NUGUME URI MASO!
Ni kubera iki abantu badashobora kubana mu mahoro? Bibiliya ibivugako iki?
Abategetsi b’isi n’amashirahamwe mpuzamakungu ntibirashobora kuzana amahoro. Muri iki gihe, harushiriza kuba ukudahuza gukomeye kuruta ukwabaye kuva mu ntambara ya kabiri y’isi yose. Nk’abantu imiriyaridi zibiri, ni ukuvuga ica kane c’abantu baba kw’isi, baba mu burere burimwo ukwo kudahuza.
Kubera iki none abantu badashobora kuzana amahoro? Bibiliya ibivugako iki?
Ibintu bitatu bituma badashobora kuzana amahoro
1. Abantu baragaragaza agatima gatuma bidakunda ko bagiranira amahoro. Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe cacu, «abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, bishima, bibona, . . . ibihemu, . . . badashaka kwumvikana na gato, . . . batigumya, ari inkazi, . . . ari intumva, bivyimvya.»—2 Timoteyo 3:2-4.
2. Abantu bose hamwe canke umwe wese ku giti ciwe, nta bubasha bafise bwo gutorera umuti ingorane zabo badafashijwe n’Umuremyi wabo Yehova a Imana. Bibiliya irerekana ko «umuntu [ata] burenganzira afise bwo kuyobora intambuko yiwe.»—Yeremiya 10:23.
3. Isi iganzwa n’umutware mubi kandi w’ububasha, ari we Shetani wa Mubesheranyi «umwe azimiza isi yose.» (Ivyahishuwe 12:9) Igihe cose «isi yose [izoba] iganzwa na wa mubisha» hazobaho intambara n’ukudahuza.—1 Yohani 5:19.
Ni nde ashobora kuzana amahoro?
Bibiliya iratubwira ko abantu badashobora kuzana amahoro ahubwo yuko ari Mana izoyazana.
«“Kuko nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako. Ni ivyiyumviro vy’amahoro, si ivy’ivyago. Nipfuza kubaha kazoza n’icizigiro,” ni ko Yehova avuze.»—Yeremiya 29:11.
None Imana izoshitsa gute uwo muhango? ‘Ya Mana itanga amahoro, izofyonyora Shetani.’ (Abaroma 16:20) Imana izokoresha intwaro yo mw’ijuru iyo Bibiliya ivuga ko ari «Ubwami bw’Imana,» kugira izane amahoro kw’isi yose. (Luka 4:43) Ku ntwaro ya Yezu Kristu, Umwami w’ubwo Bwami, abantu bazokwigishwa ukuntu bobana mu mahoro.—Yesaya 9:6, 7.
Kugira umenye n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo: «Ubwami bw’Imana buzokora iki?»
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.