Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Pawel Gluza/500Px Plus/Getty Images

NUGUME URI MASO!

Igitigiri c’ibikoko caragabanutse ibice 73 kw’ijana mu myaka 50 iheze: Bibiliya ibivugako iki?

Igitigiri c’ibikoko caragabanutse ibice 73 kw’ijana mu myaka 50 iheze: Bibiliya ibivugako iki?

 Ku wa 9 Gitugutu 2024, raporo y’Ikigega mpuzamakungu kigenewe ibidukikije yerekanye ko ivyo abantu bakora bigira ingaruka ku bikoko. Iyo raporo yavuze ko «ibikoko biriho ubu ari nk’ica kane c’ivyari bihari mu myaka 50 iheze (1970-2020).» Iyo raporo yagabishije iti: «Ntitwoba twihenze tuvuze ko ibizoba mu myaka itanu iri imbere, bihishura ukuntu ubuzima buzoba bumeze muri kazoza kuri ino si.»

 Ntibitangaje kuba abantu bahagarika umutima bumvise raporo nk’izo. Turakunda isi yacu nziza kandi biratubabaza kubona ibikoko biriko birahabonera. Twiyumva gutyo kubera ko Imana yaturemye kugira twitwararike ibikoko.​—Itanguriro 1:27, 28; Imigani 12:10.

 Rero woshobora kwibaza uti: «Twoba tuzoshobora gukingira ibikoko biri ng’aha kw’isi? Bibiliya ibivugako iki?»

Icizigiro ca kazoza

 Naho tugira utwigoro two gukingira ibikoko, Imana ni yo yonyene ishoboye kubikingira neza. Mu Vyahishuwe 11:18, Bibiliya yari yaravuze ko Imana ‘izohonya abonona isi.’ Uwo murongo uratwigisha ibintu bibiri:

  1.  1. Imana ntizoreka ngo abantu bonone isi burundu.

  2.  2. Imana izobikora vuba. Tubizi gute? Kubera ko muri iki gihe ari ho abantu bageramiye ibikoko kuruta uko vyari muri kahise.

 Ni igiki Imana izokora kugira itorere umuti ico kibazo? Izokoresha Ubwami bwayo buri mw’ijuru. Ubwo Bwami ni intwaro izoganza isi yose. (Matayo 6:10) Iyo ntwaro izokwigisha abantu bagamburuka ingene bokwitwararika ibikoko kandi bakabikingira.​—Yesaya 11:9.