Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwirinda kwiganyira

Ingene wokwirinda kwiganyira

 Kwiganyira birenze biragira ingaruka mbi ku magara no ku kuntu wiyumva. Birashobora kuguteza ingorane zikomeye kuruta iyo ngorane yari ikuraje ishinga.

Impanuro zogufasha kutiganyira birenze

  •  Nugabanye kuraba, gusoma canke kwumviriza amakuru aca intege. Ntibikenewe ko umenya amakuru y’ido n’ido y’ingorane zose ziriko zirashika. Igihe wama uraba, usoma canke wumviriza amakuru menshi y’ingorane ziriko zirashika bizotuma ugira ubwoba bwinshi kandi ucika intege.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—Imigani 17:22.

     “Biroroshe ko utwarwa no kwama urondera amakuru agezweho y’ibintu bibabaje. Ariko ivyo nta kamaro vyokugirira. Singira amaganya menshi igihe ngabanije kuguma ndondera amakuru mashasha.”​—John.

     Zirikana kuri iki kintu: Vyoba vy’ukuri bikenewe yuko wama uja kurondera amakuru mashasha?

  •  Nukurikize urutonde wishingiye. Buri musi, nugerageze kuvyuka kare, ufungure, ukore ibikorwa vyo muhira wongere uje kurya ku mwanya wishingiye. Kugira urutonde bizotuma woroherwa mu buzima kandi bigufashe kugabanya ibigutera amaganya.

     Ico Bibiliya ivuga: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

     “Igihe ikiza ca Korona catera, narahevye urutonde nishingiye kandi nasanga nakoresheje umwanya mwinshi mu kwisamaza. Kubera nashaka gukoresha neza umwanya wanje, narishingiye urutonde rw’ibintu ntegerezwa gukora buri musi.”​—Joseph.

     Zirikana kuri iki kintu: Woba ufise urutonde rutuma wumva ko hari ico wakoze igihe cose umusi urangiye?

  •  Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza. Hamwe woguma wiyumvira ibitagenze neza canke ibintu bibi bishobora gushika, nta kindi vyokumarira atari kukwongereza amaganya. Ahubwo riho, niwiyumvire ibintu bibiri canke bitatu ukenguruka.

     Ico Bibiliya ivuga: “Mwerekane ko mushima.”​—Abakolosayi 3:15.

     “Gusoma Bibiliya bituma nirinda kwiyumvira ibintu bica intege kandi biramfasha kuguma mbona ibintu buryo bwiza. Womenga ni ibisanzwe ariko biramfasha.”​—Lisa.

     Zirikana kuri iki kintu: Woba uguma wiyumvira ibintu bica intege ukibagira ibintu vyiza bigushikira?

  •  Niwiyumvire abandi. Igihe ufise amaganya, aho kwigunga ukwa wenyene, niwiyumvire ingene wofasha abandi bari n’ivyo bakeneye.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

     “Kwitwararika abandi birampimbara. Ndabakorera ibintu bituma baryoherwa. Bigaca bituma amaganya yanje agabanuka. Rero nsanga ata mwanya nsigaranye wo kwiyumvira ingorane zanje.”​—Maria.

     Zirikana kuri iki kintu: Woba uzi umuntu akeneye gufashwa? Wokora iki kugira umufashe?

  •  Niwitwararike amagara yawe. Nugire siporo kandi uruhuke bikwiye. Nufungure neza. kwitwararika amagara yawe biratuma ubona ibintu mu buryo bwiza bikanagufasha kutiganyira.

     Ico Bibiliya ivuga: “Kumenyereza umubiri bigira akamaro.”​—1 Timoteyo 4:8.

     “Jewe n’umuhungu wanje ntidushobora kugirira siporo hanze nk’uko tuvyipfuza. Rero, twarishingiye urutonde rwo kwama tugirira siporo mu nzu. Ivyo biradufasha kugira umunezero no kwihanganirana.”​—Catherine.

     Zirikana kuri iki kintu: Woba ukeneye guhindura ukuntu ufungura no kwama winonora imitsi kugira ugire amagara meza?

 Abantu benshi barashize mu ngiro izo mpanuro, kandi zirabafasha kugabanya amaganya. Ariko, basanze kwiga icizigiro Bibiliya itanga ku bijanye na kazoza bibagirira akamaro kuruta. Raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana buzokora iki?