimwo intambanyi vyisangije

 Gufatira amasanamu hanze ya stidiyo birazimvye, bitwara umwanya kandi biraruhisha cane. Rero mu 2023, Inama Nyobozi yaremeje ko tugura écran imeze nk’uruhome bafatirako amasanamu, ivyo bikaba vyatwaye amadolari y’abanyamerika imiliyoni zibiri n’igice (amarundi arenga amamiliyaridi indwi). Ubwo buhinga butuma amashusho yo mw’ividewo aboneka neza kandi burahuza umuco w’ibiriko birafatwa n’umuco wo hanze. Ivyo bituma akenshi twirinda gusohora amahera menshi yo gufata ingendo tuja gufata amasanamu. Uwitwa Darren, akaba ari umwe mu bagize komite y’ishami rya Australasie avuga ati: «Gufatira amasanamu kuri mwene iyo écran bituma abakinyi bataruha cane kandi abatunganya ico gikino barashobora kuza barasubiramwo gufata amasanamu y’uduce tw’ico gikino incuro zose bipfuza. Nk’akarorero, turiko turafatira amasanamu hanze, tukaba twipfuza agace karimwo ikirengazuba, twobaye dufise umwanya muto wo gufata ayo masanamu imbere y’uko izuba rirenga. Ariko iyo écran iratuma dushobora gusubiramwo amasanamu arimwo ikirengazuba incuro twipfuza, gushika turonse amasamu aboneka neza.»

Gusuzuma neza no kuregera ya écran imeze nk’uruhome imbere y’uko batangura gufata amasanamu

«Sinigeze numva ko hari akigoro nagize»

 Harakenewe abakinyi amajana hamwe n’abatunganya igikino kuri buri epizode y’igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu. None abo bitanga muri ico gikorwa biyumva gute ku bijanye n’utwigoro twose bagira?

 Uwitwa Amber, akaba yaragize urugendo rw’ibilometero birenga 700 avuye aho aba i Melbourne kugira aze gufasha muri iyo proje, yanditse ati: «Kuva ngishika ku kibuga c’indege, abavukanyi bo kuri Beteli baranyitwararitse cane. Abanyabeteli benshi barantumiye dusangire ibifungurwa canke icayi. Mu gihe turiko turatunganya ico gikino, abo dukorana bose baratuma numva nisanze kandi nkabona ko bankunda. Urwo rugendo nagize rwarimwo imihezagiro myinshi. Sinigeze numva ko hari akigoro nagize.»

 Uwitwa Derek, akaba ariko mu mugwi utunganya ico gikino, avuga ati: «Inzego nyinshi zaradufashije kuva tugitangura iyi proje. Ndakenguruka cane kuba nkikujwe n’abavukanyi na bashiki bacu batanga umwanya wabo, ivyo batunze n’inguvu zabo kuri iyi proje. Barashigikirana, bakitanga kandi bakagaragarizanya ubuntu. Nta gukeka ko Yehova yabahezagiye nk’uko natwe ariko araduhezagira. Ndazi neza ko yitaho umwimbu uriko urava muri iyi proje hamwe n’ukuntu iki gikorwa kiriko kiragenda.»

 Turabashimiye cane ku kuntu muriko murashigikira iyi proje mu gutanga intererano harimwo n’izo mutanga muciye kuri donate.pr418.com.

a Ishami ryo muri Australasie rihagarikira igikorwa cacu mu bihugu vyinshi, harimwo Ostraliya be n’ibindi bihugu bitandukanye vyo mu bumanuko bw’Ibahari Pasifike. Iryo shami riherereye ku mpera y’igisagara ca Sydney muri Ostraliya.