Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Anna Moneymaker/Getty Images

NUGUME URI MASO!

Abanyasiyansi barigije imbere urushinge rw’isaha y’ikigereranyo y’umuhero​—Bibiliya ibivugako iki?

Abanyasiyansi barigije imbere urushinge rw’isaha y’ikigereranyo y’umuhero​—Bibiliya ibivugako iki?

 Ku wa 24 Nzero 2023, abahinga mu vya siyansi barigije imbere urushinge rw’isaha y’ikigereranyo a yerekana umwanya usigaye kugira umuhero ushike, barwegereza sasita z’ijoro. Kuri iyo saha, sasita z’ijoro zigereranya umusi w’umuhero.

  •   “‘Isaha y’ikigereranyo y’umuhero’ igereranya ukuntu abantu bimirije kwihonya. Ku wa kabiri, urushinge rw’iyo saha rwaregerejwe cane sasita z’ijoro kubera intambara yo muri Ukraine, iterabwoba rishingiye ku birwanisho ruhonyanganda hamwe n’ihindagurika ry’ikirere.”​—Vyavuzwe na AFP International Text Wire.

  •   “Ku wa kabiri, abahinga mu vya siyansi bavuze ko urushinge rw’isaha y’ikigereranyo y’umuhero rwegerejwe imbere, ubu hakaba habura amasegonda 90 kugira ngo sasita z’ijoro zigere. Ni ryo rya mbere abantu begereje cane Harumagedoni ukuraho.”​—Vyavuzwe na ABC News.

  •   “Umugwi w’abanyasiyansi mpuzamakungu wavuze ko ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu bashobora kwihonya.”​—Vyavuzwe na The Guardian.

 None abantu be n’umubumbe wacu vyoba vyegereje guhona? Twoba dukwiye gutinya kazoza? Bibiliya ibivugako iki?

Ico kazoza katubikiye

 Bibiliya ivuga ko “isi igumaho gushika igihe kitagira urugero” kandi ko abantu “bazoyibako ibihe bidahera.” (Umusiguzi 1:4; Zaburi 37:29) Rero abantu ntibazohonya isi canke ngo batume imera nabi ku buryo ata woyibako.

 Naho biri ukwo, Bibiliya iravuga ibijanye n’iherezo. Nk’akarorero, iravuga ko “isi iriko irahita.”​—1 Yohani 2:17.

Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza

 Bibiliya irashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza naho hari ingorane mw’isi. Uti gute?

  •   Bibiliya iraduha impanuro zidufasha mu buzima. (2 Timoteyo 3:16, 17) Nk’akarorero, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ingene wokwirinda kwiganyira” kugira ngo ubone ukuntu Bibiliya yogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza naho mu buzima dushikirwa n’ingorane nyinshi.

  •   Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza. (Abaroma 15:4) Irasigura neza ibiriko birashika ubu n’ibizoshika muri kazoza. Kubimenya biradufasha kuguma dutekanye mu ngorane zishika muri iki gihe.

 Kugira nawe urushirize gutahura Bibiliya, turagusavye wige ivyigwa vya Bibiliya bitunganijwe neza dutanga ku buntu.

a “Isaha y’ikigereranyo y’umuhero ni isaha yakozwe kugira yereke abantu igihe gisigaye ngo isi isangangurwe bivuye ku buhinga buteye akaga abantu ubwabo bashizeho. Iyo saha ni ikigereranyo, ikaba ifasha abantu kubona ivyo bokosora nimba bipfuza kurusimba.”​—Vyavuzwe na Bulletin of the Atomic Scientists.