Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

alashi/​DigitalVision Vectors via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Kubera iki abantu basigaye bankana cane? Bibiliya ibivugako iki?

Kubera iki abantu basigaye bankana cane? Bibiliya ibivugako iki?

 Mu makuru, usanga havugwa cane abantu bavuga amajambo yuzuyemwo urwanko, abakora ibintu vy’ububisha kubera kwinubana, abagirira nabi abandi kubera gusa badasangiye ubwoko hamwe n’intambara.

  •   «Ukudahuza kuri hagati ya Isirayeli na Gaza hamwe no kuba abantu basigaye bakunda ububisha kandi banka abandi, vyaratumye abantu bashira ku mbuga hwaniro amajambo yuzuyemwo urwanko kuruta uko bahora babigira.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The New York Times, ku wa 15 Munyonyo 2023.

  •   «Kuva itariki 7 Gitugutu, kwinubana vyaratumye amajambo yuzuyemwo urwanko be n’ububisha vyiyongera kw’isi kuruta uko vyahora.»​—Vyavuzwe na Dennis Francis, umukuru w’Inama nkuru ya ONU, ku wa 3 Munyonyo 2023.

 Kuva kera, hamye hariho amajambo arimwo urwanko, ububisha n’intambara. Nkako, Bibiliya iravuga ko hari abantu ba kera «[batumbereza] amajambo yabo mabi nk’imyampi,» kandi bagakunda intambara n’ubukozi bw’ikibi. (Zaburi 64:3; 120:7; 140:1) Yamara, Bibiliya irerekana ko kuba abantu basigaye bankana cane bifise insobanuro ikomeye.

Kuba abantu basigaye bankana birerekana igihe tubayemwo

 Bibiliya iravuga imvo zibiri zituma abantu bankana cane muri iki gihe.

  1.  1. Bibiliya yari yaravuze ko hogeze igihe «urukundo rw’abantu benshi [rugatimba].» (Matayo 24:12) Abantu muri rusangi, barakora ibintu bituma bankana aho gukundana.​—2 Timoteyo 3:1-5.

  2.  2. Ukuntu abantu basigaye bankana cane muri iki gihe birerekana ko boshwa na Shetani akoresheje amayeri hamwe n’ububisha bwiwe. Bibiliya ivuga ko «isi yose iganzwa na wa mubisha.»​—1 Yohani 5:19; Ivyahishuwe 12:9, 12.

 Naho ari ukwo, Bibiliya iravuga kandi ko Imana izokuraho ibintu vyose bituma abantu bankana. Vyongeye, izokuraho ingorane urwanko rwateje. Bibiliya isezerana ko:

  •   Imana «izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»​—Ivyahishuwe 21:4.