Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

kovop58/stock.adobe.com

NUGUME URI MASO!

Inkino mpuzamakungu zoba vy’ukuri zishobora gutuma abantu bunga ubumwe? Bibiliya ibivugako iki?

Inkino mpuzamakungu zoba vy’ukuri zishobora gutuma abantu bunga ubumwe? Bibiliya ibivugako iki?

 Abantu nk’imiliyaridi 5 bariko barakurikira inkino mpuzamakungu ziriko ziraba muri iri ci ryo mu 2024, zikaba zitabwe n’abakinyi baje bava mu bihugu 206. Uwitwa Thomas Bach, ayoboye komite ijejwe gutegura inkino mpuzamakungu avuga ati: «Turiko turagira uruhara mu birori bituma abantu bo kw’isi yose bunga ubumwe kandi bakabana mu mahoro. Nimuze dushigikire icivugo c’inkino mpuzamakungu, na co akaba ari uko abantu bakwiye kubana mu mahoro kandi bunze ubumwe naho hari ibidutandukanya.»

 None inkino mpuzamakungu zoba vy’ukuri zizotuma abantu babana mu mahoro kandi bakunga ubumwe? Hoba hazokwigera habaho amahoro n’ubumwe nyakuri?

Izo nkino zoba zizozana amahoro n’ubumwe?

 Inkino mpuzamakungu zo muri uyu mwaka zirimwo n’ibindi uretse kwinonora imitsi. Izo nkino zarashimitse ku ndyane zo mu kibano n’iza politike ziriko ziratuma abantu bicamwo imice. Aho harimwo ibijanye n’agateka ka zina muntu, amacakubiri afatiye kw’ibara ry’urukoba, ukwinubana gushingiye ku madini hamwe n’ubusumbasumbane mu kibano.

 Inkino mpuzamakungu nk’izo ziratuma abantu banezerwa. Ariko rero, izo nkino zirahishura kandi ko ukuntu abantu biyumvira be n’ivyo bakora bituma haba amacakubiri, aho gutuma babana mu mahoro kandi bunze ubumwe.

 Bibiliya yari yaravuze ko abantu bogaragaje inyifato zituma bitoroha ko babana mu bumwe. (2 Timoteyo 3:1-5) Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya, nusome ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya yoba yari yaravuze ibijanye n’ukuntu abantu bigenza muri iki gihe?»

Umuti nyakuri uzotuma haboneka amahoro n’ubumwe

 Bibiliya iravuga umuti nyakuri uzotuma haboneka amahoro n’ubumwe kw’isi yose. Ivuga ko abantu baba kw’isi yose bazoba bunze ubumwe ku ntwaro yitwa «Ubwami bw’Imana.»​—Luka 4:43; Matayo 6:10.

 Umwami w’Ubwami bw’Imana ni Yezu Kristu, akaba azozana amahoro kw’isi yose. Bibiliya ivuga iti:

  •   «Abagororotsi bazosagamba kandi amahoro azosasagara.»​—Zaburi 72:7.

  •   «Azorokora umukene atabaza . . . Azobakiza agahahazo n’ibintu vy’ububisha.»​—Zaburi 72:12, 14.

 No muri iki gihe, ivyo Yezu yigishije vyaratumye abantu bo mu bihugu 239 bunga ubumwe. Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barize ukuntu bobana mu mahoro. Kugira ubone ingene babishikako, nusome ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kivuga ngo «Ingene Wotsinda Urwanko