Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

hadynyah/E+ via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuntu intambara be n’ihindagurika ry’ikirere biriko birateza inzara kw’isi?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuntu intambara be n’ihindagurika ry’ikirere biriko birateza inzara kw’isi?

 Intambara yo muri Ukraine hamwe n’ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere biriko biratuma ibifungurwa bikena cane kw’isi. Ivyo biriko bishikira canecane ibihugu biri mu nzira y’amajambere aho usanga abantu benshi bibagora kuronka ibifungurwa bikwiye.

  •   Intambara, ihindagurika ry’ikirere, ukuduga kw’ibiciro vy’umuyagankuba hamwe n’ibindi vyaratumye umwimbu w’ibifungurwa ugabanuka maze ibifungurwa birakena.—Vyavuzwe na António Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU, ku wa 17 Mukakaro 2023.

  •   Abahinga bari baravuze ko kuba Uburusiya bwarakuwe mu bihugu vyasinye amasezerano yo gushora intete kw’isi vyoteye ubukene bw’ibifungurwa. Ivyo vyotumye ibihugu bikenye bibura ibifungurwa, na canecane mu buraruko bwa Afrika be no mu bihugu vy’abarabu.—Vyavuzwe n’ikinyamakuru Atalayar.com, ku wa 23 Mukakaro 2023.

 Raba ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’inzara hamwe n’ibizoba muri kazoza.

Bibiliya yari yaravuze ko hazotera inzara

  •   Yezu yari yaravuze ati: Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa.Matayo 24:7.

  •   Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kiravuga mu buryo bw’ikigereranyo abagendera kuri za farasi zine. Umwe muri bo agereranya intambara. Uwumukurikira agereranya amapfa, bikaba vyerekana ko hogeze igihe bigorana kuronka ibifungurwa, ibibonetse na vyo bikazimba cane. Mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. Maze numva ijwi . . . rivuga riti: “Igemeri y’ingano kw’idenariyo, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu.”—Ivyahishuwe 6:5, 6.

 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ko hoteye amapfa, buriko buraranguka muri iki gihe Bibiliya yita imisi ya nyuma. (2 Timoteyo 3:1) Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye imisi ya nyuma hamwe n’abagendera kuri za farasi zine bavugwa mu Vyahishuwe, raba ividewo ivuga ngo Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914 wongere usome ikiganiro kivuga ngo Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Ukuntu Bibiliya yogufasha

  •   Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro zodufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira, harimwo kuzimba kw’ibifungurwa eka mbere n’inzara. Raba zimwe muri izo mpanuro mu kiganiro kivuga ngo Ingene wobeshwaho na bike.

  •   Bibiliya kandi iraduha icizigiro ko ibintu bizomera neza. Iravuga ko hazogera igihe [hakaba] umukimba w’intete kw’isi kandi abantu bose bakaronka ibifungurwa bikwiye. (Zaburi 72:16) Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga be n’igituma wokwemera ivyo isezerana, nusome ikiganiro kivuga ngo Niwizigire ko kazoza ari keza.