Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Thai Liang Lim/E+ via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Imbuga hwaniro zoba ziriko ziragirira nabi umwana wawe? Ingene Bibiliya yofasha abavyeyi

Imbuga hwaniro zoba ziriko ziragirira nabi umwana wawe? Ingene Bibiliya yofasha abavyeyi

 «Birihutirwa cane ko twitwararika amagara yo mu mutwe y’abakiri bato, kandi twahavuye dusanga kimwe mu bintu nyamukuru bituma batagira amagara meza yo mu mutwe ari imbuga hwaniro.»​—Vyavuzwe na muganga Vivek Murthy, akaba ari umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Amerika. Vyasohotse mu kinyamakuru New York Times, ku wa 17 Ruheshi 2024.

 None abavyeyi bokingira gute abana babo akaga ko gukoresha imbuga hwaniro? Bibiliya irimwo impanuro zobafasha.

Ivyo abavyeyi bokora

 Rimbura izi mpanuro zo muri Bibiliya.

 «Umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

 Kubera ko imbuga hwaniro zishobora kugirira nabi umwana wawe, niwibuke ko atari ngombwa ngo ureke umwana wawe akoreshe izo mbuga. Imbere y’uko ureka ngo umwana wawe akoreshe imbuga hwaniro, nurabe neza nimba akuze bihagije ku buryo ashobora gukurikiza amategeko umushiriraho, nk’ayajanye n’umwanya yomara akoresha izo mbuga, kuguma afise abagenzi beza no kwirinda ibintu bitabereye biri kuri mwene izo mbuga.

 «[Mukoreshe] neza umwanya wanyu.»​—Abanyefeso 5:16.

 Nimba uretse ngo umwana wawe akoreshe imbuga hwaniro, numushingire amategeko y’ukuntu yozikoresha wongere umusigurire igituma ayo mategeko azomukingira. Nuze uraraba nimba umwana wawe atoba atanguye guhindura ukuntu yigenza, kugira bigufashe kumenya nimba bitoba vyiza umushingiye uturimbi tw’ukuntu yokoresha imbuga hwaniro.

Numenye n’ibindi

 Bibiliya ivuga ko tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1-5) Ariko kandi, iratanga impanuro zitigera zita igihe zishobora kudufasha kwihangana. Muri iki kiganiro kivuga ibijanye n’indwara zo mutwe ku bakiri bato, hari urutonde rw’ibiganiro 20 bishingiye kuri Bibiliya vyofasha abavyeyi n’abana.